KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Kuvuga igishegu mu mico y'Abarundi

Mu mico n'imigenzo myiza vy'Abarundi iyo umuntu avugira ku mugaragaro canke ahari abana imvugo irimwo ibihimba vy'irondoka (ibitsina) canke ibijanye no kurangura amabanga y'abubatse (guhuza ibitsina) n'ibindi bijanye na vyo, biboneka ko uyo muntu ata ndero afise. Imvugo nk'iyo bakunze kuyita imvugo y'ibiterasoni, ibishegabo, ibishegu (igishegu), imvugo y'abungere, n'ibindi... Kenshi na kenshi iyo abantu batishimiye umuntu ariko aravuga igishegu aho bitabereye (nk'imbere y'abakiri bato canke abapfasoni), hari aho bamuvumagura canke bakamutukagura ngo:

  • Erega niwisonere!
  • Mbe wewe nta soni ufise?
  • Mbega wewe nta soni ivyo bintu uvugira mu bana!
  • Uyo mugabo arashira isoni!
  • Mbega umugore ashegura!
  • N'ibindi n'ibindi...

Kukabankako, ikintu cose kigira umwanya waco kandi kikagira n'aho kivugirwa canke gikorerwa.

 
Muri make, kuvugira ibishegu ku mugaragaro canke mu bana ni ingeso mbi! Imvugo nk'iyo ntiranga Umurundi w'imico myiza, yarezwe runtu, afise indero kavukire.

Ni ryari abantu bakunze gukoresha imvugo z'ibishegu?

Imvugo z'ibishegu zikunze kugararagara mu ndahiro, mu nkato no mu bitútsi (imikómo).

Indahiro
Nk'uko twatanguye tuvuga ko ibishegu ari imvugo iteye isoni, mu mico y'Abarundi, barakunda gukoresha iyo mvugo mu ndahiro zabo, kugira bagaragaze ko ivyo bavuga ari ukuri. Nk'akarorero, umugabo akitora akavuga ngo "Ndakenda mama!". Urumva ko biteye isoni, ariko ico aba ashatse kwumvisha ni uko mu gihe ivyo arahiriye bitoba ari ukuri, vyoba bimaramaje gusumba kwenda nyina.

Inkato (urukato)
Ni indirimbo zirimwo amajambo y'ibishegu bakunda cane kuririmba nk'iyo bari mu bikorwa biruhisha canke bari mw'ikarashishi (siporo). Muri kamere y'abagabo canke abagore bakunda ibishegu, kuririmba inkato bituma biyumva neza, bakagira ingoga zo kubandanya bakora ivyo barimwo batinona uburuhe bibatera. Inkato kandi zikunzwe kuririmbwa n'abasoda bariko bariruka mu misozi, bari mw'ikarashishi, bákīzūra.

Ibitútsi (imikómo)
Aha ho nkeka vyokumvikana kuko musanzwwe muzi ko uwugutuka atagutorera. Iyo rero umuntu ushaka kumutuka ukamukomesha, hari igihe bishika ukiyambaza ya mvugo iteye isoni y'ibishegu. Murumva ko iyo ngeso yo gutukana atari indero runtu y'Abarundi barezwe neza.

Gukoresha imvugo mbabariramatwi

Nk'uko twatanguye tubivuga aho hejuru, Abarundi b'indero runtu ntibavugira ku mugaragaro canke mu bana imvugo iteye isoni. Iyo bibaye ngombwa ko bavuga ivyerekeye ibitsina, kurangura amabanga y'abubatse canke n'ibintu bishobora kutanyura amatwi y'uwuriko aravyumviriza, baraheza bagakoresha imvugo ikikira ico bashatse kuvuga ntibakidomeko urutoke yamara ubutumwa bugatangwa neza kandi ntibinatere amadidane ku muntu amenyereye imvugo y'Abarundi.

Uturorero

  • Nk'iyo mu rugo bitagenda neza, umugabo adatunganya neza rya jambo ryo mu cumba, umupfasoni wiwe iyo bishitse akidoga ntaheza ngo adudurireko ikitagenda neza, arashobora kwivugisha ngo: Jewe umugabo wanje, ndasasa ariko ntaryama, ndateka ntarye,...
  • Mu ruririmbo rwa Jean Christophe Matata Nyaranja   aragira ati: "Ejobundi nahuye n'inkumi igenda yidodomba, nti: 'Mama ko uri mwiza urizwa n'iki?' Ivyo yambwiye ni agahomerabunwa. Ngo umugabo iyo atashe ngo agera mu busaswa akamuha umugongo kandi umugongo uhanda, iyo nkumi ikarira, ikarira yemwe ikarira, ngo erega data uramenya sinaje nkurikiye ibigori no kwa dawe nasize vyeze, naje nkurikiye ibingoye, nyaranja... Hindukira nyabuna tuvyaranje."
  • N'ibindi n'ibindi...

Muri utwo turorero duhejeje gutanga urumva ko naho ubutumwa butadomako urutoke ku vyo baba bashatse kuvuga, uwuba ari n'amatwi yo kwumva arumva ico bamubwiye. Nakare ngo habwirwa benshi hakwumva bene vyo.

 
Muri make, iyo umuntu akoresheje imvugo ikikira, akirinda gukoresha amajambo y'ibishegu canke amajambo ashobora gukomeretsa canke gutirimutsa abariko baramwumviriza, yamara agashikana ubutumwa neza, birerekana ubumenyi bw'ikirundi n'indero kavukire nziza y'Abarundi barezwe runtu. Imvugo nk'iyo bayita imvugo mbabariramatwi.

Imvugo mbabariramatwi ntikoreshwa gusa mu kwirinda kuvuga ibishegu kuko hari n'izindi mvugo zibishe kwumva bivanye n'aho abantu bari canke n'ico bariko barakora. Uturorero: Kwiherera, kwihagarika, amazirantoke, kurwara umugongo, n'ibindi...

Kubera iki igishegu ng'aha ku kirundi ku ngurukanabumenyi?

Umwe mu bakunzi b'ikirundi ku ngurukanabumenyi yagaragaje impungenge z'igishegu ng'aha ku kirundi ku ngurukanabumenyi. Umva ivyo yatwandikiye ku bijanye n'imyibutsa y'abakuze:
  Kubera ko urwaruka rwa none womenga vyose birarekuwe, ntirwokwibanga kuyikoresha igihe rwoyimenya ariko kandi umuntu abiravye, si iyikwiye gukoreshwa mu biganiro vya buri mwanya na cane cane dufatiye ku migenzo y'ikirundi, twoyihebera abakénya (abungere). 
Umukunzi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Tubivugaho iki?
  Kumenya igishegu (imyibutsa y'igishegu, inkato, imikomo, ibitutsi, n'ibindi,...) ni kimwe mu vyerekana ko umuntu asobanukiwe neza n'ibijanye n'imico, n'imigenzo, n'ururirmi vy'abantu kanaka. Ntawovuga ngo arazi ikirundi canke ngo arafise ubumenyi bukwiye ku bijanye n'imico n'imigezo vy'Abarundi mu gihe yoba atazi igishegu. Naho biri uko, kumenya igishegu ntibisigura kuvyiriza mu kanwa n'aho bidakenewe!  
Ikirundi ku ngurukanabumenyi

 

Nk'uko twafashe umwanya tubiganirako aho hejuru, igihe cose ibishegu bikoreshejwe hariho abana, canke abana ubwabo bakabikoresha, ni ingeso mbi cane ikwiye kwirindwa. Ni na yo mpamvu ukunze gusanga bavyita imvugo y'abakuze.

Murahava muvuga muti none ko «intūmbēro nyamúkurú y'íkirŭndi kū ngurukanabumenyi arí ugutêza imbere ururími rw'íkirŭndi hamwé n'ímicó kāmá n'ímigēnzo myīzá vy'Ábarŭndi», ntimubona ko gushira igishegu ng'aha harimwo agahaze? Inyishu ni oya kubera impamvu zitandukanye:

  • Kumenya igishegu (imyibutsa y'igishegu, inkato, imikomo, ibitutsi, n'ibindi,...) ni kimwe mu vyerekana ko umuntu asobanukiwe neza n'ibijanye n'imico, n'imigenzo, n'ururirmi vy'abantu kanaka. Ntawovuga ngo arazi ikirundi canke ngo arafise ubumenyi bukwiye ku bijanye n'imico n'imigezo vy'Abarundi mu gihe yoba atazi igishegu. Naho biri uko, kumenya igishegu ntibisigura kuvyiriza mu kanwa n'aho bidakenewe!
  • Ariko naho biri uko, za mpungenge z'uko bishobora kuyovya abakiri bato ntizibura. Ku bw'iyo mpamvu twaragerageje kunyegeza amayagwa arimwo ibishegu ku buryo ata muntu ashobora kubigwako giturumbuka ngo abibone atavyishakiye we nyene. Imbere y'uko abibona, umuntu abanza kwemeza ko ashaka kubiraba ubwiwe nyene ata gahato.
  • Ikindi twobamenyesha ni uko inyigisho zijanye n'amabanga y'abubatse zikenewe ku rwaruka kandi ziranigishwa mu mashule yisumbuye. Urumva rero ntiduciye inka amabere. Nakare ntawuca umugani umwana asinziriye!
 
Rwaruka, mwirinde gukoresha ubumenyi muronka ng'aha canke mu mashule aho mwiga mu nzira zitari nziza! Nimumenye ko imvugo itarimwo urupfasoni idakwiye gukoreshwa kandi ko itaranga Abarundi b'indero runtu.
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 156 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...