Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

  DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 1, p. 24

akayabu
i muhira hariho akayabu gatoyi.

kari n'utuguru tubiri n'utuboko tubiri.

kari n'amabara yera n'ayirabura.

karakina n'utubeba dutoduto, ariko iyo gahuye n'ibibeba bininibinini, karabibona kagatuna, kakabimira.

iyo hari abana batoyi karakina na bo.

karabirukana, kakabaharura ku maboko no ku maguru.

bano bana hari aho barira ariko bakaguma bakina na ko.

iyo data agiye gukama, karamukurikira.

aragaha amata, kakayagotomera.
KURONDERA
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 76 ku murongo.

2020 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
Bukêbuké bukomeza igihonyi
Uwutárahera aba arahékenya!

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire (info@ikirundi.org) canke uduhamagare (+61469365309) tubiganire.
2020 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
Rindira gato...