KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi


Kuva aho biciye nyakwubahwa
Womengo Uburundi warabuvumye umuvumo
Ntibwigeze butora akoyoko
Bwateye busubira inyuma nk'ibirenge

Kukaba nkako n'abamugandaguye baracidagadura
Ekaye nta shirahamwe ndumva rigwanira agateka zina-muntu
Nta mboneshakure nta n'iradiyo
Nimiburiburi n'ibinyamakuru
Birajijwe ishinga no kumenyekanisha abishe nyakwubahwa

Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe

Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe

Barayamaze mu kirundi bati
Ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kurakara
Bamwe bizwi ko bakoze amaraso
Ni bo batanga icigwa mu vy'intwaro ibereye

Nariyumviye mu nsamirizi yiyita ijwi ry'abanyagihugu
Umushikiranganji wo kwivuna abansi
Wo ku ntwaro ya Micombero
Ikiganiro ciwe ni agahomerabunwa

Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe

Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe

Kubw'uyo mushikiranganji
Igihe yari ku butegetsi
Uburundi ngo bwari iparadizo
Ngo ntibwigeze bugwa mw'isanganya
Kandi inganda zirirwa ziratikira

Imyaka 50 y'ikinyoma cambaye ubusa
Ng'iki ikitugejeje ahatemba
Kitugejeje aho umwansi ashaka
Kidutuma abonse rimwe ducanacanamwo

Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe

Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe

Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe

Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe


Bahaga
Umuririmvyi
Burikukiye Prosper [BAHAGA]

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

Agahogo k'Abarundi
Indirimbo zo mu Rwanda (Inyarwanda)
Indirimbo zo muri Tanzania (Bongo Flava)
Izindi ndirimbo
*Lyrics = Amajambo y'indirimbo
Kurondera indirimbo

Mu kurondera indirimbo canke umuririmvyi rukana, wandika ijambo wibaza ko riri mu mutwe w'indirimbo urondera canke izina ry'umuririmvyi aho handitse «Rondera indirimbo ....», hanyuma ugaca ufyonda ku kamenyetso ko kurondera.

ITEGEREZE NEZA

Mu kurondera si ngombwa ngo wandike ijambo ryose. Urashobora kwandika agace (itsitso) kari mw'ijambo urondera.

Akarorero: Nk'ubu ushatse kurondera indirimbo zerekeye ijambo umukobwa, ha kwandika umukobwa andika gusa kobwa, duca tukurondera indirimbo zirimwo umukobwa, abakobwa, bakobwa, mukobwa, ... ⇒ Mukobwa ndagowe, Gakoni k'abakobwa, Bakobwa b'i Kigali, ...

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 56 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...