Kuva aho biciye nyakwubahwa
Womengo Uburundi warabuvumye umuvumo
Ntibwigeze butora akoyoko
Bwateye busubira inyuma nk'ibirenge
Kukaba nkako n'abamugandaguye baracidagadura
Ekaye nta shirahamwe ndumva rigwanira agateka zina-muntu
Nta mboneshakure nta n'iradiyo
Nimiburiburi n'ibinyamakuru
Birajijwe ishinga no kumenyekanisha abishe nyakwubahwa
Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe
Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe
Barayamaze mu kirundi bati
Ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kurakara
Bamwe bizwi ko bakoze amaraso
Ni bo batanga icigwa mu vy'intwaro ibereye
Nariyumviye mu nsamirizi yiyita ijwi ry'abanyagihugu
Umushikiranganji wo kwivuna abansi
Wo ku ntwaro ya Micombero
Ikiganiro ciwe ni agahomerabunwa
Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe
Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe
Kubw'uyo mushikiranganji
Igihe yari ku butegetsi
Uburundi ngo bwari iparadizo
Ngo ntibwigeze bugwa mw'isanganya
Kandi inganda zirirwa ziratikira
Imyaka 50 y'ikinyoma cambaye ubusa
Ng'iki ikitugejeje ahatemba
Kitugejeje aho umwansi ashaka
Kidutuma abonse rimwe ducanacanamwo
Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe
Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe
Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe
Yaga mukama twereke ibitangaza
Usubire ugarukire aka gahugu kawe

Burikukiye Prosper [BAHAGA]