KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi


Umusi wa mbere duhura
Ingorane nari mfise warazinyatse
Uzihindura amahoro

Ivyo nafataga nk'indoto
Waraje urabirangura
Maze unyuzuza umunezero

Nta kindi nipfuzaga
Keretse urukundo rwanje nawe

Nta wundi nipfuzaga
Keretse wewe wewe gusa

Maze gusoma iparata ryawe
Nsanga kugukunda ari uguta igihe
Nsanga kugukunda ari uguhangayika
Kuguha urukundo ari ukuvomesha akayunguruzo

Waranyihishe uranzubaza ndahwera
Genda uri umwamikazi w'indyadya

Waranyihishe uranzubaza ndahwera
Genda uri umwamikazi w'indyadya

Nzodya bike ndyame kare
N'i Nyagasambu rirarema

Nzodya bike ndyame kare
N'i Nyagasambu rirarema

Reka nkebure Gitimujisho
Ya nkoni yakubise mukeba
Arayirenza urugo mu maguru masha
Atari ivyo naho kazomudererana

Ngo akabaye icwende ntikoga
Samandari wa Mandaranga
Uraba wumba maguru ni wewe ubwirwa

Aho ubereye ingwe yigize intama
Wari uzi kwikoroza amosozi
Umbesha ngo ni urukundo rwinshi
Nanje nkaja mu vyo kuguhoza

Hari aho ndaba album yanje
Nkakwuma umbwirana ubujuju n'ubudyadya
Ngo uzonkuba bisakuze
Aho kurira nkatwenga

Waranyihishe uranzubaza ndahwera
Genda uri umwamikazi w'indyadya

Waranyihishe uranzubaza ndahwera
Ndahwera
Genda uri umwamikazi w'indyadya

Nayo jewe kuva ubu

Nzodya bike ndyame kare
N'i Nyagasambu rirarema

Nzodya bike ndyame kare
N'i Nyagasambu rirarema

Nzodya bike ndyame kare
N'i Nyagasambu rirarema

Nzodya bike ndyame kare
N'i Nyagasambu rirarema

Mu Ruhango rirarema
N'i Nyagasambu rirarema

Ku Murindi rirarema
N'i Nyagasambu rirarema

No ku Ruyenzi rirarema
N'i Nyagasambu rirarema

I Nyamata rirarema
N'i Nyagasambu rirarema

Irere twarigomwa
No ku Mugamira rirarema

Ku Muzinga rirarema
N'i Nyagasambu rirarema

Mu Kanyosha rirarema
N'i Nyagasambu rirarema

Mu Kinama rirarema
N'i Nyagasambu rirarema

Soko Muyinga rirarema
N'i Nyagasambu rirarema

Nyambirambo rirarema
N'i Nyagasambu rirarema

N'i Nyagasambu rirarema

Jean Christophe Matata

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

Agahogo k'Abarundi
Indirimbo zo mu Rwanda (Inyarwanda)
Indirimbo zo muri Tanzania (Bongo Flava)
Izindi ndirimbo
*Lyrics = Amajambo y'indirimbo
Kurondera indirimbo

Mu kurondera indirimbo canke umuririmvyi rukana, wandika ijambo wibaza ko riri mu mutwe w'indirimbo urondera canke izina ry'umuririmvyi aho handitse «Rondera indirimbo ....», hanyuma ugaca ufyonda ku kamenyetso ko kurondera.

ITEGEREZE NEZA

Mu kurondera si ngombwa ngo wandike ijambo ryose. Urashobora kwandika agace (itsitso) kari mw'ijambo urondera.

Akarorero: Nk'ubu ushatse kurondera indirimbo zerekeye ijambo umukobwa, ha kwandika umukobwa andika gusa kobwa, duca tukurondera indirimbo zirimwo umukobwa, abakobwa, bakobwa, mukobwa, ... ⇒ Mukobwa ndagowe, Gakoni k'abakobwa, Bakobwa b'i Kigali, ...

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 397 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...