KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Imyanya y'imivugire ni indwi (7):

  1. Kubu
  2. Kahise k'impitakivi
  3. Kahise k'indengagihe
  4. Kazoza
  5. Gashobozi
  6. Gashozi
  7. Gahombezi

Imenyetso z'imyanya ari zo ndobeko z'imyanya


UMWANYA WA KUBU: -

Umwanya wa kubu nta menyetso ugira. Ntiwitiranye indobeko ra y'imero nshimitsi n'imenyetso y'umwanya.

Uturorero:

  • Dukora hanini uyu musi.
    /tu - kor - a/
  • Dukoze.
    /tu - kor - ye/
  • Turakoze pe!
    /tu - ra - kor - ye/

Uwo mwanya hari aho werekana iciyumviro ca kazoza ka hafi.

Uturorero:

  • Ku mugoroba dukora ng'aha.
    /tu - kor - a/
  • Ku mugoroba turakora ng'aha.
    /tu - ra - kor - a/

UMWANYA WA KAHISE K'IMPITAKIVI: -ā-, -á-

Uturorero:

  • Kare twākoze nêzá.
    /tu - a - kor - ye/
  • Kare twākora nêzá.
    /tu - a - kor - a/

Mu mero nshimitsi hariho indobeko nshimitsi a.

Uturorero:

  • Kare twākóze.
    /tu - a - a - kor - ye/
  • Kare twākóra.
    /tu - a - a - kor - a/

Mu muvugire wa rwitirirwa, indobeko y'uwo mwanya ni á.

Akarorero:

  • Abăkoze.
    /a - ba - á - kor - ye/

UMWANYA WA KAHISE K'INDENGAGIHE: -á-

Uturorero:

  • Kĕra twăkoze nêzá.
    /tu - á - kor - ye/
  • Kĕra twăkora nêzá.
    /tu - á - kor - a/

UMWANYA WA KAZOZA: -zō-, -zô-, -rō-, -rô-

Uturorero:

  • Tuzōgenda kumuramutsa.
  • Turōgenda kumuramutsa.

UMWANYA WA GASHOBOZI: -ō-, -ŏ-

Uwo mwanya werekana ko igikorwa gishobora kurangurwa ariko kitararangurwa.

Uturorero:

  • Aho twōkorá.
    /tu - ō - kor - a/
  • Uwŏkóra.
    /u - u - ŏ - kor - a/

UMWANYA WA GASHOZI: -rā-, -râ-

Uwo mwanya werekana ko igikorwa kitarakorwa ariko cimirijwe gukorwa.

Akarorero:

  • Ugira ngo turâkóra.
    /tu - râ - kor - a/

UMWANYA WA GAHOMBEZI: -ki-, -kí-, -câ-

Uturorero:

  • Turacâkóra.
    /tu - ra - câ - kor - a/
  • Abagíkora.
    /a - ba - kí - kor - a/

Aho twabikuye
Indimburo y'ikirundi
UBUSHIKIRANGANJI BW'INDERO
IBIRO VYASHINZWE INYIGISHO
MU MASHURE YISUMBUYE
B.P. 2990
BUJUMBURA

INDIMBURO Y'IKIRUNDI

BUJUMBURA,
NZERO, 1984
Umugwi w'ábashîngwakírŭndi
wó mu biro vyăshīnzwe
inyígīsho mu mashŭre yīsûmbuye.

Ibindi twifashishije
  1. IBINJANA
  2. Inyandiko ya NTIBITANGIRA Philbert iri kuri 'Wikipedia': Ikirundi

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 45 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...