KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
  Ŭbona utwo tumenyētso túmugōra yōducá mūnsí agasoma indóme yaményereye, mugábo tuzōtānguranwa ndamutănge ku cîyumvīro. 
Pādíri J.-B. NTAHOKAJÁ
Ntahokaja
Pādíri J.-B. NTAHOKAJÁ

INSÍGŪRO Y’ÛTWÂTUZO (J.-B. NTAHOKAJÁ)

Ikirŭndi ntíkirândikwa nk'ûkó kivugwá. Indóme twĭgiye kó gusoma ntízări zâgenewe kwāndika ururími rwâcu, hari hó agaháze. Mu gusoma ikirŭndi hári akāntu twīyóngerera kó uwŏkāndika vyōkwôroha gusūmba ntitúbe túkididīnganya nk'ütâzi gusoma cânké atūmvá icó avugá. Uwo twâtuzo ntimúbone gúrtyo sí na twînshi, ntitugōye imenyēra, ni dutānu tutarēga, rābire aha:

  1. Umutāma, umurōngo, ishūri; ako gakwēgo kērekana ijwí rirāndîra mugábo ritadūgá.

  2. Umusóre, ishámi, umutwé; ako gakágo kaja kw'ījwí ryīrása hējuru, ritarāndîra.

  3. Umwâna, urwâmo, igicâniro; ako gakōfēro kērekana ijwí ryīrása, ryīhînga rîmanuka.

  4. Umwămi, ităbi, ivyămwa; ako gatemére gateretse kw'ījwí ryīhînze rídūga

  5. Böse, twëse, twëmpi; utwo tuburûngu tubiri twērekana ijwí ridūgá rikamana mu kirëré. Tudushira nó kurí n ngo tuyităndukānye na ny: amenye umubĭndi, amenye icĭgwa; urusâto rukanyé, amâzi akanyé.

Amajwí arí ku rugero rusānzwé, atarāndîra, atadūgá, atamanúka ntâ kâtuzo akenéye: umugabo, ikirago, inzu, inzira. Utwâtuzo dukenewe cānecāne mu mivugíre y'ámavuga nó mw'īfátanya ry'ámajāmbo.

Ŭbona utwo tumenyētso tûmugōra yōducá mūnsí agasoma indóme yaményereye, mugábo tuzōtānguranwa ndamutănge ku cîyumvīro.

 

J.-B. NTAHOKAJÁ, Imigēnzo y'íkirŭndi, 1978, urup. 2

HTML
é é
è è
ê ê
ë ë
ñ ñ
-
-
Ā Ā
ā ā
Ă Ă
ă ă
Ē Ē
ē ē
Ĕ Ĕ
ĕ ĕ
ě ě
Ī Ī
ī ī
Ĭ Ĭ
ĭ ĭ
Ō Ō
ō ō
Ŏ Ŏ
ŏ ŏ
Ū Ū
ū ū
Ŭ Ŭ
ŭ ŭ

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 72 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...