Uturorero:
- Umwana /u - mu - ana/ mwiza /mu - iza/
- Amakuru /a - ma - kuru/ maki /ma - ki/
- Abantu /a - ba - ntu/ benshi /ba - enshi/
- Amazi /a - ma - zi/ masa /ma - sa/
Ingereka ziri ubwoko bune (4):
- Ingereka ndondozi
- Ingereka kabaza
- Ingereka ntantigiri
- Ingereka rutanya
1. INGEREKA NDONDOZI
Ingeraka ndondozi zirangura izina zigeretsweko mu kwerekana akaranga karyo.
Urutonde rw'ingereka ndondozi:
-iza | -bi | -nini |
-niniya | -toto | -to |
-toyi | -tonya | -shasha |
-rere | -kuru | -novu |
-gufi | -bisi | -kene |
-zima | -oro | -rundi |
-zungu | -tagatifu | -eranda |
-tindi | -kungu | ... |
Uturorero:
- Umwana mwiza arubaha abavyeyi.
- Abanywa amaza mabi bararwara.
- Igikoko kinini kiratera ubwoba.
- Ako gakoni kagufi ni ak'iki?
2. INGERAKA KABAZA
Ingeraka kabaza zirangura izina zigeretsweko mu kurironderera insiguro itomoye biciye mu kubaza.
Ingereka kabaza ni -ki.
Uturorero:
- Amakuru maki?
- Akuvuza umuti muki?
Itegereze neza
Abana bangahe? => Insigarirazina-ngereka kabaza
Naho bangahe /ba-ngahe/ isangiye inyitangizo ba n'izina igeretsweko abana /a-ba-na/, si ingereka kubera ko iyo igeretswe ku yandi mazina bitaguma ari uko bimeze. Ni yo mpamvu "ngahe" atari ingereka ahubwo ari "insigarirazina-ngereka".
Uturorero:
- inka /i-n-ka/ zingahe /zi-ngahe/: Inyitangizo n na zi ziratandukanye.
- imirima /i-mi-rim-a/ ingahe /i-ngahe/: Inyitangizo mi na i ziratandukanye. Ntibavuga rero ngo "imirima mingahe".
3. INGEREKA NTANTIGIRI
Ingereka ntantigiri zirangura izina zigeretsweko mu kwerekana uko ibintu bingana ariko zitadomye urutoke ku gitigiri.
Ingereka ntantigiri ni -ke, -kenya, -keyi, -inshi, ...
Uturorero:
- Abantu bake ni bo baje.
- Uburo bwinshi ntituba umusururu.
4. INGEREKA RUTANYA
Ingereka rutanya iratandukanya canke ikavangura ibintu n'ibindi.
Ingereka rutanya ni -sa.
Uturorero:
- Amazi masa ni yo amutunze.
- Ikiribwa si iswa nsa.
Itegereze neza
Uturorero:
- Abantu ni benshi bamaze kumenya akamaro ko kunywa amazi menza.
=> benshi ni ingereka ikurikiye inshozi ni ariko irangura izina abantu. - Amazi ari mabi aratera indwara.
=> mabi ni ingereka ikurikiye irivuga -ri ariko irangura izina amazi. - Abami bo basa ngo ni bo bavukana imbuto.
=> basa ni ingereka ikurikiye insigarirazina muvugwa bo ariko irangura izina abami. - Iyo nzoga ibabaza mu nda nka novu.
=> novu ni ingereka ikurikiye akagetugetu nka, na ko gakurikiye ingingo y'iryungane "ibabaza mu nda" ariko irangura izina inda.