KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
  ITEGEREZE NÊZÁ

Iki gicé si icó kwĭgīsha imvúgo kukó Abarŭndi böse ntibavuga amajāmbo yöse kumwé. Akarorero: Hari abavúga umugóre abăndi na bó bakavuga umugoré. Emmanuel Nkēngurutse Mr N yatégūye iyi nyandiko avuga umugoré.

Rēró intūmbēro y'ĭki gicé ni ukwĭgīsha utwâtuzo kugíra abāntu bamenyé ingéne bōkwāndíka ivyó būmvîse ku buryó umūntu abísomye yōbivugá nk'úwabívuze ubwā mbere.

Amajāmbo 9 y'îshímikiro mu kwătura

Abāntu bafise uburyó butāndúkānye bakorêsha mu kwĭga cânké kwĭgīsha utwâtuzo. Bumwé murí ubwo buryó ni ugukórēsha amajāmbo 9 y'îshimikiro mu kwătura.

Ijāmbo Agace k'îshímikiro Utŭndi turorero
umugabo gabo amaguru, ibarabara, ibiharage, amateke, umutamana
umutāma tāma umūntu, cāne, umurōngo, ishūri, ikīntu, ingōna
umwâna âna Imâna, urwâmo, urwânko, iryînyo, ijîsho, urûzi, inkôna, inzêgo
umwămi ămi ităbi, ivyămwa, icănsi, imănza, inzămba, umuzŭngu
umusóre sóre ishámi, itára, imbého, umutóbe, inkóno, inzóbe
umugoré goré umutwé, indomé, umugeré
böse böse bömpi, twëse, twëmpi
nêzá nêzá cânké, imêndé, inkôré
nīndé nīndé tōyí, cānké, ēgó, kēzá, vyīzá

Amajāmbo marēmare

Iyó urikó urâtura amajāmbo marēmare urahéza ukātura agacé kamwê kamwé ufátiye kurí aryá majāmbo 9 y'îshímikiro.

Uturorero:

ikirundi:

  • iki => iki (gabo)
  • rundi => rŭndi (ămi)
  • ikirŭndi

umushingantahe:

  • umu => umu (gabo)
  • shinga => shînga (âna)
  • ntahe => ntăhe (ămi)
  • umushîngantăhe

umushingamateka:

  • umu => umu (gabo)
  • shinga => shînga (âna)
  • mate => máte (sóre)
  • teka => tēká (nīndé)
  • umushîngamátēká
  ITEGEREZE NÊZÁ

Uko kwătura agacé kamwê kamwé ntŭvyitiranye nó gucâgagura amajāmbo kukó gucâgagura amajāmbo vyīsûnga ibicé vy'ámajāmbo (integûza, inyîtāngizo, itsítso, ingobōtozo, agasôzo, ...)

Aríko iyó wātúra, amajāmbo uyacamwó uducé wîsūnze amajwí, ugafatira kurí aryá majāmbo 9 y'îshímikiro.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 64 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...