KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

a, e, i, o, u.
1. akaburungu .
2. agakwabu ,
3. utuburungu tubiri duhagaze :
4. kaburungu kuri gakwabu ;
5. twa mugina « » canke " "
6. kabaza ?
7. gatangazi !
8. agakwego -
9. utuzitizo ( )
10. ngezaho ...


Muramenye:
Agakwabu ko hejuru (apostrophe) ni ako gutandukanya amajambo abiri igihe irya mbere ari akagetugetu.

Uturorero: inkono y'itabi, ibikoko vyo mw'ishamba, amazi yo kw'iteke.

Nta gakwego rero kazosubira gukoreshwa mu gutandukanya bene ayo majambo.

A Urudome rukuru rukoreshwa mu gutangura iryungane, inyuma y'akaburungu, ya kabaza na gatangazi no hagati ya twa mugina.

B Rukoreshwa kandi mu gutangura izina ry'uruharo.

C Ingorane zimwezimwe:

  1. Ukwigisha ikirundi, igifaransa, icongereza.
    Amazina y'indimi tuyafata nk'amazina y'urusangi, ni co gituma atangurwa n'urudome rutoyi.
  2. Abarundi, Abanyarwanda, Ababirigi, Abanyamerika.
    Izina ry'abanyagihugu rifatwa nk'iry'uruharo igihe bafatiye hamwe bose ata kubaharura.
    Uturorero: Abarundi benshi barize, Ababirigi bamwebamwe bavuga igifaransa.
  3. Twari kumwe n'umurundi umwe, abanyarwanda babiri hamwe n'abanyamerika icumi na bane.
    Ngaha harimwo uguharura, ni co gituma izina ry'abanyagihugu rica rifatwa nk'iry'urusangi.
  4. Igihugu c'Uburundi, ca Kongo. Intara ya Afirika, y'Uburaya.
    Amazina y'ibihugu n'ay'intara ni amazina y'uruharo.
  5. Abanyakarama, Abatare, Abavubikiro.
    Amazina y'umuryango afatwa nk'ay'uruharo.
    Uturorero: Abavubikiro nka bose barahonye, Abanyakarama benshi bari abatware.
  6. Twajanye n'umunyakarama umwe, abatare babiri n'abavubikiro icumi na bane.
    Ayo mazina aca afatwa nk'ay'urusangi kuko harimwo uguharura.
  7. Muramenye ko muri Afirika y'epfo hari amacakubiri y'abera n'abirabure.
    Amazina yerekana ubwoko bw'abantu afatiye ku rukoba afatwa nk'ay'urusangi.
Turavye ibitabu vy'ikirundi biri mu mashure yisumbuye, dusanga ibikurubikuru ari ivya Patiri NTAHOKAJA. Mu mashure menshi bakoresha utwatuzo turi muri ivyo bitabu. Na two ni utu:

  1. agakwego hejuru y'amajwi arandira: sēsa, shīma, rāmba.
  2. akarasago ku majwi ameze nk'ayaduga bwampi: ishámi, umutwé.
  3. agatemere kubitse ku majwi ahinze amanuka: umuvyêyi, ibêre, irêmbo, umubânyi.
  4. agatemere kagaramye ku majwi ahinze aduga: icěse, umutǔmba, umwǎmi, umwǎnya.
  5. utuburungu tubiri turambitse ku majwi aduga y'urunani: böse, twëse.

Utwo twatuzo n'ubu ni two bazoba barakoresha, ariko dutegetswe mu nyigisho y'indimburo y'ikirundi gusa.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 40 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...