KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Insigarirazina n'insigarirazina-ngereka ziri ubwoko icenda (9):

  1. muvugwa
  2. rugena
  3. nsanisha
  4. satunga
  5. gaharura
  6. gaharura gatondeshamurongo
  7. kabaza
  8. ntatanya
  9. rutanya

Uturorero:

  1. Bivuge mwebwe mwabibonye.
  2. Irya bwa irasara.
  3. Ubwatsi bwo mu nyovu.
  4. Umutima wawe ni mweranda.
  5. Umuntu umwe ni we Imana atanguye kurema?
  6. Umwaka wa gatandatu uragoye.
  7. Ufise inka zingahe?
  8. Inka n'intama vyose ni ibitungwa.
  9. Abantu bamwe barapfa (abandi bagakira).

Ido n'ido kuri buri nsigarirazina ni mu misi ya vuba cane!


  ITEGEREZE NEZA!


Insigarirazina-ngereka muvugwa irabaho?


Mu binjana vyose tumaze gusoma eka n'igitabu c'indimburo y'ikirundi twifashishije mu gutegura izi nyigisho z'indimburo y'ikirundi, bavuga ko amoko y'insigarirazina n'ay'insigarirazina-ngereka ari amwe, uretse ko insigarirazina-ngereka muvugwa itabaho.


Ng'aha ku Kirundi ku ngurukanabumenyi tubivugako iki?


Ng'aha ku kirundi ku ngurukanabumenyi, inyuma y'umwihwezo w'igihe kinini twakoze, dusanga insigarirazina-ngereka muvugwa ibaho.

Uturorero:

  • Jewe Bakame ndi agahambaye!
    Jewe ni insigarirazina muvugwa, ikaba igeretse kw'izina Bakame.
  • Mbega wewe Kagarara ko wama utera amahane!
    wewe ni insigarirazina muvugwa, ikaba igeretse kw'izina Kagarara.
  • Uyo murwâyi ntíyakurikije impanūro z'ábavūzi.
    ni insigarirazina muvugwa, ikaba igeretse kw'izina umurwâyi.

Twihweje ayo majambo twaciyeko akarongo musi dusanga yokwitwa insigarirazina-ngereka muvugwa kuko ageretswe ku mazina yasubiriye.


Wewe ubivugako iki?


Niba wipfuza guterera ivyiyumviro uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi canke ukaba ufise ikibazo canke ibibazo kuri uyu mugambi, canke kandi hakaba hari nk'amakosa wabonye turungikire ubutumwa bwanditse canke uduhamagare.

Murakoze!


  +61469365309

  info@ikirundi.org

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 140 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...