KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
© Aho twabikuye
F.M. RODEGEM, PATRIMOINE CULTUREL RUNDI, TOME XI, 1962
Ibi bisokozo tubisanga mu rukurikirane rugira 11 rw'inyandiko za Rodegem zijanye n'imico n'imigenzo vy'Abarundi "PATRIMOINE CULTUREL RUNDI (Tome XI - Le Rire et l'Humour)". Kubera ko ari vyinshi cane [pp. 53 - 104] kandi akanya dufise kaka ari gato cane, ntibishoboka ko tubibashiriraho vyose, ariko rero hinge tube turabahonja nakare ngo "Uwutárahera aba arahékenya".
  1. Abagore ba kera baheka abana neza nayo ab'ubu ntumbarire.
    - Ibigori bisimbije.
  2. Abageni ba kera ntibitwikira bundi.
    - Ibigori.
  3. Abakobwa bansanze ku mugina nti enda bakobwa nkirigita.
    - Inkumi y'inkenzi.
  4. Abakuru baraho baca imanza bunamwe.
    - Impfizi z'intama zirwana.
  5. Abambara ba Ruhinda bamabariye impeko mu kuzimu.
    - Ibiyoba.
  6. Abanyabuhura ntibubaka barahonjagira.
    - Umuyirwe w'ibigori.
  7. Abanyakigwa ntibubaka barahonjagira.
    - Amarenga.
  8. Abanyakirimiro ntibubaka barahonjagira.
    - Amajigo.
  9. Abatama ba kera baca imanza bunamye.
    - Imigondoro.
  10. Abatama ba kera baca imanza bunamye.
    - Imigondoro.
  11. Abazungu ba bujumbura bambaye ibirato bose.
    - Amavunja.
  12. Agacumu kanje mpungururabunyoni.
    - Inkono y'umurango ntirya umwe.
  13. Agacumu kanje runyura bisaka.
    - Umuravyo.
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 92 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...