KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
© Aho twabikuye
F.M. RODEGEM, PATRIMOINE CULTUREL RUNDI, TOME XI, 1962
Utu tujajuro tudusanga mu rukurikirane rugira 11 rw'inyandiko za Rodegem zijanye n'imico n'imigenzo vy'Abarundi "PATRIMOINE CULTUREL RUNDI (Tome XI - Le Rire et l'Humour)". Kubera ko ari vyinshi cane [pp. 9 - 44] kandi akanya dufise kaka ari gato cane, ntibishoboka ko tubibashiriraho vyose, ariko rero hinge tube turabahonja nakare ngo "Uwutárahera aba arahékenya".
  1. Agaca gacakiye agahori gati: Mwana wa mama undiye twari bamwe.
  2. Agaca gacakiye agahori gati: Nagira ngo akaguruka ntikoriye akandi.
  3. Agaca gacakiye agahori gati, kano kati: Urandya neza ndahanda.
  4. Agahume gahwaniye n'akandi mu mwonga ngo: Rinda tubane waragowe ndagorwa.
  5. Agakara kagiye iwa sebukwe ngo agataramure kano gahitanywe gaca mu mbavu ati: Ni wewe ga mupfaso? Na ko ngo ego agakara gasa n'akandi
  6. Agakecuru kasanze akandi mu kuzimu kati: Nyereka ibigega wimbuye. Na ko kati: Noneho ngaho mama uraje kuvyiyimburira nawe.
  7. Agakecuru kashikuye igikoba kigata ku kingi kati: Nakudya ntitwarwana.
  8. Agakecuru karose gapfa gati: Maze simvyanka.
  9. Akagomba kaneye mu cibo kati: Urantuma mugabo wa mama ishikanwa ry'umworo ni iryo.
  10. Akagomba kenzwe na se kati: N'uburi mu mwonga nibushoke
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 96 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...