Ikirundi ku ngurukanabumenyi
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Inama nkarishabwenge igira gatatu y’abigisha ikirundi mu mashure yisumbuye yabereye i Bujumbura kuva ku wa 29 Myandagaro gushika ku wa 2 Nyakanga 1983, yari yatumiye n’abigisha ikirundi kuri Kaminuza y’Uburundi hamwe n’abashingwakirundi bo mu biro vy’Indero Kavukire (B.E.R.).

Iyo nama yarihweje ingorane nkurunkuru zerekeye inyandiko y’ikirundi, yongera iratorera umuti izitari nke. Ingingo zapfunditswe n'iyo nama, ni zo twashaka kubashikiriza muri aka gatabu.

Ico twoba turabwira co, ni uko abari muri iyo nama bagiye biyumvikaniye ko bazoba barakurikije izo ngingo, igihe Reta itazoba irashinga inyandiko y'ikirundi yemewe n'igihugu cose.

Kukaba nka ko, mu mashure yisumbuye, gushika ubu nta vyigwa vy'isomerwa vyatangwa, kandi abigisha ntibitaho bikwiye ibintu bijanye n'inyandiko y'ikirundi, cane cane ivyigwa vy'ukuryohora ikirundi mu nyandiko n'ivy'indimburo.

N'ibitabu abanyeshure bakoresha, kenshi na kenshi amajambo ntaba yanditswe kumwe n'aho yoba yanditswe n'umuntu umwe, bigatuma anayeshure bakengera ururimi rwabo rw'amavukiro, gushika aho bamwe mbere bavuga ngo nta mategeko y'inyubako rufise, canke ngo nta nyandiko imwe ishoboka.

Ni co gituma aka gatabu abigisha benshi bakipfuza ko kobashikira, mbere benshi bakabitwandikira. Twari twarindiriye kukarungikana n'ivyigwa vy'inyandiko (amasomerwa), ariko kubera ko benshi basavye ko twokarungika mu maguru masha, ivyo vyigwa tuzobirungika ukwavyo hanyuma.

Hari abazoca batangazwa no kubona aka gatabu katagiramwo utwatuzo. Na vyo nyene vyavuye ku mwumvikano w'iyo nama. Utwatuzo tuzokoreshwa Reta niyatwemeza ikerekana n'udutegerezwa gukoreshwa mu nyandiko. Mugabo mu vyigwa vy'indimburo bazokoresha utwahahora, ni ukuvuga udusanzwe turi mu gitabu ca patiri NTAHOKAJA c'Indimburo y'Ikirundi.


  Aho twabikuye
Inyandiko y'ikirundi
UBUSHIKIRANGANJI BW'INDERO
IBIRO VYASHINZWE INYIGISHO
MU MASHURE YISUMBUYE
B.P. 2990
BUJUMBURA

INYANDIKO Y'IKIRUNDI

BUJUMBURA,
NZERO, 1984
Inyandiko y'ikirundi
INYANDIKO Y'IKIRUNDI
AKAJAMBO K'INTANGAMARARA

Ibindi twifashishije
  1. IBINJANA
  2. Inyandiko ya NTIBITANGIRA Philbert iri kuri 'Wikipedia': Ikirundi

Itegereze neza

Kubera ko vyanditswe kera (mu 1984), birashoboka ko hoba harabaye ayandi makoraniro yo kwihweza amategeko yokwisungwa kugira ururimi rw'ikirundi rwandikwe neza. Murumva rero ko bishoboka ko hoba hari ivyahindutse kuva ico gihe.

Biranashoboka kandi ko hari izindi nyandiko canke ibitabu birimwo inyigisho zijanye no kwandika neza ikirundi, zishobora kuba zinyuranye canke zuzuzanya na bimwe mu biri muri iyo nyandiko twabashikirize. Uko biri kwose, akamaro k'iki cegeranyo ni ntangere mu kudufasha kwandika neza ikirundi.

Twobamenyesha kandi ko iyo nyandiko twagerageje kuyikoporora uko iri ijambo ku rindi ataco duhinduyemwo («verbatim»). Ivyaduteye amakenga / amadiadane (akarorero: ikoreshwa ry'urudome L mu kirundi) twabishizeko akamenyetso kugira bishobotse tugire ico tubivuzeko.

Ukaba nawe hari ico wipfuza kudushikiriza canke kuganira natwe kijanye n'uyu mugambi wo guteza imbere ikirundi, ntutinye kudukoma ishwashwa: Twandikire canke uduhamagare kuri telefone: +61469365309.

KURONDERA

BURUNDI URI AGAHORE
GUKARISHA UBWENGE
Bukêbuké bukomeza igihonyi
Muradutunga

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.

2020 Ikirundi ku ngurukanabumenyi