KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

  DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 2, p. 18

  • Mbega wa sazi waje gukora iki mu nzu yanje?
  • Sinabimenye yuko ari inzu, nagiye mbona mfatwa ntazi ikimfashe. Ntabara undeke, ntaco nakwivye. Sinzi ico umpora.
  • Umve ivyo umfwangagurako. None abana banje nasize aho, bari hehe? Ntuhava ntababonye, uno musi twe na we turahigura.
  • Ni ukuri hakaba abana bawe nahasanze. Mbe twapfa iki n’ivyo bibondo? Erega naje ndi umuvyeyi.
  • Kumbura wemere ivyo ndakubariye, aho uhakurwa n’abagabo.
  • Pfuma undekura ho, nje kukuronderera abana bawe.
  • Ndagufature, ariko ubandonderere ubaronka. Genda uriruka, ndakurindiriye aha. Ni utabazana turabonana!
  • Wewe ukaja kwubaka mu nzira y’abahita! Kazima umfatuye, ugasubira kumbona, uragira uti bene sazi ntibavyaye.
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 318 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...