KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Atura iri jāmbo
ikintu
Inyishú yāwe yīyandika aha

Iyó ufyōnzé kurí ako kamenyētso haca háboneka idírisha rirímwo indomé n'ûtwâtuzo kugíra ubāshe kwāndika inyishú.

Ushâtse gufuta urudomé waheréjekó kwāndika, ufyōnda ku kāmpi karābá inyuma ().

Iyó ufyōnzé kurí ako kamenyētso duca túgukosōra. Turakumenyēsha kó inyishú yāwé arí yo cânké atarí yo.
Ufyônze kurí ako kamenyētso duca túguha irĭndi jāmbo ryó kwătura.

ITEGEREZE NÊZÁ

Hari impămvu nyamúkuru zitatu zishobóra gutúma túvuga kó inyishú yāwe atarí yó:

Impămvu yā mbere ní ukó bishobóka kó iyo nyishú yāwe atarí yó!

Impămvu ya kábiri: Birashóboka kó twīhênze, nakare bavuga ngo ntāwudáhugá! Nĭba wîbaza kó ari uko vyāgēnzé wōtwāndikira kurí info@ikirundi.org cânké ukadúhamagara kurí +61469365309 kugíra ubitúmenyēshe.

Impămvu ya gátatu ní ukó Abarŭndi böse batavugá amajāmbo yöse kumwé. Akarorero: Hari abavúga umugóre abăndi na bó bakavuga umugoré. Emmanuel Nkengurutse Mr N yatégūye iyi myîmenyerezo avuga umugoré. Nĭba rēró twâvuze kó inyishú yāwe atarí yó kăndi arí yo kubêra iyi mvo ya gátatu uraheza utwĭhāngānire. Igikurú sí ukuvúga nka Mr N ahŭbwo ni ukumenya gukórēsha utwâtuzo nêzá :)

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 48 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...