Insigarirazina n'insigarirazina-ngereka ziri ubwoko icenda (9):
- muvugwa
- rugena
- nsanisha
- satunga
- gaharura
- gaharura gatondeshamurongo
- kabaza
- ntatanya
- rutanya
Uturorero:
- Bivuge mwebwe mwabibonye.
- Irya bwa irasara.
- Ubwatsi bwo mu nyovu.
- Umutima wawe ni mweranda.
- Umuntu umwe ni we Imana atanguye kurema?
- Umwaka wa gatandatu uragoye.
- Ufise inka zingahe?
- Inka n'intama vyose ni ibitungwa.
- Abantu bamwe barapfa (abandi bagakira).
Ido n'ido kuri buri nsigarirazina ni mu misi ya vuba cane!
ITEGEREZE NEZA!
Insigarirazina-ngereka muvugwa irabaho?
Mu binjana vyose tumaze gusoma eka n'igitabu c'indimburo y'ikirundi twifashishije mu gutegura izi nyigisho z'indimburo y'ikirundi, bavuga ko amoko y'insigarirazina n'ay'insigarirazina-ngereka ari amwe, uretse ko insigarirazina-ngereka muvugwa itabaho.
Ng'aha ku Kirundi ku ngurukanabumenyi tubivugako iki?
Ng'aha ku kirundi ku ngurukanabumenyi, inyuma y'umwihwezo w'igihe kinini twakoze, dusanga insigarirazina-ngereka muvugwa ibaho.
Uturorero:
- Jewe Bakame ndi agahambaye!
⇒ Jewe ni insigarirazina muvugwa, ikaba igeretse kw'izina Bakame. - Mbega wewe Kagarara ko wama utera amahane!
⇒ wewe ni insigarirazina muvugwa, ikaba igeretse kw'izina Kagarara. - Uyo murwâyi wé ntíyakurikije impanūro z'ábavūzi.
⇒ wé ni insigarirazina muvugwa, ikaba igeretse kw'izina umurwâyi.
Twihweje ayo majambo twaciyeko akarongo musi dusanga yokwitwa insigarirazina-ngereka muvugwa kuko ageretswe ku mazina yasubiriye.
Wewe ubivugako iki?
Niba wipfuza guterera ivyiyumviro uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi canke ukaba ufise ikibazo canke ibibazo kuri uyu mugambi, canke kandi hakaba hari nk'amakosa wabonye turungikire ubutumwa bwanditse canke uduhamagare.
Murakoze!