KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi


  1. CNDD-FDD INAMA Y'ABANYAGIHUGU,
    BAHARANIRA DEMOKARASI NYAKURI,
    MU GIHUGU KIGENGWA N'AMATEGEKO,
    ABARUNDI BOSE BUBAHIRIZWE;
    BISHIRE KANDI BIZANE MU GIHUGU C'AMAVUKIRO,
    BATUNGE BATUNGANIRWE MU VYABO NO MU BABO,
    ATA WANDYA CANKE WANGURA.

  2. CNDD-FDD IRONDERA INEZA YA BOSE,
    NTIKUMIRA IGOMBA UBUTUNGANE,
    UGUSABIKANYA MURI VYOSE,
    UMUTEKANO KURI BOSE;
    KUGIRA BENE BURUNDI BOYE KWAMA BICWA,
    KANDI ATACO BAZIRA BANGAZWA NK'IBIKOKO,
    ABARUNDI TURAVYANSE.

  3. CNDD-FDD IRONDERA INTWARO,
    ISUBIZA IJAMBO ABANYAGIHUGU,
    HAKABONEKA INDONGOZI,
    ZIBIKWIYE KANDI Z'IMVUGA KURI;
    ZEMERA UBUTEGETSI BUCIYE MU MATORA,
    ABARUNDI BAKARONGORWA N'ABO BITOREYE,
    ATA GIKENYE N'AGAHOTORO.

  4. CNDD-FDD NI WEWE TWIZIGIYE,
    USUBIZE ITEKA ABARUNDI,
    URWANYE IKINYOMA N'AKARENGANYO,
    AKAGAYE BE N'UGUHEMUKA;
    IRAGI TWASIGARANYWE N'INCUNGU ZA DEMOKARASI,
    RWAGASORE NA NDADAYE BIGUZE ABARUNDI BOSE,
    MUZE TWESE TURIGENDERE.

  5. CNDD-FDD MIZERO Y'ABARUNDI,
    NTA N'UMWE ATOGUSHIMA,
    IMIGAMBI YAWE IBEREYE UBURUNDI,
    ABARUNDI ISINZI TUKURI INYUMA;
    N'UKOMERE MU BAWE WE RUKIZA RW'ABARUNDI,
    TUGUHAYE URABIKWIYE KU MIGAMBI YAWE MYIZA, CNDD-FDD.

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

Agahogo k'Abarundi
Indirimbo zo mu Rwanda (Inyarwanda)
Indirimbo zo muri Tanzania (Bongo Flava)
Izindi ndirimbo
*Lyrics = Amajambo y'indirimbo
Kurondera indirimbo

Mu kurondera indirimbo canke umuririmvyi rukana, wandika ijambo wibaza ko riri mu mutwe w'indirimbo urondera canke izina ry'umuririmvyi aho handitse «Rondera indirimbo ....», hanyuma ugaca ufyonda ku kamenyetso ko kurondera.

ITEGEREZE NEZA

Mu kurondera si ngombwa ngo wandike ijambo ryose. Urashobora kwandika agace (itsitso) kari mw'ijambo urondera.

Akarorero: Nk'ubu ushatse kurondera indirimbo zerekeye ijambo umukobwa, ha kwandika umukobwa andika gusa kobwa, duca tukurondera indirimbo zirimwo umukobwa, abakobwa, bakobwa, mukobwa, ... ⇒ Mukobwa ndagowe, Gakoni k'abakobwa, Bakobwa b'i Kigali, ...

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 106 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...