KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

  Kubera iki igishegu ng'aha ku kirundi ku ngurukanabumenyi?
Kumenya igishegu (imyibutsa y'igishegu, inkato, imikomo, ibitutsi, n'ibindi,...) ni kimwe mu vyerekana ko umuntu asobanukiwe neza n'ibijanye n'imico, n'imigenzo, n'ururirmi vy'abantu kanaka. Ntawovuga ngo arazi ikirundi canke ngo arafise ubumenyi bukwiye ku bijanye n'imico n'imigezo vy'Abarundi mu gihe yoba atazi igishegu. Naho biri uko, kumenya igishegu ntibisigura kuvyiriza mu kanwa n'aho bidakenewe!
Ikirundi ku ngurukanabumenyi

Ido n'ido, soma iyi nyandiko  AMAYAGWA Y'ABAKUZE - ITEGEZE NEZA!

Urashaka kuraba imyibutsa y'abakuze?

Oyaye, nta bishegu nkeneye!
Egome, nyereka imyibutsa y'abakuze.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 109 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...