KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi


Tubisoma mu gitabo
Cahishuriwe umuganwa
Fideli Bonifasi Kiraranganya

Tubisoma mu gitabo
Cahishuriwe umuganwa
Fideli Bonifasi Kiraranganya

Mu gitabo ciwe mu ntangamarara arandika
Ukugene bahora bakundana bakanama rimwe
Uko ni ko baronse intahe yo kwikukira
Umukoloni aratekera utwiwe arataha
Umuganwa atari umugani amaze kugandagurwa
Abarundi ni ho batangura gucanamwo
Uri aba PP aba Porona canke aba PDC
Bari basigaye batagicana uwaka

Tubisoma mu gitabo
Cahishuriwe umuganwa
Fideli Bonifasi Kiraranganya

Tubisoma mu gitabo
Cahishuriwe umuganwa
Fideli Bonifasi Kiraranganya

Mu 1965 hari abadenderejwe kuba bateye ku kirimba
Ukudenderekanya urubanza rwitiriwe NTUNGUMBURANYE
Amatati hagati ya Muramvya na Bururi
1972 abasirikare bakiha inkumbi mu banyagihugu
Umwami Ntare wa 5 bagacisha ku buhombo
Nk'uko vyatehuwe mu migambi ya Simbananiye

Tubisoma mu gitabo
Cahishuriwe umuganwa
Fideli Bonifasi Kiraranganya

Tubisoma mu gitabo
Cahishuriwe umuganwa
Fideli Bonifasi Kiraranganya

Tubisoma mu gitabo
Cahishuriwe umuganwa
Fideli Bonifasi Kiraranganya

Tubisoma mu gitabo
Cahishuriwe umuganwa
Fideli Bonifasi Kiraranganya


Bahaga
Umuririmvyi
Burikukiye Prosper [BAHAGA]

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

Agahogo k'Abarundi
Indirimbo zo mu Rwanda (Inyarwanda)
Indirimbo zo muri Tanzania (Bongo Flava)
Izindi ndirimbo
*Lyrics = Amajambo y'indirimbo
Kurondera indirimbo

Mu kurondera indirimbo canke umuririmvyi rukana, wandika ijambo wibaza ko riri mu mutwe w'indirimbo urondera canke izina ry'umuririmvyi aho handitse «Rondera indirimbo ....», hanyuma ugaca ufyonda ku kamenyetso ko kurondera.

ITEGEREZE NEZA

Mu kurondera si ngombwa ngo wandike ijambo ryose. Urashobora kwandika agace (itsitso) kari mw'ijambo urondera.

Akarorero: Nk'ubu ushatse kurondera indirimbo zerekeye ijambo umukobwa, ha kwandika umukobwa andika gusa kobwa, duca tukurondera indirimbo zirimwo umukobwa, abakobwa, bakobwa, mukobwa, ... ⇒ Mukobwa ndagowe, Gakoni k'abakobwa, Bakobwa b'i Kigali, ...

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 59 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...