1. | akaburungu | . |
2. | agakwabu | , |
3. | utuburungu tubiri duhagaze | : |
4. | kaburungu kuri gakwabu | ; |
5. | twa mugina | « » canke " " |
6. | kabaza | ? |
7. | gatangazi | ! |
8. | agakwego | - |
9. | utuzitizo | ( ) |
10. | ngezaho | ... |
Muramenye:
Agakwabu ko hejuru (apostrophe) ni ako gutandukanya amajambo abiri igihe irya mbere ari akagetugetu.
Uturorero: inkono y'itabi, ibikoko vyo mw'ishamba, amazi yo kw'iteke.
Nta gakwego rero kazosubira gukoreshwa mu gutandukanya bene ayo majambo.
B Rukoreshwa kandi mu gutangura izina ry'uruharo.
C Ingorane zimwezimwe:
- Ukwigisha ikirundi, igifaransa, icongereza.
Amazina y'indimi tuyafata nk'amazina y'urusangi, ni co gituma atangurwa n'urudome rutoyi. - Abarundi, Abanyarwanda, Ababirigi, Abanyamerika.
Izina ry'abanyagihugu rifatwa nk'iry'uruharo igihe bafatiye hamwe bose ata kubaharura.
Uturorero: Abarundi benshi barize, Ababirigi bamwebamwe bavuga igifaransa. - Twari kumwe n'umurundi umwe, abanyarwanda babiri hamwe n'abanyamerika icumi na bane.
Ngaha harimwo uguharura, ni co gituma izina ry'abanyagihugu rica rifatwa nk'iry'urusangi. - Igihugu c'Uburundi, ca Kongo. Intara ya Afirika, y'Uburaya.
Amazina y'ibihugu n'ay'intara ni amazina y'uruharo. - Abanyakarama, Abatare, Abavubikiro.
Amazina y'umuryango afatwa nk'ay'uruharo.
Uturorero: Abavubikiro nka bose barahonye, Abanyakarama benshi bari abatware. - Twajanye n'umunyakarama umwe, abatare babiri n'abavubikiro icumi na bane.
Ayo mazina aca afatwa nk'ay'urusangi kuko harimwo uguharura. - Muramenye ko muri Afirika y'epfo hari amacakubiri y'abera n'abirabure.
Amazina yerekana ubwoko bw'abantu afatiye ku rukoba afatwa nk'ay'urusangi.
- agakwego hejuru y'amajwi arandira: sēsa, shīma, rāmba.
- akarasago ku majwi ameze nk'ayaduga bwampi: ishámi, umutwé.
- agatemere kubitse ku majwi ahinze amanuka: umuvyêyi, ibêre, irêmbo, umubânyi.
- agatemere kagaramye ku majwi ahinze aduga: icěse, umutǔmba, umwǎmi, umwǎnya.
- utuburungu tubiri turambitse ku majwi aduga y'urunani: böse, twëse.
Utwo twatuzo n'ubu ni two bazoba barakoresha, ariko dutegetswe mu nyigisho y'indimburo y'ikirundi gusa.