AGAHOGO K'ABARUNDI


Ikirundi ku ngurukanabumenyi
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
Yaririmbwe na Ntiyibagira Sylvane

 
Niwaheza amashure ntiwigumire mu gisagara,
Wa muvyeyi wawe ngo atahire wa mukanda yatubika ukivyiga.

Bagenzi nkunda hariho abantu batibuka,
Hariho abantu badashima.

Niwahwana na wa mwigisha uribuka ko yakureze,
Ntugire ngo uwo sindamuzi wibuke ko yagufashije.

Uribuka na wa mugenzi mwahorana ku ntebe y'ishure,
Uraguma umuramutsa wibuke, wibuke ushime.

Niwagenda mu za Bulaya ntuze wigumireyo,
Uribuka ko Uburundi bwagutangiye vyinshi...  
Ntiyibagira Sylvane
KURONDERA

BURUNDI URI AGAHORE
GUKARISHA UBWENGE
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 245 ku murongo.

Bukêbuké bukomeza igihonyi
Muradutunga

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.

2020 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
Rindira gato...