AGAHOGO K'ABARUNDI


Ikirundi ku ngurukanabumenyi

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO
INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO
Agahogo k'Abarundi
Indirimbo zo mu Rwanda (Inyarwanda)
Indirimbo zo muri Tanzania (Bongo Flava)
Izindi ndirimbo
*Lyrics = Amajambo y'indirimbo

Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
Yaririmbwe na Burikukiye Prosper azwi cane kw'izina Bahaga

 


Hariya iwacu iyo nakuriye
Habaye umwana yari intore
Yari umuyabaga yarezwe runtu
Yari akarorero mu runganwe

Uyo mwana ni katihabwa
Yarakunze eka yarakundwa
Yari umukirisu ntiyasiba misa
Ni ko yarezwe ntiyahemuka

Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga
Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga
Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga

Naho yankunda nanje nkamukunda
Si je namujanye ihibambewe
Barayamaze ngo hayaga abangana
Abatware ni bo bamuntwaye

Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga
Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga
Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga

Nzohora nicara kuri ka gasozi
Ku mucamo hamwe yahora aca
Nzotega amaso y'uko yogaruka
Aze anzaniye wa mutima

Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga
Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga
Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga

Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga
Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga
Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga

Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga
Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga
Yitwa Tiroryinka yasa n'irirenga


Bahaga
Bahaga
KURONDERA

BURUNDI URI AGAHORE
GUKARISHA UBWENGE
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 34 ku murongo.

Bukêbuké bukomeza igihonyi
Muradutunga

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.

2020 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
Rindira gato...