Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Ibicé vy'îzína ry'âkâmé

Amazína adakomôtse ku yăndi majāmbo bayīta amazína y'âkâmé.

Ibicé vy'îzína ry'âkâmé ni bitatu: integûza, inyîtāngizo, itsítso.

Uturorero

  • ibitōke / i - bi - toke /
  • inká / i - n - ká /
  • ibiharage /i - bi - harage /
  • amateke / a - ma - teke /

Ibicé vy'îzína ry'înkómōko

Amazína akomôtse ku yăndi majāmbo bayīta amazína y'înkómōko.

Izína y'înkómōko rifise ibicé biné: integûza, inyîtāngizo, itsítso, agasôzo

Uturorero

  • abarimyi / a - ba - rim - yi /
  • akavyíno / a - ka - vyín - o /
  • abadăndaza / a - ba - dăndaz - a /

Aho twabikuye
Indimburo y'ikirundi
UBUSHIKIRANGANJI BW'INDERO
IBIRO VYASHINZWE INYIGISHO
MU MASHURE YISUMBUYE
B.P. 2990
BUJUMBURA

INDIMBURO Y'IKIRUNDI

BUJUMBURA,
NZERO, 1984
Umugwi w'ábashîngwakírŭndi
wó mu biro vyăshīnzwe
inyígīsho mu mashŭre yīsûmbuye.

Ibindi twifashishije
  1. IBINJANA
  2. Inyandiko ya NTIBITANGIRA Philbert iri kuri 'Wikipedia': Ikirundi

KURONDERA

ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 42 ku murongo.

2020 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
Bukêbuké bukomeza igihonyi
Uwutárahera aba arahékenya!

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire (info@ikirundi.org) canke uduhamagare (+61469365309) tubiganire.
2020 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
Rindira gato...