KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
Ingurukanabumenyi *[1] ni ijambo ry'ikirundi rikoreshwa mu gusigura 'Internet', bwa buhinga bwa none bwo guhanahana ubumenyi (inyandiko, amafoto, indirimbo, n'ibindi vyinshi cane). Ubwo bumenyi rero buguruka buva muri orodinateri *[2] imwe buja mu yindi.

Muri make rero, ikirundi ku ngurukanabumenyi bisigura ikirundi kuri 'Internet'.

Intumbero yacu

Nk'uko twatanguye tubivuga aho hejuru, Ikirundi ku ngurukanabumenyi ni umugambi mwiza twatanguje wo guteza imbere ururimi rw'ikirundi hamwe n'imico kama n'imigenzo myiza vy'Abarundi.

Ibi tuzobishikako twifashishije ingurukanabumenyi ku buryo umuntu wese aho ari hose kw'isi yose ashobora kuronka inyigisho z'ururimi rw'ikirundi n'imico kama y'Abarundi bitamugoye nka kurya usanga mu bihe vya none usimbira kuri orodinateri irimwo ingurukanabumenyi ukandika ico urondera muri 'Google' (basoma gugó) ugaca uronka amakuru menshi yerekeye ico kintu ku buryo bunyarutse cane.

Izo nyigisho zizoshimikira kuri ibi bikurikira:

  • Kwiga, kwigisha no kunonosora ururimi rw'ikirundi (Abarundi)
  • Kwigisha ikirundi abanyamahanga
  • Kwigisha no gukundisha imico n'imigenzo myiza y'Abarundi
  • Gukundisha igihugu c'Uburundi
  • Kunywanisha Abarundi
  • Kwandika kazinduzi y'ikirundi

Gukenguruka

Mu gusozera nashaka gufata kano karyo ngo nkengurukire abo bose bakora uko bashoboye ngo bateze imbere igihugu c'Uburundi mu buryo butandukanye (uri abigisha bigisha neza ikirundi, imico n'imigenzo myiza yacu, uri Abarundi b'intangarugero aho bari hose batuma n'uwubabonye ata amacumu akanipfuza kubona Uburundi, uri n'abanyamahanga/abazungu bafata mu mugongo Uburundi mu buryo butandukanye, eka sinobadondagura ngo ndabamare).

Murakoze cane!


Ubuyobozi bw'ikirundi ku ngurukanabumenyi


Itegereze neza

[1] Iri jambo ingurukanabumenyi si twebwe twaritanguje. Ahubwo twaryumvise kw'iradiyo igihe kimwe duca turarikunda. Nitwamenya neza inkomoko yaryo (ni ukuvuga uwarifonze/abarifonze) tuzobamenyesha. Uko gufonda/gutanguza ubwa mbere amajambo mu rurimi ni kimwe mu bintu bituma ururimi rutera ruja imbere. Ico ni ikindi kintu uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi uzoshira imbere.

[2] Aho hejuru twanditse ngo orodinateri. Kubera ko orodinateri atari ijambo kama ry'ikirundi, co kimwe n'ayandi majambo nka 'Google', 'Internet',... hinge tugire ico tubivuzeko. Indimi nyinshi zagiye zitera imbere mu gufonda canke gutanguza imvugo kama zisigura neza amajambo avuye hanze mu buryo kavukire. Ivyo rero bituma aho kugwiza amajambo mvamahanga mu rurimi hagwizwa amajambo kavukire. Nk'amajambo ingurukanabumenyi, kazinduzi, imboneshakure ('télévision'), insamirizi, agacamurongo, isomero,... ni amajambo y'ikirundi co kw'itsitso atumbura neza insiguro ku buryo butomoye kandi burashe! Uyu mugambi rero twatanguje uzoshira imbere ukwo kurondera no gutanguza amajambo mashasha n'imvugo nshasha mu rurimi rw'ikirundi mu ntumbero yo kuruteza imbere. Ayo majambo mashasha ahanini ni nk'arya yerekeye ubuhinga canke imigenzo n'ibindi bintu vyo hanze twebwe tudasanzwe dufise mu kirundi, nakare ngo ubwenge burarahurwa.

Mu bisanzwe ijambo inyabwonko ni ryo rikoreshwa mu kirundi mu gusigura 'ordinateur' canke 'computer'. Kubera ko ijambo inyabwonko ryumvikana nkaho umengo ni ikintu gifise ubuzima (ikinyabuzima), ciyumvira, twebwe hano ku kirundi ku ngurukanabumenyi twabaye turabangiriye gukoresha iryo jambo kuko twumva umengo ntiritumbura neza iciyumviro. Ni na yo mpamvu aho hejuru mubona twakoresheje ijambo 'orodinateri'.

Kandi ni ibisanzwe ko amajambo mvamahanga yitizwa mu mvugo no mu nyandiko (iyo bibaye ngombwa). Uturorero ni twinshi: Umva ico umwe mu bakunzi b'Ikirundi ku ngurukanabumenyi yabivuzeko kuri 'Facebook':

  Kandi ntimugire impuhwe kw'ijambo orodinateri. Kuva na kera kuri ba sokuru indimi zaratirana; uburorero ni bwinshi: Ubunani (bonne année), imodoka (a motor car), iguturiya (good year), gasopo (gas up), ikinga (kinga),...  
Dr Ntawuyamara Epipode
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 360 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...