Inshozi z'ivyiyumviro ni: ni, si, nta, ata, ng'+ins. rugena, ingo, hogi, ngaho (ngwaho), hinge, umengo.
Uturorero
- Uyu musi ni ku wa gatanu.
- Nta nyambo iburaa agahonzi.
- Hogi genda baraguhamagaye.
- Hinge nze tujane.
- Ushengera ata mpamba ugashenguruka ata jambo.
- Ng'aya amategeko mashasha y'ishure.
- Ubuzima si ugufyina.
- Ingo tujanae mw'isoko.
- Ngwaho inka ziragucako.
- Umengo araje.
Dúfatiye kurí utwo turorero duca túbona kó inshōzi zöse zidafisé agacîro kamwé.
- Inshozi ni na si womengo ni irivuga -ba mu kwemera no mu guhakana, umuvugwa wa gatatu mu rudende canke mu bwinshi. Ariko rero si vyo, kuko tuzi neza ko irivuga -ba rihadikirizwa:
mba /n - ba - a /
uba /u - ba - a/
aba /a - ba - a/
tuba /tu - ba - a/
muba /mu - ba - a/
baba /ba - ba - a/
simba /si - n - ba - a /
ntuba /nti - u - ba - a/
ntaba /nti - a - ba - a/
ntituba /nti - tu - ba - a/
ntimuba /nti - mu - ba - a/
ntibaba /nti - ba - ba - a/
Uwundi mwanya wogira ngo ni irvuga -ri. Naho nyene si vyo, kuko irivuga -ri rirahadikirizwa:
ndi /n - ri/
uri /u - ri/
ari /a -ri/
turi /tu - ri/
muri /mu -ri/
bari /ba -ri/
sindi /si - n - ri/
nturi /nti - u - ri/
ntari /nti - a -ri/
ntituri /nti - tu - ri/
ntimuri /nti - mu -ri/
ntibari nti - ba -ri/
Naho ni na si atari amavuga igikorwa cazo cama ari karānzi. Ni co gituma tuzita inshōzi karānzi.
- ni = inshozi nyemezi
- si = inshozi mpakanyi
Mu ryungane Uyu musi ni ku wa gatanu, ni ni inshōzi nyémezi karānzi y'íryŭngāne. - Inshozi nta na ata mu vy'ukuri zama zirongoye izina canke insigarirazina canke kigenze k'irivuga canke rwitirirwa. Kandi vyongeye zose ni inshozi mpakanyi.
Mu ryungane Nta nyambo ibura agahonzi, nta ni inshozi mpakanyi irongoye izina inyambo. - Inshozi ng'+ins. rugena na yo igikorwa cayo ni ico ukwerekana insigarirazina igeretsweko.
Mu ryungane Ng'aya amategeko mashasha y'ishure, ng'aya ni inshozi yo kwerekana; ng' igeretswe ku nsigarirazina aya - Inshozi ingo, hogi (hoji), ngāhó (ngwāhó), hinge zimeze nk'amavuga ari muri rubwiriza, kuko zerekeye uwubwirwa canke ababwirwa gusa. Ni inshozi rubwiriza. Zishobora kuba karanzi canke mperekeze.
Uturorero:
- Ngwaho inka: Ngwaho ni inshozi rubwiririza, karanzi y'iryunagne.
- Hinge nze tujane: Hine ni inshozi rubwiriza, iherekeje irivuga nze.
- Inshozi umengo ni inshozi y'ugukekereza, iherekeza amavuga canke izindi nshozi.
Nko mu ryunagne Umengo araje, umengo ni inshozi y'ugukekereza, iherekeje itivuga araje.