KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 6, p. 34-35

Bayaga ashitse, asanga nyina ariko arakora udukorwa tw'i muhira umwana ariko ararira. Bayaga aba aratonora igitoke, nyina na we azengazenga umwana, amuhoza:

Hora hora nkwinginge
Imana yakumpaye
Icompa tugahura
Tugahura buhure
Nopfukama nkayisenga
Nkayisega ibibondo
Nkayisasira Ruvuzo
Nkayorosa Birenzi.
Huuum mama, huuum!

Hora, hora nkwinginge
Abana baringingwa
Hora murima w'isangi
Dusangiye n'Imana
Hora katabona bose
Iyo kaba kabona bose
Nta wuba aruta uwundi.
Huuum mama, huuum!

Hora, hora se kibondo
Hora se ndakwinginge
Wanshize mu bavyeyi
Kera narabatinya
Nari imfyisi, nari intambwe
Nari gati ka Waga
Kuma kakisenya.
Huuum,mama, huuum mama!

Hora nkwime mukaso
Mukaso gikoko
Yogutuma kuvoma
Mu mvura y'igitondo
Ivyimvya umutima umwana
Ubusage bugatunda.
Huuum mama, huuum!

Hora kavorivori
Hora kavamukondo
Ka nyina w'umwana
Hora nkujane kwa so
Kwa so atari sowanyu
Ni we amenya inkongoro
Inkongoro ihoza abana.
Huuum, mama, huuurn!

Hora munyinya w'ingara
Wugamamwo abavyeyi
Hora se ndakwinginge
Hora, hora se kibondo
Kera naca mu canzo
Icanzo gica umugongo
None nca mw'irembo.
Huuum, mama huuum!

Hora se gatutu kanje
Kugamwa nabavyeyi
Ingumba zikijirwa.
Huuum, mama, huuum!

Hora, hora bura bwanje
Hora nkwime mukaso
Yogutuma gusenya
Mu mvura y'igitondo
Ubusage bugatunda.
Huuum, mama, huuum!

Yamuhojeje kuva kera, umwana arateba arasinzira.

Insiguro y'amajambo agoye
  • Waga: izina ry'uruzi.
  • Gati ka Waga: bashaka kuvuga ko umuvyeyi ataravyara aba ari inyakamwe.
  • Kavorivori: ni akajambo umuvyeyi akoresha mu guhoza umwana kerekana urukundo amufitiye.
  • Umunyinya: ubwoko bw'igiti gifise amahwa n'amashami menshi ategeye hejuru.
  • Ingara: ni amashami y'umunyinya ateze araba hejuru.
  • Munyinya w'ingara: umuvyeyi iyo yibarutse umutima uraja hamwe, umwana akaba amukingiye uruvugo.
  • Bura bwanje: bashaka kuvuga yuko ari we yamwibarutse.
  • Gutunda: gukanya cane (ubusage burajoba, bugakanya, bugafatana).

 

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 503 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...