KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

 

Ibihugu vy'Uburundi* n'Urwanda* ni ibihugu bitandukanye ariko bifitaniye isano rinini cane. Ibi bihugu bifise ivyo bihuriyeko vyinshi cane vya kahise, imico n'imigenzo, amoko, ururimi, n'ibindi. Umurundi yovuga ngo ntiyumva ikinyarwanda canke Umunyarwanda yogira ngo ntategera ikirundi, boba bariko barirengagiza, ivyo bita kwigiza nkana mu kinyarwanda. Umuntu yovuga ko Uburundi n'Urwanda ari amahasa (impanga mu kinyarwanda) ntiyoba yihenze.

Mu gihe c'ubukoloni bw'abazungu, bino bihugu vy'Uburundi n'Urwanda babitegekera hamwe, bakavyita Ruanda-Urundi (Urundi-Ruanda).

Iyi nkuru ikurikira iratwiganira inkomoko y'iri zina “Urundi” abazungu bakoresha muri kirya gihe c'ubukoloni bashaka kuvuga Uburundi. Mu vy'ukuri nta cemeza gihari ko ari ukuri kwuzuye, ariko rero ngo “Umugani ugana akariho” kandi ngo “Umugani ntuva ku giti uva ku muntu”.

Mu bihe vya kera ngo umwami w'Urwanda yarategeka n'Uburundi, n'umwami w'Uburundi nyene agategeka Urwanda. Ngo umusi umwe rero umwami w'Urwanda yariko aratembereza umuzungu (umukoloni) amwereka uturere dutandukanye. Bageze ku mupaka w'Urwanda n'Uburundi, umwami araheza aramwereka aho Urwanda rugarukira, amwereka no hakurya yarwo agira ati: “Uru ni u Rwanda, ruriya ni urundi”. Mu gihe umwami yashaka kuvuga ko Uburundi ari urundi Rwanda, umuzungu we yategereye ko igihugu umwami ariko aramwereka ko citwa “Urundi”.

Si je nohahera...

Ariko rero naho vyari bimeze uko, umubano w'Uburundi n'Urwanda ntiwamye ari mwiza ibihe vyose. Ba bandi ngo “Nta vyera ngo de”, rimwe na rimwe karacamwo ibere rikayaga ayo mahasa agatana mu mitwe. Hariho n'imvugo igira iti: “Aho Uburundi n'Urwanda vyarwana, uwo umutima utasimvye, ni uko ata wo yari afise”. Imwe muri izo ntambara zabaye hagati y'Uburundi n'Urwanda ni iyabereye mu ntara ya Kirundo, mu bihe vya kera, aho Umunyarwanda yaherewe icigwa c'intambara n'Umurundi. Ni na ho izina "Kirundo" ryakomotse*.

Muti rero duga kw'ijambo!

Muri make, nk'uko natanguye ndabivuga aho hejuru Uburundi n'Urwanda ni nk'amahasa. Ni co gituma iyo umuntu ariko aravuga ivy'Uburundi, kahise, imigani n'imyibutsa, imico, imigenzo, amoko y'Abahutu, Abatutsi n'Abatwa usanga n'Urwanda atorusiga inyuma.

Ku bw'izo mpamvu duhejeje kudondagura, ntibize bibatangaze cane mugiye murabona inkuru, imigani, indirimbo n'ibindi vyinshi vyereye Urwanda n'ikinyarwanda naho intumbero nyamukuru y'«Ikirundi ku ngurukanabumenyi» ari «uguteza imbere ururimi rw'ikirundi hamwe n'imico kama n'imigenzo myiza vy'Abarundi».

Si n'ikinyarwanda gusa, ahubwo no kubahembera ikinyamazuru (igifaransa) canke n'izindi ndimi nk'icongeleza, igiswahili,... ntituzobura kubashiriraho ivyo vyose tubona bishobora kubafasha gusongora ubwenge.

Murakoze!


  Itegereze neza!

* Mu kinyarwanda bandika: u Rwanda, u Burundi, ...
* Mu kirundi, barabifatanya: Urwanda, Uburundi, ...

* Inkomoko y'izina Kirundo uze ubaze abazi kahise (amateka) bazokuyagira, nakare ngo "Ugenda utabaza ugasaza utamenye".


KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 160 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...