KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi


Abaryango bagakorana
Ngo bashaka gukosha
Umwana w'umukobwa
Bwarakeye kabiri
Arabamaramaza
Ntiyashaka kugenda
Kuri uyo mutama
Angana se amuvyara
Uyo murondo
Bamugira igicibwa

Nibaza ko ari mw'Ijuru
Yicaranye n'Abamalayika
Hambavu y'Abatagatifu
Arabona hano kw'isi
Abo bansi b'urukundo
Akwongorera Imana Data
Ati ntibazi ico bakora
Ntibazi ico bakora

Yanse guhemukira
Wa musore vyakundanye
Intambanyi yaronka
Agaheza akazitura
Umwamikazi w'urukundo
Ntibitevye na gatoya
Wa mukobwa utanka
Agatwara imbanyi
Uri wa musore
Aramwihakana

Nibaza ko ari mw'Ijuru
Yicaranye n'Abamalayika
Hambavu y'Abatagatifu
Arabona hano kw'isi
Abo bansi b'urukundo
Akwongorera Imana Data
Ati ntibazi ico bakora
Ntibazi ico bakora

Abantu igihugu
Basidukanye n'iyonka
Baja kuraba
Aho bamuta
Mu gisumanyenzi
Yarihweje abo bantu
Bamuciriye urubanza
Wa musore yamuhenda
Agwa mu gahundwe
Yapfuye atanishe

Nibaza ko ari mw'Ijuru
Yicaranye n'Abamalayika
Hambavu y'Abatagatifu
Arabona hano kw'isi
Abo bansi b'urukundo
Akwongorera Imana Data
Ati ntibazi ico bakora
Ntibazi ico bakora


Bahaga
Umuririmvyi
Burikukiye Prosper [BAHAGA]

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

Agahogo k'Abarundi
Indirimbo zo mu Rwanda (Inyarwanda)
Indirimbo zo muri Tanzania (Bongo Flava)
Izindi ndirimbo
*Lyrics = Amajambo y'indirimbo
Kurondera indirimbo

Mu kurondera indirimbo canke umuririmvyi rukana, wandika ijambo wibaza ko riri mu mutwe w'indirimbo urondera canke izina ry'umuririmvyi aho handitse «Rondera indirimbo ....», hanyuma ugaca ufyonda ku kamenyetso ko kurondera.

ITEGEREZE NEZA

Mu kurondera si ngombwa ngo wandike ijambo ryose. Urashobora kwandika agace (itsitso) kari mw'ijambo urondera.

Akarorero: Nk'ubu ushatse kurondera indirimbo zerekeye ijambo umukobwa, ha kwandika umukobwa andika gusa kobwa, duca tukurondera indirimbo zirimwo umukobwa, abakobwa, bakobwa, mukobwa, ... ⇒ Mukobwa ndagowe, Gakoni k'abakobwa, Bakobwa b'i Kigali, ...

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 19 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...