KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Inshozi z'ivyiyumviro ni: ni, si, nta, ata, ng'+ins. rugena, ingo, hogi, ngaho (ngwaho), hinge, umengo.

Uturorero

  1. Uyu musi ni ku wa gatanu.
  2. Nta nyambo iburaa agahonzi.
  3. Hogi genda baraguhamagaye.
  4. Hinge nze tujane.
  5. Ushengera ata mpamba ugashenguruka ata jambo.
  6. Ng'aya amategeko mashasha y'ishure.
  7. Ubuzima si ugufyina.
  8. Ingo tujanae mw'isoko.
  9. Ngwaho inka ziragucako.
  10. Umengo araje.

Dúfatiye kurí utwo turorero duca túbona kó inshōzi zöse zidafisé agacîro kamwé.


  1. Inshozi ni na si womengo ni irivuga -ba mu kwemera no mu guhakana, umuvugwa wa gatatu mu rudende canke mu bwinshi. Ariko rero si vyo, kuko tuzi neza ko irivuga -ba rihadikirizwa:

    mba /n - ba - a /
    uba /u - ba - a/
    aba /a - ba - a/
    tuba /tu - ba - a/
    muba /mu - ba - a/
    baba /ba - ba - a/

    simba /si - n - ba - a /
    ntuba /nti - u - ba - a/
    ntaba /nti - a - ba - a/
    ntituba /nti - tu - ba - a/
    ntimuba /nti - mu - ba - a/
    ntibaba /nti - ba - ba - a/

    Uwundi mwanya wogira ngo ni irvuga -ri. Naho nyene si vyo, kuko irivuga -ri rirahadikirizwa:

    ndi /n - ri/
    uri /u - ri/
    ari /a -ri/
    turi /tu - ri/
    muri /mu -ri/
    bari /ba -ri/

    sindi /si - n - ri/
    nturi /nti - u - ri/
    ntari /nti - a -ri/
    ntituri /nti - tu - ri/
    ntimuri /nti - mu -ri/
    ntibari nti - ba -ri/

    Naho ni na si atari amavuga igikorwa cazo cama ari karānzi. Ni co gituma tuzita inshōzi karānzi.

    • ni = inshozi nyemezi
    • si = inshozi mpakanyi

    Mu ryungane Uyu musi ni ku wa gatanu, ni ni inshōzi nyémezi karānzi y'íryŭngāne.

  2. Inshozi nta na ata mu vy'ukuri zama zirongoye izina canke insigarirazina canke kigenze k'irivuga canke rwitirirwa. Kandi vyongeye zose ni inshozi mpakanyi.
    Mu ryungane Nta nyambo ibura agahonzi, nta ni inshozi mpakanyi irongoye izina inyambo.

  3. Inshozi ng'+ins. rugena na yo igikorwa cayo ni ico ukwerekana insigarirazina igeretsweko.
    Mu ryungane Ng'aya amategeko mashasha y'ishure, ng'aya ni inshozi yo kwerekana; ng' igeretswe ku nsigarirazina aya

  4. Inshozi ingo, hogi (hoji), ngāhó (ngwāhó), hinge zimeze nk'amavuga ari muri rubwiriza, kuko zerekeye uwubwirwa canke ababwirwa gusa. Ni inshozi rubwiriza. Zishobora kuba karanzi canke mperekeze.

    Uturorero:
    • Ngwaho inka: Ngwaho ni inshozi rubwiririza, karanzi y'iryunagne.
    • Hinge nze tujane: Hine ni inshozi rubwiriza, iherekeje irivuga nze.

  5. Inshozi umengo ni inshozi y'ugukekereza, iherekeza amavuga canke izindi nshozi.
    Nko mu ryunagne Umengo araje, umengo ni inshozi y'ugukekereza, iherekeje itivuga araje.

Aho twabikuye
Indimburo y'ikirundi
UBUSHIKIRANGANJI BW'INDERO
IBIRO VYASHINZWE INYIGISHO
MU MASHURE YISUMBUYE
B.P. 2990
BUJUMBURA

INDIMBURO Y'IKIRUNDI

BUJUMBURA,
NZERO, 1984
Umugwi w'ábashîngwakírŭndi
wó mu biro vyăshīnzwe
inyígīsho mu mashŭre yīsûmbuye.

Ibindi twifashishije
  1. IBINJANA
  2. Inyandiko ya NTIBITANGIRA Philbert iri kuri 'Wikipedia': Ikirundi

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 182 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...