KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
  Kubera iki ibiganiro vya RTLM canke ikinyamakuru KANGURA ng'aha ku kirundi ku ngurukanabumenyi?

Nk'uko twabisiguye mu yandiko Kubera iki izindi ndimi ng'aha?, turongera turagira ico tubivuzeko mu yandiko Urundi Ruanda, ntibikwiye kubatangaza kubona ibintu bitari mu rurimi rw'ikirundi ng'aha ku kirundi ku ngurukanbumenyi.

Inyandiko Uwurizi ni uwaryise ijmabo! na yo irasigura neza impamvu ibiganiro vy'amacakubiri tubishira ng'aha ku kirundi ku ngurukanabumenyi.

Mu ruririmi rw'igifaransa bavuga ngo: Celui qui oublie les leçons de l'histoire est condamné à les revivre. Bishaka kuvuga ngo: Uwibagira ibibazo vya kahise ahanishwa no kwongera kubibamwo!

Amazina ya Kantano Habimana umunyamakuru wo kuri radio RTLM na Hassan Ngeze umwanditsi w'ikinyamakuru KANGURA (1990 - 1995) aravugwa cane iyo abantu bariko bavuga ku bwicanyi bw'ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda mu 1994.

Rero ibiganiro nk'ibi birafasha abantu kwiyumvira canke kwisomera ubwabo kahise katayunguruye kugira ngo bamenye ukuri kwuzuye binabafashe kwirinda kwongera kuba muri vya bibazo vya kahise.

Muze twishyime nshuti inkotanyi zashyize Imana ntirenganaya!
Muze twishime ncuti inkotanyi zashize Imana ntirenganaya!

 



  Kukera iki inyandiko, indirimbo canke ibiganiro bitari mu kirundi?

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 92 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...