KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

*

Ayo majambo aciye akarongo musi ni ingereka canke ingereka-nsigarirazina. Vuga bwoko bwazo.

  1. Benshi baramaze kumenya akamaro ku kunywa amazi meza.
  2. Benshi baramaze kumneya akamaro ko kunywa amazi meza.
  3. Umuvyeyi agucira inkoni ndende akagukubita ngufi.
  4. Umuvyeyi agucira inkoni ndende akagukubita ngufi.
  5. Abantu ni benshi bamaze kumenya akamaro ku nywa amazi meza.
  6. Abami bo basa ngo ni bo bavukana imbuto.
  7. Iyo nzoga ibabaza mu nda nka novu.
  8. Ayo mabi ni yo unyoye kandi atera indwara?
  9. Haje bake cane.
  10. Nipfuza ko mu Burundi horangwa amahoro masa.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 168 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...