KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

# 835

Iyi myibutsa yatororokanijwe na "Editions Gatí Kă Wăga - IMYĬBUTSA YA SÓGOKÚRU".


Kuraba iyi myibutsa, fyonda ng'aho kuri ivyo biharuro.

  1. Abagabo bahūrira mu cêro ntíbahūríra mu cîbo
  2. Abagabo barāra kubiri bakarōta kumwé
  3. Abagabo bararyá imbwá zikīshura
  4. Abăkurikiye Inámujândi băjānye na wé
  5. Abămi basāngira ingovyi ntíbasāngíra ingoma
  6. Abāntu ní magiríranire
  7. Abarŭndi basība kurima ntíbasībá kuvúga
  8. Abasângira basīgana imvyíro
  9. Abasângira umusa basāngira abânsi
  10. Abatâmvyi bā nêzá barakúrikirana
  11. Abatângánya amatáko ntíbīsîgira hamwé
  12. Abatúkanye bararwāna
  13. Agacîwe karûma
  14. Agahîmbo kībagiza kwūgara
  15. Agahúgu karímwo abagóre ntíkaburá amazímwe
  16. Agakuku karimīsha mu rwĭri
  17. Agakûnze babiri karabânkanīsha
  18. Agapfûye kabazwa ivú
  19. Agashâje gashira isóni
  20. Agashítsi kā kêra kavūmbika umuriro
  21. Agasózi k'întáhanûrwa kăhīye abagabo bábona
  22. Agasózi kamanútse inká kadūga iyĭndi
  23. Agaswi katazôkúra ukērekwa n'úrwŭbi
  24. Agáti gaterétswe n'Îmâna ntígahenúrwa n'úmuyaga
  25. Agatu gatēkéye amáhwa karîmena
  26. Ahakíze hītwa inkóvu
  27. Ahănse ubwâna hamera ubwănwa
  28. Aharí abagabo ntíhagwá ibára
  29. Aharí abântu hāma urūnturūntu
  30. Aharí amahóro umuhoro uramwa
  31. Aharí umwěnge haca umuyaga
  32. Ahasháshe ingwe akayâbú karutsīnda impaga
  33. Ahó umugabo ahāndíwe ní ho yīhândūrira
  34. Ahó umukěcuru atōyé uruhĭndu ahīta mu rugănda
  35. Ahó watâye iminwe uhata agatemére
  36. Ak'í muhana kāza imvúra ihíse
  37. Akā mūntu kamara iyágwe
  38. Akabāndo k'úbusâza gacībwa kare kakabīkwa kure
  39. Akabígira kábīzi karya imbóga kâritse
  40. Akabúra ntikáboneke ní nyina w'úmūntu
  41. Akagôye kōkerezwa akagôri
  42. Akagúmye bagumáko
  43. Akăhabāye ntíkahavá
  44. Akăhūgāniye igicâniro gasibānganya indôto
  45. Akajá kwĭha inkŭmbi karusha imbázi kumóga
  46. Akăje kárusha imbwá kwōta kaba gáshāka gushá
  47. Akămanitswe n'úmusâza gatamya umuyabaga
  48. Akamása kazôcá inká kazivūkámwo
  49. Akamenyēro kăyirāje mu mutégo
  50. Akaméze ku murīzo w'îmbwá gashirwa káwucīye
  51. Akămi kā mūntu ní umutíma wîwé
  52. Akâna karí ubwênge gasīnzīra imbonamwūko
  53. Akanániye umugabo kananira n'úyŭndi
  54. Akănse urahéba
  55. Akanyoni katagurútse ntíkamenyá iyó bwēzé
  56. Akarago karyāná kamenya nyené ko
  57. Akarâye kaba káboze
  58. Akarênganyo sí ak'ŭbu
  59. Akarēnge kajá iyó kavūká ntígahāndwá
  60. Akarēnge mu gusēzera kānka gukānda isí
  61. Akarí kure karya nyené amaguru
  62. Akarí kure ntíkabá indâro
  63. Akarí mū nda y'íngoma kamenywa n'úwayíkanye
  64. Akarí mū nda y'úmugabo gaserurwa n'ákarí mū nda y'úmubĭndi
  65. Akarí mū nzu ntíkabá iséma
  66. Akarími kakurésha sí ko kakurŏngora
  67. Akaryâna ntíkaryāmánwa
  68. Akaryôshe kăhejeje imbeba mw'ībuye
  69. Akaryôshe ntígahorá mw'ītáma
  70. Akaryôshe ntíkaryá umwé
  71. Akatáretsé kaba gásema
  72. Akatári nk'ákăndi aba arí ishano
  73. Akatávugá ntígahēndá akavúga
  74. Akazi k’í bwămi kīca uwĭcaye
  75. Akazîkīrá k'úmugabo kazīkwa n'îsí
  76. Akazímiye ntáho katarōndérerwa
  77. Akêzá karîgura
  78. Akĭhūriye n'îngásīro gatēra inda urwěze
  79. Akŏsha umusyi kava mū ngásīro
  80. Amabānga abiri ntábāngíkanwa
  81. Amabárankúru yashíkanye inyěnzi i Buha
  82. Amabóko aguhá n'áyakúrīka ntárēhá
  83. Amabóko ashikîriye ubuhîye yībagira umushike
  84. Amabóko matīndi y'úmukŏbwa asegura uwĭshe sé
  85. Amaborōgo y'ûmwâgazi ntátērá impuhwe ingwe
  86. Amacúmu arwānyá inzara ní amasúka
  87. Amacúmu atērwa abagabo
  88. Amagára aramirwa ntámerwá
  89. Amagára aruta amagana
  90. Amagŏrwa ntásigá ayăndi
  91. Amagŏrwa sí ay'ŭmwe
  92. Amaguru yītāngira ku buriri agatāhira mu mirâmbizo
  93. Amaherá ntíyīrírwa ahó yarāyé
  94. Amahérezo y'ínzira ní mū nzu
  95. Amahóro atāngurira mu mutíma
  96. Amahóro ava mū nda
  97. Amakúru atarímwo umukúru yāma arí amazímwe
  98. Amanyáma arasara ntásabá
  99. Amanyáma y'úruró ashirira mū ngásīro
  100. Amarára ntágurá inyama
  1. Abagabo bahurira mu cero ntibahurira mu cibo
  2. Abagabo barara kubiri bakarota kumwe
  3. Abagabo bararya imbwa zikishura
  4. Abakurikiye Inamujandi bajanye na we
  5. Abami basangira ingovyi ntibasangira ingoma
  6. Abantu ni magiriranire
  7. Abarundi basiba kurima ntibasiba kuvuga
  8. Abasangira basigana imvyiro
  9. Abasangira umusa basangira abansi
  10. Abatamvyi ba neza barakurikirana
  11. Abatanganya amatako ntibisigira hamwe
  12. Abatukanye bararwana
  13. Agaciwe karuma
  14. Agahimbo kibagiza kwugara
  15. Agahugu karimwo abagore ntikabura amazimwe
  16. Agakuku karimisha mu rwiri
  17. Agakunze babiri karabankanisha
  18. Agapfuye kabazwa ivu
  19. Agashaje gashira isoni
  20. Agashitsi ka kera kavumbika umuriro
  21. Agasozi k'intahanurwa kahiye abagabo babona
  22. Agasozi kamanutse inka kaduga iyindi
  23. Agaswi katazokura ukerekwa n'urwubi
  24. Agati gateretswe n'imana ntigahenurwa n'umuyaga
  25. Agatu gatekeye amahwa karimena
  26. Ahakize hitwa inkovu
  27. Ahanse ubwana hamera ubwanwa
  28. Ahari abagabo ntihagwa ibara
  29. Ahari abantu hama urunturuntu
  30. Ahari amahoro umuhoro uramwa
  31. Ahari umwenge haca umuyaga
  32. Ahashashe ingwe akayabu karutsinda impaga
  33. Aho umugabo ahandiwe ni ho yihandurira
  34. Aho umukecuru atoye uruhindu ahita mu ruganda
  35. Aho wataye iminwe uhata agatemere
  36. Ak'i muhana kaza imvura ihise
  37. Aka muntu kamara iyagwe
  38. Akabando k'ubusaza gacibwa kare kakabikwa kure
  39. Akabigira kabizi karya imboga karitse
  40. Akabura ntikaboneke ni nyina w'umuntu
  41. Akagoye kokerezwa akagori
  42. Akagumye bagumako
  43. Akahabaye ntikahava
  44. Akahuganiye igicaniro gasibanganya indoto
  45. Akaja kwiha inkumbi karusha imbazi kumoga
  46. Akaje karusha imbwa kwota kaba gashaka gusha
  47. Akamanitswe n'umusaza gatamya umuyabaga
  48. Akamasa kazoca inka kazivukamwo
  49. Akamenyero kayiraje mu mutego
  50. Akameze ku murizo w'imbwa gashirwa kawuciye
  51. Akami ka muntu ni umutima wiwe
  52. Akana kari ubwenge gasinzira imbonamwuko
  53. Akananiye umugabo kananira n'uyundi
  54. Akanse uraheba
  55. Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze
  56. Akarago karyana kamenya nyene ko
  57. Akaraye kaba kaboze
  58. Akarenganyo si ak'ubu
  59. Akarenge kaja iyo kavuka ntigahandwa
  60. Akarenge mu gusezera kanka gukanda isi
  61. Akari kure karya nyene amaguru
  62. Akari kure ntikaba indaro
  63. Akari mu nda y'ingoma kamenywa n'uwayikanye
  64. Akari mu nda y'umugabo gaserurwa n'akari mu nda y'umubindi
  65. Akari mu nzu ntikaba isema
  66. Akarimi kakuresha si ko kakurongora
  67. Akaryana ntikaryamanwa
  68. Akaryoshe kahejeje imbeba mw'ibuye
  69. Akaryoshe ntigahora mw'itama
  70. Akaryoshe ntikarya umwe
  71. Akataretse kaba gasema
  72. Akatari nk'akandi aba ari ishano
  73. Akatavuga ntigahenda akavuga
  74. Akazi k'i bwami kica uwicaye
  75. Akazikira k'umugabo kazikwa n'isi
  76. Akazimiye ntaho katarondererwa
  77. Akeza karigura
  78. Akihuriye n'ingasiro gatera inda urweze
  79. Akosha umusyi kava mu ngasiro
  80. Amabanga abiri ntabangikanwa
  81. Amabarankuru yashikanye inyenzi i Buha
  82. Amaboko aguha n'ayakurika ntareha
  83. Amaboko ashikiriye ubuhiye yibagira umushike
  84. Amaboko matindi y'umukobwa asegura uwishe se
  85. Amaborogo y'umwagazi ntatera impuhwe ingwe
  86. Amacumu arwanya inzara ni amasuka
  87. Amacumu aterwa abagabo
  88. Amagara aramirwa ntamerwa
  89. Amagara aruta amagana
  90. Amagorwa ntasiga ayandi
  91. Amagorwa si ay'umwe
  92. Amaguru yitangira ku buriri agatahira mu mirambizo
  93. Amahera ntiyirirwa aho yaraye
  94. Amaherezo y'inzira ni mu nzu
  95. Amahoro atangurira mu mutima
  96. Amahoro ava mu nda
  97. Amakuru atarimwo umukuru yama ari amazimwe
  98. Amanyama arasara ntasaba
  99. Amanyama y'ururo ashirira mu ngasiro
  100. Amarara ntagura inyama
  1. Amaráso ava mu ruguma
  2. Amarira ní umuheto w'úruhînja
  3. Amasabo aguma nk'ámabuye
  4. Amasabo akwănkiye arāba imirázi
  5. Amasabo arakíza
  6. Amasabo arîca
  7. Amasé ya kêra ntáhomá urutaro
  8. Amasîndé y'înkúmi ntárārá
  9. Amâso y'íbikére ntábuzá abavôma
  10. Amâso ya bábiri arāba kubiri
  11. Amasūnzu sí amasáka
  12. Amáta y'înkúba anyōbwa n'ínkŭmbu
  13. Amatégeko aremēra nk'ámabuye
  14. Amatwí yūmva icó umutíma ushasháye
  15. Amaví y'úmushūmba ntáhāngâra izîko
  16. Amayira abiri yanániye imfyísi
  17. Amayira y'íshāmba amenywa n'îmêndé
  18. Amâzi arashûha ntíyībágira i bŭmbehó
  19. Amâzi asūmira ku mabuye
  20. Amâzi masabano ntámará imvyíro
  21. Amênyo aragutwēnga arí ayâwé
  22. Amênyo aratwēnga asíze intîmba mū nda
  23. Amênyo atwēngera ku majigo
  24. Amênyo ntíyībúka gushīmira ingásīro
  25. Amēru y'úmukwé amara indŏngoranywa
  26. Amôsozi y'úmugabo atēmba ája mū nda
  27. Amôsozi y'úmukûnzi ava mu rihúmye
  28. Amûnguranká ní yo mazíkēsha
  29. Babiri bĭshe imbwá y'úmwămi
  30. Babiri ntíbacībwá inká
  31. Bareke bāzé ní kwo kunēshwa
  32. Barimwótubíri ní isí ikugabúrira ikakuzīka
  33. Batānga inká ntíbatāngá Imâna
  34. Běne Imâna baruta běne imâri
  35. Běne vyó ni bó běne inămbu
  36. Bicīka báraguza
  37. Bukêbuké bukomeza igihonyi
  38. Bukêbuké bushikana umusíba ku mugezi
  39. Bukêbuké ni rwó rugēndo
  40. Gira só ntárutá gira icó uryá
  41. Gira só yītūrwa iyĭndi
  42. Gucá bugúfi bica inzira ntíbicá umugôngo
  43. Gusâza ní ugusahurwa
  44. Guseka umusóre sí ko kumuhanūra
  45. Gutāha gutūnga umugabo
  46. Hā gupfá wōzānzama
  47. Hā kubá imbwá wōba imvá
  48. Hā kubêsha wōbêsherwa
  49. Hā kugira amasáka wōgira amasabo
  50. Hā kugōka wōgōrwa
  51. Hā kuremēkwa akabōnge wōremēkwa amabuye
  52. Hā kuvûmba umukŭngu wōvūmba umukûnzi
  53. Hāga umutíma ntíhāgá uburyâmo
  54. Hapfa uwavûtse
  55. Hĭrya y'ûbwôba haba ubugabo
  56. Hitámwo bihema indyārya
  57. I bukûnzi ntíbwīrá
  58. Ibānga ní agacănwa katarahúrwa
  59. Ibānga ntírimirwá intáma
  60. Ibānga ribāngirwa ingáta
  61. Ibānga rirahéberwa
  62. Ibānga ry'íntāngo ribazwa umubûmvyi
  63. Ibigôra bigōra abagabo
  64. Ibihěngeri bitēra imfyísi urwěze
  65. Ibijá gucîka bica amarěnga
  66. Ibīntu bija ahó ibĭndi birí
  67. Ibīntu ní abāntu
  68. Ibísa birasabiranira
  69. Ibitárihó birîkaza
  70. Ibitěbu birarésha ntívyūbáka
  71. Ibitěbu vy'úmukêbá bikwēga agaheza
  72. Ibitúnye biruta ibitóbotse
  73. Ibuye riba ritó ntiríba ritŏto
  74. Ibuye riserútse ntíryīcá isúka
  75. Icâha cāha inká
  76. Icăyāye kivugira ibicúba ku macúniro
  77. Icĭrore kiguhisha inkavyi yăritse kw'īzosi
  78. Icĭvyāra ní ingwe
  79. Icĭzēre c'úmushēzi ntígihezwá na Vuguvûyaho
  80. Ico iguhá n'îcó ikuvyărira birāngana
  81. Icó Imâna igutútse ní co kikwĭca
  82. Icó uhāwé n'úgutôra ucākwa n'úgutâkara
  83. Icó umūntu akorá ní co kimukóra
  84. Icó umutíma ukūnzé isógo zisūmba inyama
  85. Icúmu rizôgucûngura ntúmenyá iyó ryăcuriwe
  86. Ifí ntímenyá ikirâza ishîngá urusěnga
  87. Ifí yāma mu mâzi ikāmana inyôta
  88. Ifúku itāzí agaheza ishōra agatwé ku mushíbuká
  89. Igera ntíritegá imvubú
  90. Igihēko gihēkera uwuhêkewe n'Îmâna
  91. Igihere giheza umugabo mū nzu
  92. Igikéburwa nticûmve ní imbwá kw'īgúfa
  93. Igikére gikera kítarâkererwa
  94. Igípfa câbúriwe ní impōngo
  95. Igisânīrá gica umwāno ishíga ryîkoreye
  96. Igisúma ní igifáshwe
  97. Igisúru kivūvūdikirwa mu gahubo
  98. Igíti căgukoze mu jîsho cāma gíhiritse
  99. Igíti cīkwîje amáhwa gitēra inkēnde amakēnga
  100. Igíti cīswé ingoma ntikibāzwá
  1. Amaraso ava mu ruguma
  2. Amarira ni umuheto w'uruhinja
  3. Amasabo aguma nk'amabuye
  4. Amasabo akwankiye araba imirazi
  5. Amasabo arakiza
  6. Amasabo arica
  7. Amase ya kera ntahoma urutaro
  8. Amasinde y'inkumi ntarara
  9. Amaso y'ibikere ntabuza abavoma
  10. Amaso ya babiri araba kubiri
  11. Amasunzu si amasaka
  12. Amata y'inkuba anyobwa n'inkumbu
  13. Amategeko aremera nk'amabuye
  14. Amatwi yumva ico umutima ushashaye
  15. Amavi y'umushumba ntahangara iziko
  16. Amayira abiri yananiye imfyisi
  17. Amayira y'ishamba amenywa n'imende
  18. Amazi arashuha ntiyibagira i bumbeho
  19. Amazi asumira ku mabuye
  20. Amazi masabano ntamara imvyiro
  21. Amenyo aragutwenga ari ayawe
  22. Amenyo aratwenga asize intimba mu nda
  23. Amenyo atwengera ku majigo
  24. Amenyo ntiyibuka gushimira ingasiro
  25. Ameru y'umukwe amara indongoranywa
  26. Amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
  27. Amosozi y'umukunzi ava mu rihumye
  28. Amunguranka ni yo mazikesha
  29. Babiri bishe imbwa y'umwami
  30. Babiri ntibacibwa inka
  31. Bareke baze ni kwo kuneshwa
  32. Barimwotubiri ni isi ikugaburira ikakuzika
  33. Batanga inka ntibatanga Imana
  34. Bene Imana baruta bene imari
  35. Bene vyo ni bo bene inambu
  36. Bicika baraguza
  37. Bukebuke bukomeza igihonyi
  38. Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi
  39. Bukebuke ni rwo rugendo
  40. Gira so ntaruta gira ico urya
  41. Gira so yiturwa iyindi
  42. Guca bugufi bica inzira ntibica umugongo
  43. Gusaza ni ugusahurwa
  44. Guseka umusore si ko kumuhanura
  45. Gutaha gutunga umugabo
  46. Ha gupfa wozanzama
  47. Ha kuba imbwa woba imva
  48. Ha kubesha wobesherwa
  49. Ha kugira amasaka wogira amasabo
  50. Ha kugoka wogorwa
  51. Ha kuremekwa akabonge woremekwa amabuye
  52. Ha kuvumba umukungu wovumba umukunzi
  53. Haga umutima ntihaga uburyamo
  54. Hapfa uwavutse
  55. Hirya y'ubwoba haba ubugabo
  56. Hitamwo bihema indyarya
  57. I bukunzi ntibwira
  58. Ibanga ni agacanwa katarahurwa
  59. Ibanga ntirimirwa intama
  60. Ibanga ribangirwa ingata
  61. Ibanga riraheberwa
  62. Ibanga ry'intango ribazwa umubumvyi
  63. Ibigora bigora abagabo
  64. Ibihengeri bitera imfyisi urweze
  65. Ibija gucika bica amarenga
  66. Ibintu bija aho ibindi biri
  67. Ibintu ni abantu
  68. Ibisa birasabiranira
  69. Ibitariho birikaza
  70. Ibitebu biraresha ntivyubaka
  71. Ibitebu vy'umukeba bikwega agaheza
  72. Ibitunye biruta ibitobotse
  73. Ibuye riba rito ntiriba ritoto
  74. Ibuye riserutse ntiryica isuka
  75. Icaha caha inka
  76. Icayaye kivugira ibicuba ku macuniro
  77. Icirore kiguhisha inkavyi yaritse kw'izosi
  78. Icivyara ni ingwe
  79. Icizere c'umushezi ntigihezwa na Vuguvuyaho
  80. Ico iguha n'ico ikuvyarira birangana
  81. Ico Imana igututse ni co kikwica
  82. Ico uhawe n'ugutora ucakwa n'ugutakara
  83. Ico umuntu akora ni co kimukora
  84. Ico umutima ukunze isogo zisumba inyama
  85. Icumu rizogucungura ntumenya iyo ryacuriwe
  86. Ifi ntimenya ikiraza ishinga urusenga
  87. Ifi yama mu mazi ikamana inyota
  88. Ifuku itazi agaheza ishora agatwe ku mushibuka
  89. Igera ntiritega imvubu
  90. Igiheko gihekera uwuhekewe n'imana
  91. Igihere giheza umugabo mu nzu
  92. Igikeburwa nticumve ni imbwa kw'igufa
  93. Igikere gikera kitarakererwa
  94. Igipfa caburiwe ni impongo
  95. Igisanira gica umwano ishiga ryikoreye
  96. Igisuma ni igifashwe
  97. Igisuru kivuvudikirwa mu gahubo
  98. Igiti cagukoze mu jisho cama gihiritse
  99. Igiti cikwije amahwa gitera inkende amakenga
  100. Igiti ciswe ingoma ntikibazwa
  1. Igíti cīswé umwâna ntígicānwá
  2. Igíti cūmyé cēgamira kibísi
  3. Igíti kigorōrwa kíkiri gitó
  4. Igíti kimwé ntíkibá ishāmba
  5. Igíti kirakúrira mu babāji
  6. Igíti ntíkigukóra mu jîsho kabiri
  7. Igíti utarí bwūríre ntúkirângamira
  8. Igitíka mu mapfá cīyita Bāndyabângaya
  9. Igitó gita uwagíkōye ntígitá uwakívyāye
  10. Igitó gitābwa iwăbo
  11. Igitúgu kirakúra ntígisūmbá izosi
  12. Ijāmbo rigukŭnze rikuguma mū nda
  13. Ijana ntíryānká mu rĭndi
  14. Ijîsho Nyawĭkwēgera riha abakwé ibinóko
  15. Ijîsho rigēnzwá n'ákăndi rigushīma akêmo
  16. Ijîsho riguséma n'írigúhēzagira ntákanurá kumwé
  17. Ijîsho rigutúka inkúba n'írigútuka inkúmi ntúriyobérwa
  18. Ijîsho ry'úwŭndi ntírigushĭmira umugeni
  19. Ijoro ntírigirá umutwăre
  20. Ikigoyi kīza bárima
  21. Ikigútwāye umutíma ní co kigutwăra agatwé
  22. Ikimúga gisūmba imvá
  23. Ikinyóma cā nyené urugó bagiha intébe kikīcaráko
  24. Ikinyóma cīca nyené co
  25. Ikinyóma cûmvīse ukúri kimena urūgi
  26. Ikinyóma kimara umŭsi ntíkimará umwâka
  27. Ikinyóma kiraryôha ntíkiryá umutsíma
  28. Ikinyoni kigurútse kítavuzé bacīta icâna
  29. Ikirémēra umutwé sí co kiremêra umutíma
  30. Ikirîrahábiri ntígiteramira ahó bavyiná amahása
  31. Ikirúta ikĭndi ní ijāmbo ry'úmusâza
  32. Ikirwa c'úmwămi ugiherūka ukícūbaka
  33. Ikitâzí cāmbarira urunega mu bakínegura
  34. Ikitâzí cīgānzira agahîye
  35. Ikitâzí cītiranya imāmba n'úmusíba
  36. Ikivūmbiko ntígitēshá ikivûmbuzi akarí ku mashíga
  37. Ikiyāgo gisūmba ikivi
  38. Ikīza ntíkīzíra umwé
  39. Imâna ifasha uwĭfashije
  40. Imâna igarurira ku makōmbokōmbo
  41. Imâna igira ahó imāníye
  42. Imâna igira amabóko marēmare
  43. Imâna iguhá irutwa n'íyăkīra
  44. Imâna iguhăye ní yo ikwăka
  45. Imâna ikurăbira umwânsi muba múri kumwé
  46. Imâna ikuvyărira sí yo ikureréra
  47. Imâna iragúha ntímugurá
  48. Imâna irarema ntítōránya
  49. Imâna itegéka ibīntu ní yo nkúru
  50. Imâna ntîhá uwĭcaye
  51. Imâna ntîhá uwĭsīze
  52. Imâna ntísīnzîra
  53. Imâna ya mwêne só si yó ya mwêne nyoko
  54. Imānga ntímaríra Imâna
  55. Imbeba irāríye umwôro iguguna urūgi
  56. Imbeba ntísāzíra mu kigega
  57. Imbeba zīyóbewe zitōnganira mu bigega
  58. Imbîtsi ya cāne ibīkira mukēbá
  59. Imbóga mbí ntízivá mū nkóno
  60. Imbógo ihotora ihîgwa
  61. Imbúrabâna yūgūmbira irekwe
  62. Imbúrabúgiríre ihūnga ijāmbo
  63. Imbúramaboko ibagara umushatsi
  64. Imbúto itēwé ní yo imerá
  65. Imbwá ibura sé ntíburá shêbuja
  66. Imbwá ifise amaguru ané igaca mū nzira imwé
  67. Imbwá ikugá ntíryāná
  68. Imbwá itūbáha indăva ikeburwa n'înyágutwí
  69. Imbwá itwāwé ku rutúgu ntíhīgá
  70. Imbwá ntígutwěngera iba ishâka kukúrya
  71. Imbwá ntísumá n'îyó isumyé ntíshikána
  72. Imbwá y'úmukwé ní yo mukwé
  73. Imbwá y'úmusega ihīgira mu bíti vy'úrugó
  74. Imbwá y'ûmwôro yība irwâye
  75. Imbwá yīnwa na nyéne yó
  76. Imbwá yīséma irya shêbuja
  77. Imfúra igwa mū mfúruká
  78. Imfúra na sé barāngana
  79. Imfyísi itōra mu rwāngara
  80. Imfyísi y'íwănyu ikurya ikúrūndarūnda
  81. Imigére ibiri ntítēréka
  82. Imirázi isūmba guhuma
  83. Imisega ibiri ntínanírwa igúfa
  84. Imĭsi irasa ntingána
  85. Imisibo ntírerá
  86. Imisózi iyó ikūmbúranye abató barahagwa
  87. Imiswi itāzí agaheza yūgamika agáca
  88. Imitămbire y'ímpōngo ní yo migĭrīre
  89. Imíti ikora ikóranye
  90. Impêmbo y'ûmwâna ipfa mu magodoka
  91. Impéne irīsha ahó izirítse
  92. Impfîzi ahó ishitsé irîvuga
  93. Impfîzi ivyāra ukó ivyāgíye
  94. Impfîzi y'índwānyi iterekērwa mwěne sé
  95. Impfîzi y'íntāma itēndera nka sé
  96. Impfûvyi iragōka
  97. Impfûvyi irīra kw'īshano
  98. Impfûvyi iseka rimwé
  99. Impĭnga imarwa n'úkuyāga
  100. Impōngo isubira ku rwûbuko
  1. Igiti ciswe umwana ntigicanwa
  2. Igiti cumye cegamira kibisi
  3. Igiti kigororwa kikiri gito
  4. Igiti kimwe ntikiba ishamba
  5. Igiti kirakurira mu babaji
  6. Igiti ntikigukora mu jisho kabiri
  7. Igiti utari bwurire ntukirangamira
  8. Igitika mu mapfa ciyita Bandyabangaya
  9. Igito gita uwagikoye ntigita uwakivyaye
  10. Igito gitabwa iwabo
  11. Igitugu kirakura ntigisumba izosi
  12. Ijambo rigukunze rikuguma mu nda
  13. Ijana ntiryanka mu rindi
  14. Ijisho Nyawikwegera riha abakwe ibinoko
  15. Ijisho rigenzwa n'akandi rigushima akemo
  16. Ijisho rigusema n'iriguhezagira ntakanura kumwe
  17. Ijisho rigutuka inkuba n'irigutuka inkumi nturiyoberwa
  18. Ijisho ry'uwundi ntirigushimira umugeni
  19. Ijoro ntirigira umutware
  20. Ikigoyi kiza barima
  21. Ikigutwaye umutima ni co kigutwara agatwe
  22. Ikimuga gisumba imva
  23. Ikinyoma ca nyene urugo bagiha intebe kikicarako
  24. Ikinyoma cica nyene co
  25. Ikinyoma cumvise ukuri kimena urugi
  26. Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka
  27. Ikinyoma kiraryoha ntikirya umutsima
  28. Ikinyoni kigurutse kitavuze bacita icana
  29. Ikiremera umutwe si co kiremera umutima
  30. Ikirirahabiri ntigiteramira aho bavyina amahasa
  31. Ikiruta ikindi ni ijambo ry'umusaza
  32. Ikirwa c'umwami ugiheruka ukicubaka
  33. Ikitazi cambarira urunega mu bakinegura
  34. Ikitazi ciganzira agahiye
  35. Ikitazi citiranya imamba n'umusiba
  36. Ikivumbiko ntigitesha ikivumbuzi akari ku mashiga
  37. Ikiyago gisumba ikivi
  38. Ikiza ntikizira umwe
  39. Imana ifasha uwifashije
  40. Imana igarurira ku makombokombo
  41. Imana igira aho imaniye
  42. Imana igira amaboko maremare
  43. Imana iguha irutwa n'iyakira
  44. Imana iguhaye ni yo ikwaka
  45. Imana ikurabira umwansi muba muri kumwe
  46. Imana ikuvyarira si yo ikurerera
  47. Imana iraguha ntimugura
  48. Imana irarema ntitoranya
  49. Imana itegeka ibintu ni yo nkuru
  50. Imana ntiha uwicaye
  51. Imana ntiha uwisize
  52. Imana ntisinzira
  53. Imana ya mwene so si yo ya mwene nyoko
  54. Imanga ntimarira Imana
  55. Imbeba irariye umworo iguguna urugi
  56. Imbeba ntisazira mu kigega
  57. Imbeba ziyobewe zitonganira mu bigega
  58. Imbitsi ya cane ibikira mukeba
  59. Imboga mbi ntiziva mu nkono
  60. Imbogo ihotora ihigwa
  61. Imburabana yugumbira irekwe
  62. Imburabugirire ihunga ijambo
  63. Imburamaboko ibagara umushatsi
  64. Imbuto itewe ni yo imera
  65. Imbwa ibura se ntibura shebuja
  66. Imbwa ifise amaguru ane igaca mu nzira imwe
  67. Imbwa ikuga ntiryana
  68. Imbwa itubaha indava ikeburwa n'inyagutwi
  69. Imbwa itwawe ku rutugu ntihiga
  70. Imbwa ntigutwengera iba ishaka kukurya
  71. Imbwa ntisuma n'iyo isumye ntishikana
  72. Imbwa y'umukwe ni yo mukwe
  73. Imbwa y'umusega ihigira mu biti vy'urugo
  74. Imbwa y'umworo yiba irwaye
  75. Imbwa yinwa na nyene yo
  76. Imbwa yisema irya shebuja
  77. Imfura igwa mu mfuruka
  78. Imfura na se barangana
  79. Imfyisi itora mu rwangara
  80. Imfyisi y'iwanyu ikurya ikurundarunda
  81. Imigere ibiri ntitereka
  82. Imirazi isumba guhuma
  83. Imisega ibiri ntinanirwa igufa
  84. Imisi irasa ntingana
  85. Imisibo ntirera
  86. Imisozi iyo ikumburanye abato barahagwa
  87. Imiswi itazi agaheza yugamika agaca
  88. Imitambire y'impongo ni yo migirire
  89. Imiti ikora ikoranye
  90. Impembo y'umwana ipfa mu magodoka
  91. Impene irisha aho iziritse
  92. Impfizi aho ishitse irivuga
  93. Impfizi ivyara uko ivyagiye
  94. Impfizi y'indwanyi iterekerwa mwene se
  95. Impfizi y'intama itendera nka se
  96. Impfuvyi iragoka
  97. Impfuvyi irira kw'ishano
  98. Impfuvyi iseka rimwe
  99. Impinga imarwa n'ukuyaga
  100. Impongo isubira ku rwubuko
  1. Imvugirakuyamara y'úmugabo ikūndwa na báke
  2. Imvúzi ya mênshi ivuga urwĭshe nyina
  3. Imyěnge y'ínzu imenywa na nyéne yó
  4. Inánkūndakuryá yarîye ubûki bw'îfûnděri
  5. Inanyi ikamwa měnshi
  6. Inánzōbirya mvyîkoreye yapfûye atîkóra inyuma
  7. Inda iremēra irí gusa
  8. Inda ndēnde ihūmira indyá
  9. Inda ndēnde irōngwa icúmu
  10. Inda ní akamenēsha bānga
  11. Inda ní amahănga
  12. Inda ní Bahomora
  13. Inda ní Barîtōraguza
  14. Inda ní sēha uzána
  15. Inda ní umwânsi
  16. Inda ntîbá impāmba
  17. Inda uyibarira icó wayirărije ntúyibaríra icó wayihăye
  18. Inda y'ûmwôro ibonekēsha agasámo
  19. Indahiro mbí ntigwāzá mū nda
  20. Indûrú ntígānzá ingoma
  21. Indyá y'úmugayo irya umugabo
  22. Inēra ibegerwa ku bwăyo igakūra ubwătsi
  23. Inēra ikunēra ku mukŏbwa igacīka umukwé
  24. Ingayi ya cāne uyitega Uburŭndi
  25. Ingēndo y'úwŭndi iravúna
  26. Ingēnzi ntígirá ihěmbe
  27. Ingēnzi ntígirá ihěmbe
  28. Ingēnzi y'ímihana ní yo nzanyi y'ámazímwe
  29. Ingeso irarába ntíhwērá
  30. Ingeso ntíryāmírwa
  31. Ingeso y'úrugó ntíyūbáka urŭndi
  32. Ingīngo sí ibigīngo
  33. Ingīngo y'íjāmbo iva mw'ījigo
  34. Ingo tubāné ní we ingo twānkáne
  35. Ingoma igānzwa n'ámashí
  36. Ingoma iruta iróbe
  37. Ingoma yagúkānze irahuhuma ugahūnga
  38. Ingōna iva mu rûzi ikarigata urume
  39. Ingūmba irīra kū mvyêyi
  40. Ingūmba itāzí ikíbi irigata ishênyo
  41. Ingwe igutwāra igitŭngwa ikagutānga kuráka
  42. Inkezi ikera urwó birēhá
  43. Inkíre ntíkirá kabiri
  44. Inkóko irāra mw'īshāmba igacīka inkwăre
  45. Inkóko yērá itāha kare
  46. Inkokókazi irapfá amagí akabora
  47. Inkoni nzīzá imerera ahăga
  48. Inkoni nzīzá imerera ahăga
  49. Inkóno isha ukó ishāká
  50. Inkúmi ikura iyĭndi igîye
  51. Inkūnda nkúbōnye irutwa n'ínkūnda nkúzirikanye
  52. Inkúru y'ûmwâna isubira inyuma
  53. Inkwăre irāmvyé itōra mw'ītōngo ry'úwayíhīga
  54. Inkwăre itōra mw'ītōngo agatíma kári mw'īshāmba
  55. Inkwăre ivunítse ihūra n'ûmwâna
  56. Inkwăre yīcwa n'índeretsi
  57. Inkwăre zisēzerana mu masesa
  58. Inshiramazīnda ntírerá impfûvyi
  59. Intábazá irya imiziro
  60. Intábiríma ntíyabírīye
  61. Intábisíga ni yó ntábisânga
  62. Intárābóna isēra iháha
  63. Intébe irutwa n'íntemére
  64. Intîbágira ntíbāná
  65. Intîbágira ntírerá impfûvyi
  66. Intŏre mwōhūrira kū nzira ntíwōyirārira
  67. Intŏre ntírāmbá
  68. Inyákamwe inyaga imwé
  69. Inyama y'ámarêré yatânze umuziha gusohoka
  70. Inyama y'úmugóre isha yîhina
  71. Inyána iranúra ntíshirá irēnda
  72. Inyănge ntíharánira kwěra
  73. Inyo y'înkóko uyērekwa n'úmuyaga
  74. Inyoni iguruka yîsūnga igíti
  75. Inyósha mbí ingana umurozi
  76. Inyūndo isigáranye abâna ihōnda imisé
  77. Inzara irahéra aríko igihému kibí ntígiherá
  78. Inzara itēranya abaséka
  79. Inzara ntíyīcá batānu yīca abatânye
  80. Inzérerezi ntíhāmbá sé
  81. Inzigo izigira mu gahĭnga
  82. Inzigo ntízigáma irêmbo
  83. Inzira ntíbará inkúru
  84. Inzira y'íshāmba igēndwa n'ábayîzi
  85. Inzira ya hâfi yamáze abatwá
  86. Inzóka ntíyīgórōra iba igîye
  87. Inzu ya Musavyi ntíyahîye
  88. Irakeregeza ikaba inkěcuru
  89. Iríba riba kare
  90. Iryěze kare ntírigerá ku murara
  91. Isári ntírēngá intŏre
  92. Isáse riva ku cûma
  93. Isāzi irí ubuté ntîryá ku gisebe
  94. Iséma isema básemerera
  95. Iséma y'úmukěcuru yīsīga umusoma
  96. Ishāmba ryăbāye indahiro ntíribá indagiro
  97. Ishávu ry'úmuvyêyi rirîrirwa ntírirārá
  98. Ishíga rimwé ntíryāríka
  99. Ishirásoní sí iyiróga ní iyírya abăndi bábona
  100. Ishûrwé rirêra kăndi rírura
  1. Imvugirakuyamara y'umugabo ikundwa na bake
  2. Imvuzi ya menshi ivuga urwishe nyina
  3. Imyenge y'inzu imenywa na nyene yo
  4. Inankundakurya yariye ubuki bw'ifunderi
  5. Inanyi ikamwa menshi
  6. Inanzobirya mvyikoreye yapfuye atikora inyuma
  7. Inda iremera iri gusa
  8. Inda ndende ihumira indya
  9. Inda ndende irongwa icumu
  10. Inda ni akamenesha banga
  11. Inda ni amahanga
  12. Inda ni Bahomora
  13. Inda ni Baritoraguza
  14. Inda ni seha uzana
  15. Inda ni umwansi
  16. Inda ntiba impamba
  17. Inda uyibarira ico wayirarije ntuyibarira ico wayihaye
  18. Inda y'umworo ibonekesha agasamo
  19. Indahiro mbi ntigwaza mu nda
  20. Induru ntiganza ingoma
  21. Indya y'umugayo irya umugabo
  22. Inera ibegerwa ku bwayo igakura ubwatsi
  23. Inera ikunera ku mukobwa igacika umukwe
  24. Ingayi ya cane uyitega Uburundi
  25. Ingendo y'uwundi iravuna
  26. Ingenzi ntigira ihembe
  27. Ingenzi ntigira ihembe
  28. Ingenzi y'imihana ni yo nzanyi y'amazimwe
  29. Ingeso iraraba ntihwera
  30. Ingeso ntiryamirwa
  31. Ingeso y'urugo ntiyubaka urundi
  32. Ingingo si ibigingo
  33. Ingingo y'ijambo iva mw'ijigo
  34. Ingo tubane ni we ingo twankane
  35. Ingoma iganzwa n'amashi
  36. Ingoma iruta irobe
  37. Ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga
  38. Ingona iva mu ruzi ikarigata urume
  39. Ingumba irira ku mvyeyi
  40. Ingumba itazi ikibi irigata ishenyo
  41. Ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kuraka
  42. Inkezi ikera urwo bireha
  43. Inkire ntikira kabiri
  44. Inkoko irara mw'ishamba igacika inkware
  45. Inkoko yera itaha kare
  46. Inkokokazi irapfa amagi akabora
  47. Inkoni nziza imerera ahaga
  48. Inkoni nziza imerera ahaga
  49. Inkono isha uko ishaka
  50. Inkumi ikura iyindi igiye
  51. Inkunda nkubonye irutwa n'inkunda nkuzirikanye
  52. Inkuru y'umwana isubira inyuma
  53. Inkware iramvye itora mw'itongo ry'uwayihiga
  54. Inkware itora mw'itongo agatima kari mw'ishamba
  55. Inkware ivunitse ihura n'umwana
  56. Inkware yicwa n'inderetsi
  57. Inkware zisezerana mu masesa
  58. Inshiramazinda ntirera impfuvyi
  59. Intabaza irya imiziro
  60. Intabirima ntiyabiriye
  61. Intabisiga ni yo ntabisanga
  62. Intarabona isera ihaha
  63. Intebe irutwa n'intemere
  64. Intibagira ntibana
  65. Intibagira ntirera impfuvyi
  66. Intore mwohurira ku nzira ntiwoyirarira
  67. Intore ntiramba
  68. Inyakamwe inyaga imwe
  69. Inyama y'amarere yatanze umuziha gusohoka
  70. Inyama y'umugore isha yihina
  71. Inyana iranura ntishira irenda
  72. Inyange ntiharanira kwera
  73. Inyo y'inkoko uyerekwa n'umuyaga
  74. Inyoni iguruka yisunga igiti
  75. Inyosha mbi ingana umurozi
  76. Inyundo isigaranye abana ihonda imise
  77. Inzara irahera ariko igihemu kibi ntigihera
  78. Inzara iteranya abaseka
  79. Inzara ntiyica batanu yica abatanye
  80. Inzererezi ntihamba se
  81. Inzigo izigira mu gahinga
  82. Inzigo ntizigama irembo
  83. Inzira ntibara inkuru
  84. Inzira y'ishamba igendwa n'abayizi
  85. Inzira ya hafi yamaze abatwa
  86. Inzoka ntiyigorora iba igiye
  87. Inzu ya Musavyi ntiyahiye
  88. Irakeregeza ikaba inkecuru
  89. Iriba riba kare
  90. Iryeze kare ntirigera ku murara
  91. Isari ntirenga intore
  92. Isase riva ku cuma
  93. Isazi iri ubute ntirya ku gisebe
  94. Isema isema basemerera
  95. Isema y'umukecuru yisiga umusoma
  96. Ishamba ryabaye indahiro ntiriba indagiro
  97. Ishavu ry'umuvyeyi riririrwa ntirirara
  98. Ishiga rimwe ntiryarika
  99. Ishirasoni si iyiroga ni iyirya abandi babona
  100. Ishurwe rirera kandi rirura
  1. Isóni zirīsha ishano
  2. Isúka yāmá iríma ntîgwá ingése
  3. Itáma ridatamíye ntíritamúra
  4. Itêká urihābwa n'úmugóre
  5. Ivy'ábăndi bishīnga amâso ntíbishīngá amênyo
  6. Ivy'ábapfú birya abapfúmu
  7. Ivy'ějo bibonwa n'Îmâna
  8. Ivyā gusa bitēra ubwênge buké
  9. Iyā nyuma ihāga inkoni
  10. Iyakáremye ní yo ikaména
  11. Iyakúrīye ntúyigéra inkoni
  12. Iyănka kuzímira irâbira
  13. Iyarâye ubúsa ntívugá
  14. Iyibíze nâbí uyīma ifu
  15. Iyĭgānje yīma izĭndi zíbona
  16. Iyigéze kure ntâ yitáyigéra ihěmbe
  17. Iyihôngotse arí imwé ntíbuzá izĭndi kurîsha
  18. Iyijá kurîsha ihēra kū nâma
  19. Iyikîtse ntâ wutáyikóra mū nda
  20. Iyikúbūriye ntíkuryá
  21. Iyirí ubwôba irahwêza
  22. Iyítăkōye nyoko uyihonyora mu mayêzi
  23. Iyivyâriye ku macúniro ntîbá ikíbāzwe
  24. Iyivyâye amashūri iyīcūnguza amarāgo
  25. Iyivyâye ikibóze irakírigata
  26. Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá
  27. Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá
  28. Iyó utēyé ibuye mū mbwá nyĭnshi iyimótse ní yo ubá ugémye
  29. Iyó uvá ntíhakuvá inyuma
  30. Izā nyabutīndi zămazwe n'úmugére w'ísāzi
  31. Izijá guhóna zihēra mu ruhŏngore
  32. Izikénye ziruta izinyázwe
  33. Izo zābíra zări imitavu
  34. Izo zibiká zări amági
  35. Kabiri karazirwa
  36. Kananira abagabo ntíyĭmye
  37. Karimanzigo ntíyīmbúra
  38. Kibúrabwênge c'úmugabo yakwîkiye ishênyo mu gisomasoma
  39. Kubá murēmure sí ko kumanura imvúra
  40. Kubáho ní ukubâna
  41. Kugōrwa sí ko kugōka
  42. Kuraguza kurutwa nó kugēndereza
  43. Kure ní mū nda
  44. Kuryá ní kare
  45. Maguru ya Nyárwări yasíze imvúra n'úmuguha
  46. Mpa nūmvé yĭshwe n'úmuráhu
  47. Mpūngé urw'ăha yakímajije amaguru
  48. Mū nda haba umutíma ntíhabá umutsíma
  49. Mū nda harāra inzara hakavyūka inzigo
  50. Mukâsó sí nyoko
  51. Mukúru w'íjāmbo ní irĭndi
  52. N'ubúsa burazirwa
  53. Na Bucangênda yapfûye atágīyé
  54. Nári ntíhābwá intébe
  55. Ndabirīnze yagûye mu mirīnzi
  56. Ndacâri mutó ní bwo butīndi
  57. Ndaryĭmare ní we ndaryĭtēre
  58. Ndi umugabo ní ko gupfá
  59. Ndimé nshīmwé yagûye mw'īsemo
  60. Ndīndé yarápfūye Mpūngé arakíra
  61. Ngira ukó nakúgize ní we agōrá
  62. Ntā buja bukizá
  63. Ntā bwênge bw'ŭmwe
  64. Ntā kěra kā gusa
  65. Ntā mpōngano y'ûmwânsi
  66. Ntā mugabo umwé
  67. Ntā mukúru aburá mukúruwé
  68. Ntā muzīndutsi wa kare ku mutíma w'úwŭndi
  69. Ntā mwîzá w'ínzara
  70. Ntā nda iburá intŭntu
  71. Ntā ngoma itavugá
  72. Ntā nkokókazi ibíka isăke irího
  73. Ntā ntāmbara iburá inkomére
  74. Ntā rirênga rícāka
  75. Ntā rubănza ruburá ijāmbo
  76. Ntā rutôha rútūhíwe
  77. Ntā wakóreye Imâna yĭkoreye amabóko
  78. Ntā wăma ahîriwe
  79. Ntā wămbara yárahénye
  80. Ntā wĭcīra rubí
  81. Ntā wĭcīra urubănza
  82. Ntā wĭkūra kurí nyina ngo yaráshāje
  83. Ntā wubândwa abângikanije
  84. Ntā wubûrana n'úwumúgaba
  85. Ntā wubûrana n'úwumúhāmba
  86. Ntā wúca urubănza atūmvīse
  87. Ntā wúgwa mu bânsi ngo agēndé amahóro
  88. Ntā wuhêka uwutîsîmbiza
  89. Ntā wuhérekeza uwĭcaye
  90. Ntā wurímira amasáka ahó atagirá amasabo
  91. Ntā wurîra ibigôri ahó yagôrewe
  92. Ntā wurônderera ubwîzá mw'īkazānga
  93. Ntā wúrya inzóka ngo ananírwe n'úmurīzo
  94. Ntā wusába amáta ahó akōmbwá
  95. Ntā wusíga inká mw'īgabiro
  96. Ntā wusîmba agasîndé
  97. Ntā wutânga Imâna kwĭhebūra
  98. Ntā wutêra icúmu mw'īcúmi
  99. Ntā wutîza urūgi imfyísi zâtêye
  100. Ntā wutôngana ahó atabá
  1. Isoni zirisha ishano
  2. Isuka yama irima ntigwa ingese
  3. Itama ridatamiye ntiritamura
  4. Iteka urihabwa n'umugore
  5. Ivy'abandi bishinga amaso ntibishinga amenyo
  6. Ivy'abapfu birya abapfumu
  7. Ivy'ejo bibonwa n'Imana
  8. Ivya gusa bitera ubwenge buke
  9. Iya nyuma ihaga inkoni
  10. Iyakaremye ni yo ikamena
  11. Iyakuriye ntuyigera inkoni
  12. Iyanka kuzimira irabira
  13. Iyaraye ubusa ntivuga
  14. Iyibize nabi uyima ifu
  15. Iyiganje yima izindi zibona
  16. Iyigeze kure nta yitayigera ihembe
  17. Iyihongotse ari imwe ntibuza izindi kurisha
  18. Iyija kurisha ihera ku nama
  19. Iyikitse nta wutayikora mu nda
  20. Iyikuburiye ntikurya
  21. Iyiri ubwoba irahweza
  22. Iyitakoye nyoko uyihonyora mu mayezi
  23. Iyivyariye ku macuniro ntiba ikibazwe
  24. Iyivyaye amashuri iyicunguza amarago
  25. Iyivyaye ikiboze irakirigata
  26. Iyo induru ivuze umushumba atanga shebuja gupfa
  27. Iyo induru ivuze umushumba atanga shebuja gupfa
  28. Iyo uteye ibuye mu mbwa nyinshi iyimotse ni yo uba ugemye
  29. Iyo uva ntihakuva inyuma
  30. Iza nyabutindi zamazwe n'umugere w'isazi
  31. Izija guhona zihera mu ruhongore
  32. Izikenye ziruta izinyazwe
  33. Izo zabira zari imitavu
  34. Izo zibika zari amagi
  35. Kabiri karazirwa
  36. Kananira abagabo ntiyimye
  37. Karimanzigo ntiyimbura
  38. Kiburabwenge c'umugabo yakwikiye ishenyo mu gisomasoma
  39. Kuba muremure si ko kumanura imvura
  40. Kubaho ni ukubana
  41. Kugorwa si ko kugoka
  42. Kuraguza kurutwa no kugendereza
  43. Kure ni mu nda
  44. Kurya ni kare
  45. Maguru ya Nyarwari yasize imvura n'umuguha
  46. Mpa numve yishwe n'umurahu
  47. Mpunge urw'aha yakimajije amaguru
  48. Mu nda haba umutima ntihaba umutsima
  49. Mu nda harara inzara hakavyuka inzigo
  50. Mukaso si nyoko
  51. Mukuru w'ijambo ni irindi
  52. N'ubusa burazirwa
  53. Na Bucangenda yapfuye atagiye
  54. Nari ntihabwa intebe
  55. Ndabirinze yaguye mu mirinzi
  56. Ndacari muto ni bwo butindi
  57. Ndaryimare ni we ndaryitere
  58. Ndi umugabo ni ko gupfa
  59. Ndime nshimwe yaguye mw'isemo
  60. Ndinde yarapfuye Mpunge arakira
  61. Ngira uko nakugize ni we agora
  62. Nta buja bukiza
  63. Nta bwenge bw'umwe
  64. Nta kera ka gusa
  65. Nta mpongano y'umwansi
  66. Nta mugabo umwe
  67. Nta mukuru abura mukuruwe
  68. Nta muzindutsi wa kare ku mutima w'uwundi
  69. Nta mwiza w'inzara
  70. Nta nda ibura intuntu
  71. Nta ngoma itavuga
  72. Nta nkokokazi ibika isake iriho
  73. Nta ntambara ibura inkomere
  74. Nta rirenga ricaka
  75. Nta rubanza rubura ijambo
  76. Nta rutoha rutuhiwe
  77. Nta wakoreye Imana yikoreye amaboko
  78. Nta wama ahiriwe
  79. Nta wambara yarahenye
  80. Nta wicira rubi
  81. Nta wicira urubanza
  82. Nta wikura kuri nyina ngo yarashaje
  83. Nta wubandwa abangikanije
  84. Nta wuburana n'uwumugaba
  85. Nta wuburana n'uwumuhamba
  86. Nta wuca urubanza atumvise
  87. Nta wugwa mu bansi ngo agende amahoro
  88. Nta wuheka uwutisimbiza
  89. Nta wuherekeza uwicaye
  90. Nta wurimira amasaka aho atagira amasabo
  91. Nta wurira ibigori aho yagorewe
  92. Nta wuronderera ubwiza mw'ikazanga
  93. Nta wurya inzoka ngo ananirwe n'umurizo
  94. Nta wusaba amata aho akombwa
  95. Nta wusiga inka mw'igabiro
  96. Nta wusimba agasinde
  97. Nta wutanga Imana kwihebura
  98. Nta wutera icumu mw'icumi
  99. Nta wutiza urugi imfyisi zateye
  100. Nta wutongana aho ataba
  1. Ntā wutûra ngo atūrwé hāsí
  2. Ntā yígwa mu zîko ikūráyo inkóba zöse
  3. Ntā yĭruka itábūndá
  4. Ntā zibâna zítagerána amahěmbe
  5. Ntarátaze aruta mbūndâre
  6. Ntihāgá ibihúgu hāga imitíma
  7. Nyamwānka iyó bivá yatútse umwămi w'înká
  8. Nyamwīgēndáko ntárimíra impěshi
  9. Nyené amaguru yĭrukiye nyené umugisha
  10. Nyené amâso yērekwa biké ibĭndi akîrābira
  11. Nyené ibīntu ní we nyené ubúsa
  12. Nyené imbúgitá ní uwuyífashe ikirĭndi
  13. Nyené umupfú ní we amujá ahanûka
  14. Nyina w'úmukŭngu ntávyiná nâbí
  15. Nyina w'úmūntu ní gasâto gahishá amahere
  16. Nyokórome akuruma akúbona
  17. Nzōbirya ngárutse yagûye inyuma y'íkibira
  18. Sakírimi kibí yatânze umurozi gupfá
  19. Sinabíkoze yakóze umugabo mw'īrúgu
  20. Sīndyá aka aba yárīye akăndi
  21. Sīndyá aka ahinyuzwa n'úmusáse
  22. Só akwănka akuraga ivyămunaniye
  23. Sōkwé Sōkwé irutwa na só araroga
  24. Tubiri tuvūrana ubúpfu
  25. Uba ahabóna ukahábonera
  26. Ubāna na Súnēbá ugasunēba nka wé
  27. Ubēshera uwapfûye ugapfa nka wé
  28. Ubîka inzigo ntúzigáma irêmbo
  29. Ubugâbá bw'úmugabo ní bwo búryo bwîwé
  30. Ubugabo burîhābwa
  31. Ubugabo sí urucúmu
  32. Ubugúfi sí indwâra
  33. Ubukêye bucāna ayăndi
  34. Ubukúru sí bwo bwênge
  35. Ubúmwe buramōta
  36. Ubunyegeri buyāgira kw'īgúfa
  37. Ubunyegeri bwĭnshi ntíbwīmbá
  38. Uburîye umugabo ntíbubēshérwa umwâna
  39. Ubúro bwĭnshi ntíbuvá umusurúru
  40. Uburŭndi bugona búri mâso
  41. Ubúsa busūmba akamăramāza
  42. Ubusâza bunyaga ubugabo
  43. Ubusĭmbi busāngíye amajānja ntíbuhishánya amajāmbo
  44. Ubusúma ntáwe bwěreye
  45. Ubusumano buhāza umutwé
  46. Ubúsya uwŭndi burôroha
  47. Ubuté buta mu zîko
  48. Ubwâto bwītângiye bukira umuyaga
  49. Ubwătsi burashá bukabisa ubŭndi
  50. Ubwênge bukwănse būza mū nyuma
  51. Ubwênge burarahurwa
  52. Ubwênge buva i muhana
  53. Ubwênge bw'ŭmwe ní isáho itobótse
  54. Ubwĭra bugacá ntíbugutĕranya n'încúti
  55. Ubwīriza uwuryá ngo urānsaba
  56. Ubwîzá bugukŭnze buja ku mutíma
  57. Ubwîzá bukwănse buja ahó batabubóna
  58. Ubwîzá bw'înká ní kubá imwé
  59. Ubwîzá ntíburībwá
  60. Ubwôro bucīsha ubwênge
  61. Uca bugúfi ugaca igitōke
  62. Uca mw'īshāmba utāzí ugaca inkoni utāzí
  63. Ucāna ubúsa ukēnyegeza intoke
  64. Ufōra cāne ukavuna umuheto
  65. Ugaya ahó ubá rikarēnga arího urí
  66. Ugaya ubw'îfûni ukarâra umwâka
  67. Ugēnda utábazá ugasāza utámenyé
  68. Ugēndera mu makānda y'ínzovu ugakira urume
  69. Ugona mw'īrima ikivi kikaba kírāye
  70. Uguhūnga ní uguhumāna
  71. Ugutâmbuka ní ko kugēnda
  72. Ugutânga ní ugutânguza
  73. Ugutsîtāra ní kwo kwīgirwa imbere
  74. Uhēra umurozi akaguhēkūra
  75. Uheza guhemuka ibigôri bikêra
  76. Uhisha ubwări nyoko ntíwāráma
  77. Uhishīra umurozi akakumarira abâna
  78. Ukira umukêbá ntúkirá icó avyāyé
  79. Ukó imvúra ikuvyé sí ko itwārá
  80. Ukó so aguhăye umwâka ní ko uwuryá
  81. Ukó yēzé ní ko atemwá
  82. Ukó yēzé sí ko atemwá
  83. Ukó zivugíjwe ní ko zitāmbwá
  84. Ukora icîzá ukagisānga imbere
  85. Ukubóko kumwé kurîyaga ntíkwīmára ubúryi
  86. Ukúri guca mu zîko ntígushá
  87. Ukúri gushirira mu kuyāga
  88. Ukúri kurazirwa
  89. Ukúri ntíkubuzá ukuvûmba
  90. Ukúri ntíkuvugá uwukúze kuvuga uwukûzi
  91. Ukurima ntíkubuzá ukurimārima
  92. Ukurimira mū ndâré ní ukuzīnduka
  93. Ukuvúga ntígukūrá akănka
  94. Ukwĭbarira ní kwo kubêsha
  95. Ukwĭga ntíkubuzá ukwĭganyira
  96. Ukwîruka sí ko gushika amahóro
  97. Umena ibānga rikakumena inda
  98. Umubânyi ní we muryāngo
  99. Umubĭndi ushira uvyîmvye
  100. Umubiri ubira akábi
  1. Nta wutura ngo aturwe hasi
  2. Nta yigwa mu ziko ikurayo inkoba zose
  3. Nta yiruka itabunda
  4. Nta zibana zitagerana amahembe
  5. Ntarataze aruta mbundare
  6. Ntihaga ibihugu haga imitima
  7. Nyamwanka iyo biva yatutse umwami w'inka
  8. Nyamwigendako ntarimira impeshi
  9. Nyene amaguru yirukiye nyene umugisha
  10. Nyene amaso yerekwa bike ibindi akirabira
  11. Nyene ibintu ni we nyene ubusa
  12. Nyene imbugita ni uwuyifashe ikirindi
  13. Nyene umupfu ni we amuja ahanuka
  14. Nyina w'umukungu ntavyina nabi
  15. Nyina w'umuntu ni gasato gahisha amahere
  16. Nyokorome akuruma akubona
  17. Nzobirya ngarutse yaguye inyuma y'ikibira
  18. Sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa
  19. Sinabikoze yakoze umugabo mw'irugu
  20. Sindya aka aba yariye akandi
  21. Sindya aka ahinyuzwa n'umusase
  22. So akwanka akuraga ivyamunaniye
  23. Sokwe Sokwe irutwa na so araroga
  24. Tubiri tuvurana ubupfu
  25. Uba ahabona ukahabonera
  26. Ubana na Suneba ugasuneba nka we
  27. Ubeshera uwapfuye ugapfa nka we
  28. Ubika inzigo ntuzigama irembo
  29. Ubugaba bw'umugabo ni bwo buryo bwiwe
  30. Ubugabo burihabwa
  31. Ubugabo si urucumu
  32. Ubugufi si indwara
  33. Ubukeye bucana ayandi
  34. Ubukuru si bwo bwenge
  35. Ubumwe buramota
  36. Ubunyegeri buyagira kw'igufa
  37. Ubunyegeri bwinshi ntibwimba
  38. Uburiye umugabo ntibubesherwa umwana
  39. Uburo bwinshi ntibuva umusururu
  40. Uburundi bugona buri maso
  41. Ubusa busumba akamaramaza
  42. Ubusaza bunyaga ubugabo
  43. Ubusimbi busangiye amajanja ntibuhishanya amajambo
  44. Ubusuma ntawe bwereye
  45. Ubusumano buhaza umutwe
  46. Ubusya uwundi buroroha
  47. Ubute buta mu ziko
  48. Ubwato bwitangiye bukira umuyaga
  49. Ubwatsi burasha bukabisa ubundi
  50. Ubwenge bukwanse buza mu nyuma
  51. Ubwenge burarahurwa
  52. Ubwenge buva i muhana
  53. Ubwenge bw'umwe ni isaho itobotse
  54. Ubwira bugaca ntibuguteranya n'incuti
  55. Ubwiriza uwurya ngo uransaba
  56. Ubwiza bugukunze buja ku mutima
  57. Ubwiza bukwanse buja aho batabubona
  58. Ubwiza bw'inka ni kuba imwe
  59. Ubwiza ntiburibwa
  60. Ubworo bucisha ubwenge
  61. Uca bugufi ugaca igitoke
  62. Uca mw'ishamba utazi ugaca inkoni utazi
  63. Ucana ubusa ukenyegeza intoke
  64. Ufora cane ukavuna umuheto
  65. Ugaya aho uba rikarenga ariho uri
  66. Ugaya ubw'ifuni ukarara umwaka
  67. Ugenda utabaza ugasaza utamenye
  68. Ugendera mu makanda y'inzovu ugakira urume
  69. Ugona mw'irima ikivi kikaba kiraye
  70. Uguhunga ni uguhumana
  71. Ugutambuka ni ko kugenda
  72. Ugutanga ni ugutanguza
  73. Ugutsitara ni kwo kwigirwa imbere
  74. Uhera umurozi akaguhekura
  75. Uheza guhemuka ibigori bikera
  76. Uhisha ubwari nyoko ntiwarama
  77. Uhishira umurozi akakumarira abana
  78. Ukira umukeba ntukira ico avyaye
  79. Uko imvura ikuvye si ko itwara
  80. Uko so aguhaye umwaka ni ko uwurya
  81. Uko yeze ni ko atemwa
  82. Uko yeze si ko atemwa
  83. Uko zivugijwe ni ko zitambwa
  84. Ukora iciza ukagisanga imbere
  85. Ukuboko kumwe kuriyaga ntikwimara uburyi
  86. Ukuri guca mu ziko ntigusha
  87. Ukuri gushirira mu kuyaga
  88. Ukuri kurazirwa
  89. Ukuri ntikubuza ukuvumba
  90. Ukuri ntikuvuga uwukuze kuvuga uwukuzi
  91. Ukurima ntikubuza ukurimarima
  92. Ukurimira mu ndare ni ukuzinduka
  93. Ukuvuga ntigukura akanka
  94. Ukwibarira ni kwo kubesha
  95. Ukwiga ntikubuza ukwiganyira
  96. Ukwiruka si ko gushika amahoro
  97. Umena ibanga rikakumena inda
  98. Umubanyi ni we muryango
  99. Umubindi ushira uvyimvye
  100. Umubiri ubira akabi
  1. Umubiri uvyāra udáhatsé
  2. Umucúzi w'ímitíma ntíyayírīnganije
  3. Umúfa w'ímbwěbwe unyōbwa ugíshūshe
  4. Umugabo ahāga amâzi ayîvōmeye
  5. Umugabo aheza kwŭbaka bámwūbakiyéko
  6. Umugabo akira iryó atēwé ntákirá iryó agēndána
  7. Umugabo amira intóre ntámirá ijāmbo
  8. Umugabo ananira abagabo ntánaníra akōbo
  9. Umugabo anyāgirwa umubiri ntányāgírwa umutíma
  10. Umugabo apfāna imigămbi
  11. Umugabo aravúga umugóre yavugá rukaba rúcītse itōngo
  12. Umugabo arīnda akăje
  13. Umugabo asiga imbwá ntásigá umugayo
  14. Umugabo asīmba akaziba ntásīmbá akaziri
  15. Umugabo atabwīrwá yĭkebeye inyama itarībwá
  16. Umugabo atarí so akwībuka ahéjeje kuryá
  17. Umugabo atēmba kw'īcúmu ntátēmbá kw'ījāmbo
  18. Umugabo atīnya ingwe ntátīnyá iyamwînjiranye
  19. Umugabo atūnga uwŭndi apfûye
  20. Umugabo mubí ní ubwâgiro
  21. Umugabo ní umwâna w'úwŭndi
  22. Umugabo ní umwūgariro
  23. Umugabo ntáhorá ararwāna aba akûmbuye gutêka
  24. Umugabo ntápfīrá izûba rimwé
  25. Umugabo ntávūmbá inzóga avūmba ijāmbo
  26. Umugabo ntíyīcwá n'ínzara yīcwa n'ínzigo
  27. Umugabo umwé agerwa kurí nyina ntágerwá ku mwămi
  28. Umugáni ntûvá ku gíti uva ku mūntu
  29. Umugáni ugana akarího
  30. Umugáni ungana ingoma
  31. Umugēnzi arakurutira incúti
  32. Umugēnzi ararírēnza
  33. Umugére uva kū nyo
  34. Umugére w'úmugóre uhīnda uhéra
  35. Umugóre arakáma intáre
  36. Umugóre asa n'ûmwâna
  37. Umugóre atānwa abâna ntátānwá ibigega
  38. Umugóre ní inkĭngi y'úrugó
  39. Umugóre ní ndyāna n'úwějeje
  40. Umugóre ntárirîmba aba aríko aracúra intîmba
  41. Umugóre ntásīmbá urugó aba agômba kurugwa inyuma
  42. Umugóre ntátwārá icúmu
  43. Umugóre sí akazûru
  44. Umugóre w'întárimá yōnsa isúka
  45. Umuhĭgi arí kure ntávuná imbwá
  46. Umuhíni mushăsha utēra amabávu
  47. Umuhúshatûnga w'úmugabo ahusha umugóre
  48. Umukěngesha w'ímpōngo ayihīgīsha iróbe
  49. Umūntu ahūnga urwîmo ntáhūngá urupfú
  50. Umūntu akira icó abēshéwe ntákirá icó yībêsheye
  51. Umūntu arasōnza akībuka n'ûbwó yahâye imbwá
  52. Umupfú ntáburá uwumúpfunya
  53. Umuryāngo ntúbuzá umuryângo w'ínzu kuva
  54. Umuryāngo uba ku muryângo
  55. Umuryāngo ujá guhóna ubāndwa wöse
  56. Umuryāngo umwé ntíwūríza umwămi umugwa
  57. Umuryāngo utaziríriza urazíma
  58. Umuryí wa cāne ahasha umusyi
  59. Umusavyi w'ûrwânko agabana n'íngoga
  60. Umusazi arasara akagwa kw'ījāmbo
  61. Umuségo utagoná nyoko ntíwīshîmirwa
  62. Umushēzi yānka uwŭndi
  63. Umusóre umuhana aváyo ntúmuhána ajáyo
  64. Umusóre yōkurásira ntíyōgusabira
  65. Umúswa urya umuhíni usótera isúka
  66. Umutâga wīmukira ijoro
  67. Umutámiro w'ífūndi uhāza umuryāngo
  68. Umutavu wó mu kanwa uracá ntíbagarúra
  69. Umúti w'îmbwá wāhwa ku rugó
  70. Umutíma ntûbá mwôro
  71. Umutíma ntúgirá igúfa
  72. Umutíma usobétse amagánya ntúsobânura ijāmbo
  73. Umutīndi atīnda ku mwônga abăndi bávōma
  74. Umutīndi w'înká atuka uwayímutīje
  75. Umutsíma w'Îmâna urya abarâmbije abarâmbiwe bátāshe
  76. Umutwé umwé ntíwīgîra inâma
  77. Umuvyêyi ahakurira ku rutaro akarīra ku rutoke
  78. Umuvyêyi atarí nyoko agushīmira inda yā mbere
  79. Umuzímu urīra ku muzima
  80. Umwâka w'ákănka ubúro burabûngwa
  81. Umwămi acumura yîcaye
  82. Umwămi ntíyīcá hīca Uburŭndi
  83. Umwâna ahora atînya ikára arítōye
  84. Umwâna ananira sé ntánaníra sêntáre
  85. Umwâna arahôngoka nyina akâsama
  86. Umwâna arakunanira arí uwâwé
  87. Umwâna arya inkóko nyina akayiruka amŏya
  88. Umwâna murizi ntátōrwá urutózi
  89. Umwâna sí uw'ŭmwe
  90. Umwâna umurya imvānda akazōkurya imví
  91. Umwâna umwé ntâ mwâna
  92. Umwâna w'íngwe ní yo ngwe
  93. Umwâna w'ínkēnde apfa yûrira igíti
  94. Umwâna w'îséma arirana umutsíma mū ntoke
  95. Umwâna w'îséma avuma ibêre ryămwōnkeje
  96. Umwâna w'îsúre avūkana isūnzu
  97. Umwâna w'úwŭndi akurya múyāga
  98. Umwâna w'úwŭndi ugira ngo ingo turwāné ntúgirá ngo ingo ndagukubíte
  99. Umwâna w'úwŭndi yīmba agúhisha ivú
  100. Umwâna yānāna kurí nyina
  1. Umubiri uvyara udahatse
  2. Umucuzi w'imitima ntiyayiringanije
  3. Umufa w'imbwebwe unyobwa ugishushe
  4. Umugabo ahaga amazi ayivomeye
  5. Umugabo aheza kwubaka bamwubakiyeko
  6. Umugabo akira iryo atewe ntakira iryo agendana
  7. Umugabo amira intore ntamira ijambo
  8. Umugabo ananira abagabo ntananira akobo
  9. Umugabo anyagirwa umubiri ntanyagirwa umutima
  10. Umugabo apfana imigambi
  11. Umugabo aravuga umugore yavuga rukaba rucitse itongo
  12. Umugabo arinda akaje
  13. Umugabo asiga imbwa ntasiga umugayo
  14. Umugabo asimba akaziba ntasimba akaziri
  15. Umugabo atabwirwa yikebeye inyama itaribwa
  16. Umugabo atari so akwibuka ahejeje kurya
  17. Umugabo atemba kw'icumu ntatemba kw'ijambo
  18. Umugabo atinya ingwe ntatinya iyamwinjiranye
  19. Umugabo atunga uwundi apfuye
  20. Umugabo mubi ni ubwagiro
  21. Umugabo ni umwana w'uwundi
  22. Umugabo ni umwugariro
  23. Umugabo ntahora ararwana aba akumbuye guteka
  24. Umugabo ntapfira izuba rimwe
  25. Umugabo ntavumba inzoga avumba ijambo
  26. Umugabo ntiyicwa n'inzara yicwa n'inzigo
  27. Umugabo umwe agerwa kuri nyina ntagerwa ku mwami
  28. Umugani ntuva ku giti uva ku muntu
  29. Umugani ugana akariho
  30. Umugani ungana ingoma
  31. Umugenzi arakurutira incuti
  32. Umugenzi ararirenza
  33. Umugere uva ku nyo
  34. Umugere w'umugore uhinda uhera
  35. Umugore arakama intare
  36. Umugore asa n'umwana
  37. Umugore atanwa abana ntatanwa ibigega
  38. Umugore ni inkingi y'urugo
  39. Umugore ni ndyana n'uwejeje
  40. Umugore ntaririmba aba ariko aracura intimba
  41. Umugore ntasimba urugo aba agomba kurugwa inyuma
  42. Umugore ntatwara icumu
  43. Umugore si akazuru
  44. Umugore w'intarima yonsa isuka
  45. Umuhigi ari kure ntavuna imbwa
  46. Umuhini mushasha utera amabavu
  47. Umuhushatunga w'umugabo ahusha umugore
  48. Umukengesha w'impongo ayihigisha irobe
  49. Umuntu ahunga urwimo ntahunga urupfu
  50. Umuntu akira ico abeshewe ntakira ico yibesheye
  51. Umuntu arasonza akibuka n'ubwo yahaye imbwa
  52. Umupfu ntabura uwumupfunya
  53. Umuryango ntubuza umuryango w'inzu kuva
  54. Umuryango uba ku muryango
  55. Umuryango uja guhona ubandwa wose
  56. Umuryango umwe ntiwuriza umwami umugwa
  57. Umuryango utaziririza urazima
  58. Umuryi wa cane ahasha umusyi
  59. Umusavyi w'urwanko agabana n'ingoga
  60. Umusazi arasara akagwa kw'ijambo
  61. Umusego utagona nyoko ntiwishimirwa
  62. Umushezi yanka uwundi
  63. Umusore umuhana avayo ntumuhana ajayo
  64. Umusore yokurasira ntiyogusabira
  65. Umuswa urya umuhini usotera isuka
  66. Umutaga wimukira ijoro
  67. Umutamiro w'ifundi uhaza umuryango
  68. Umutavu wo mu kanwa uraca ntibagarura
  69. Umuti w'imbwa wahwa ku rugo
  70. Umutima ntuba mworo
  71. Umutima ntugira igufa
  72. Umutima usobetse amaganya ntusobanura ijambo
  73. Umutindi atinda ku mwonga abandi bavoma
  74. Umutindi w'inka atuka uwayimutije
  75. Umutsima w'imana urya abarambije abarambiwe batashe
  76. Umutwe umwe ntiwigira inama
  77. Umuvyeyi ahakurira ku rutaro akarira ku rutoke
  78. Umuvyeyi atari nyoko agushimira inda ya mbere
  79. Umuzimu urira ku muzima
  80. Umwaka w'akanka uburo burabungwa
  81. Umwami acumura yicaye
  82. Umwami ntiyica hica Uburundi
  83. Umwana ahora atinya ikara aritoye
  84. Umwana ananira se ntananira sentare
  85. Umwana arahongoka nyina akasama
  86. Umwana arakunanira ari uwawe
  87. Umwana arya inkoko nyina akayiruka amoya
  88. Umwana murizi ntatorwa urutozi
  89. Umwana si uw'umwe
  90. Umwana umurya imvanda akazokurya imvi
  91. Umwana umwe nta mwana
  92. Umwana w'ingwe ni yo ngwe
  93. Umwana w'inkende apfa yurira igiti
  94. Umwana w'isema arirana umutsima mu ntoke
  95. Umwana w'isema avuma ibere ryamwonkeje
  96. Umwana w'isure avukana isunzu
  97. Umwana w'uwundi akurya muyaga
  98. Umwana w'uwundi ugira ngo ingo turwane ntugira ngo ingo ndagukubite
  99. Umwana w'uwundi yimba aguhisha ivu
  100. Umwana yanana kuri nyina
  1. Umwānda uhera iyó wagîye ntúherá iyó wavûye
  2. Umwânsi agucīra icōbo Imâna ikagucīra icānzo
  3. Umwânsi ntâbá kure
  4. Umwânsi ntâbá umwâna
  5. Umwânsi ntánūká
  6. Umwônga umwé wōnza inyoni
  7. Umwŭngere w'índa ntácūrá amahóro imĭsi yöse
  8. Urahora útyo ntâbá mu rugó rw'úwŭndi
  9. Urāmba cāne ukarīnda uruvyíno rw'îmbwá
  10. Ureka kugarura impéne ikíri hăfi yamará kurênga imirămbi ukābira nká yo
  11. Ureka kurimira umwâna w'ínyoni uwâwé agasōnza
  12. Urera nâbí ugatukwa n'ábakwé
  13. Urima biké ukīmburira mu gipfŭnsi
  14. Urima itíro ukīmbura ingonera
  15. Urímye ikibára hakamera inzúzi ntízibá arí izâwé
  16. Urubănza rumwé rumara zibiri
  17. Urubúze inkwăre ruvūmbukana igihuna
  18. Urugó rubuzé umugabo rubura umuhoro
  19. Urugó rugira babiri
  20. Urugó rugira babiri
  21. Urugó rurímwo umugabo runywa amáta
  22. Uruhănga rw'úmugabo rurarârīra rúsīnziriye
  23. Urukûndo rutarímwo umukûnzi ntírurāmbá
  24. Urukûndo rwītūzwa urŭndi
  25. Urukwâvu rurakúra rukōnka umwâna
  26. Urupfú rw'îmbwá ní inyama
  27. Ururími ntírwōnzá umukŏbwa
  28. Uruvúze umugóre ruvuga umuhoro
  29. Urw'ûmwôro rumara zöse
  30. Urwânko rutēsha urwârwá
  31. Urwĭba rwība umugabo
  32. Usaba Imâna y'úwŭndi ikaguha amahere
  33. Usaba umwîzá mugasa
  34. Usāngira ibānga n'îmbwá ikarikwīza ibisáka
  35. Uta akarānga ukaba utâye ibānga
  36. Uta umwūga ukaba utâye umwâna
  37. Utāmbira umwămi atagushăka akakwīta umusazi
  38. Utamira umugēnzi arí kū nâma ukaba utámira umutānga
  39. Utēka ubúsa ukamira ubŭndi
  40. Uturuka buká ugatāha bunyama
  41. Utwâwé ní utwó urāyé urîye
  42. Uwabírimye sí we yabírīye
  43. Uwămbuwe n'ûwâzí ntâtá ingáta
  44. Uwămye akúruta akurusha n'îmvá
  45. Uwănka amazímwe abāndwa hábona
  46. Uwănka kugâmbararirwa atuma uwukúze
  47. Uwănse kwŭmva ntíyănse kubóna
  48. Uwarâye nêzá aseka uwarâye nâbí
  49. Uwatînye gupfá ntíyavûtse
  50. Uwĭgize igikútso bamuyōza amasé
  51. Uwĭherēreye amwa inákuru
  52. Uwĭkīngirije umwămi arasa uwó ashāká
  53. Uwĭshwe n'ûwîwé ntárirírwa
  54. Uwĭtara kubá igihuna ahunikira búkēye
  55. Uwĭtēra umwôro amwēreka mu kigega
  56. Uwĭtōnze akama ishâshi
  57. Uwĭtōnze amira ibinóze
  58. Uwĭyimye asa n'úwĭyahuye
  59. Uwó bukubíye akubira umukúbi
  60. Uwó bwăhamye ahamiriza arí umwé
  61. Uwó utabōnyé ku rupfú rwā só ntúmubóna ibigôri vyêze
  62. Uwó wakíjije ní we akwĭca
  63. Uwubândwa ní we abāndá urūgi
  64. Uwubûndabūnda abonwa n'úwuhágaze
  65. Uwubwîra uwŭmva ntávuníka
  66. Uwúca umugáni ntátarámura umwâna
  67. Uwudásavyé ntákirá
  68. Uwudáshōnjé ntáshērá
  69. Uwudásizé umwâna asiga umugáni
  70. Uwufíse imbwá ntâtá igúfa
  71. Uwugômba isīmbo asīmba urugó
  72. Uwugômba kugabana arazīnduka
  73. Uwugôwe aragōka
  74. Uwugúhanūra kurēndegera aba agúteze umushíbuká
  75. Uwugúsavye umwūhīro aba agútaze umusêsekará
  76. Uwugútānze gukáraba agutānga kubega
  77. Uwuhágarikiwe n'íngwe aravōma
  78. Uwuhána inzara arayirimira
  79. Uwuhána umurozi amubītsa umwâna
  80. Uwuhânzwe n'îsînzí ntásīnzîra
  81. Uwuhênzwe n'ágahêngwé acāna inkīnzo
  82. Uwuhêtswe n'úmukêbá atēra agahînda insīmbizo
  83. Uwujá gukíra icí aracûmbagira
  84. Uwujá gukíra indwâra arayirāta
  85. Uwujá gutûnga arima abagēnzi
  86. Uwujá kubá mu Burŭndi agira amâso ntágirá amatwí
  87. Uwujá kugaya ijāmbo arāba umunwa urivúze
  88. Uwujá kwŭmva arûmviriza
  89. Uwukêngurutse aba yôngeje
  90. Uwukíze isěmu yībagira icămwīrukana
  91. Uwukíze ubusóre arabuganira
  92. Uwukóma amashí ntákubítwa kū ntoke
  93. Uwukúbita inkēnde ntárābíra iyiháka
  94. Uwukúrāvye cāne agutēra kwāmbara
  95. Uwukúrusha umugóre akurusha urugó
  96. Uwunyázwe n'ámagára ntákomôrerwa n'ábagabo
  97. Uwupfûye aba arúhūtse
  98. Uwurí hăfi y'úmuvyêyi ní we agabíra
  99. Uwurí mū ntăhe arêzwa ntíyīyéza
  100. Uwurí mūsí y'íjuru ntátīnyá imitúragaro
  1. Umwanda uhera iyo wagiye ntuhera iyo wavuye
  2. Umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo
  3. Umwansi ntaba kure
  4. Umwansi ntaba umwana
  5. Umwansi ntanuka
  6. Umwonga umwe wonza inyoni
  7. Umwungere w'inda ntacura amahoro imisi yose
  8. Urahora utyo ntaba mu rugo rw'uwundi
  9. Uramba cane ukarinda uruvyino rw'imbwa
  10. Ureka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nka yo
  11. Ureka kurimira umwana w'inyoni uwawe agasonza
  12. Urera nabi ugatukwa n'abakwe
  13. Urima bike ukimburira mu gipfunsi
  14. Urima itiro ukimbura ingonera
  15. Urimye ikibara hakamera inzuzi ntiziba ari izawe
  16. Urubanza rumwe rumara zibiri
  17. Urubuze inkware ruvumbukana igihuna
  18. Urugo rubuze umugabo rubura umuhoro
  19. Urugo rugira babiri
  20. Urugo rugira babiri
  21. Urugo rurimwo umugabo runywa amata
  22. Uruhanga rw'umugabo rurararira rusinziriye
  23. Urukundo rutarimwo umukunzi ntiruramba
  24. Urukundo rwituzwa urundi
  25. Urukwavu rurakura rukonka umwana
  26. Urupfu rw'imbwa ni inyama
  27. Ururimi ntirwonza umukobwa
  28. Uruvuze umugore ruvuga umuhoro
  29. Urw'umworo rumara zose
  30. Urwanko rutesha urwarwa
  31. Urwiba rwiba umugabo
  32. Usaba Imana y'uwundi ikaguha amahere
  33. Usaba umwiza mugasa
  34. Usangira ibanga n'imbwa ikarikwiza ibisaka
  35. Uta akaranga ukaba utaye ibanga
  36. Uta umwuga ukaba utaye umwana
  37. Utambira umwami atagushaka akakwita umusazi
  38. Utamira umugenzi ari ku nama ukaba utamira umutanga
  39. Uteka ubusa ukamira ubundi
  40. Uturuka buka ugataha bunyama
  41. Utwawe ni utwo uraye uriye
  42. Uwabirimye si we yabiriye
  43. Uwambuwe n'uwazi ntata ingata
  44. Uwamye akuruta akurusha n'imva
  45. Uwanka amazimwe abandwa habona
  46. Uwanka kugambararirwa atuma uwukuze
  47. Uwanse kwumva ntiyanse kubona
  48. Uwaraye neza aseka uwaraye nabi
  49. Uwatinye gupfa ntiyavutse
  50. Uwigize igikutso bamuyoza amase
  51. Uwiherereye amwa inakuru
  52. Uwikingirije umwami arasa uwo ashaka
  53. Uwishwe n'uwiwe ntaririrwa
  54. Uwitara kuba igihuna ahunikira bukeye
  55. Uwitera umworo amwereka mu kigega
  56. Uwitonze akama ishashi
  57. Uwitonze amira ibinoze
  58. Uwiyimye asa n'uwiyahuye
  59. Uwo bukubiye akubira umukubi
  60. Uwo bwahamye ahamiriza ari umwe
  61. Uwo utabonye ku rupfu rwa so ntumubona ibigori vyeze
  62. Uwo wakijije ni we akwica
  63. Uwubandwa ni we abanda urugi
  64. Uwubundabunda abonwa n'uwuhagaze
  65. Uwubwira uwumva ntavunika
  66. Uwuca umugani ntataramura umwana
  67. Uwudasavye ntakira
  68. Uwudashonje ntashera
  69. Uwudasize umwana asiga umugani
  70. Uwufise imbwa ntata igufa
  71. Uwugomba isimbo asimba urugo
  72. Uwugomba kugabana arazinduka
  73. Uwugowe aragoka
  74. Uwuguhanura kurendegera aba aguteze umushibuka
  75. Uwugusavye umwuhiro aba agutaze umusesekara
  76. Uwugutanze gukaraba agutanga kubega
  77. Uwuhagarikiwe n'ingwe aravoma
  78. Uwuhana inzara arayirimira
  79. Uwuhana umurozi amubitsa umwana
  80. Uwuhanzwe n'isinzi ntasinzira
  81. Uwuhenzwe n'agahengwe acana inkinzo
  82. Uwuhetswe n'umukeba atera agahinda insimbizo
  83. Uwuja gukira ici aracumbagira
  84. Uwuja gukira indwara arayirata
  85. Uwuja gutunga arima abagenzi
  86. Uwuja kuba mu Burundi agira amaso ntagira amatwi
  87. Uwuja kugaya ijambo araba umunwa urivuze
  88. Uwuja kwumva arumviriza
  89. Uwukengurutse aba yongeje
  90. Uwukize isemu yibagira icamwirukana
  91. Uwukize ubusore arabuganira
  92. Uwukoma amashi ntakubitwa ku ntoke
  93. Uwukubita inkende ntarabira iyihaka
  94. Uwukuravye cane agutera kwambara
  95. Uwukurusha umugore akurusha urugo
  96. Uwunyazwe n'amagara ntakomorerwa n'abagabo
  97. Uwupfuye aba aruhutse
  98. Uwuri hafi y'umuvyeyi ni we agabira
  99. Uwuri mu ntahe arezwa ntiyiyeza
  100. Uwuri musi y'ijuru ntatinya imituragaro
  1. Uwurívuze mu gushēngera ntâbá agîye
  2. Uwurúcīye mūsí (urugó) ntámenyá ikirúrimwó
  3. Uwusába agasákanyíka aranūkirwa akîhorera
  4. Uwusába Imâna ntásarágara
  5. Uwushâka akêzá aragáhebera
  6. Uwushâka umubíra abira akŭya
  7. Uwushâka umucé acīka ijoro
  8. Uwushâka urwâmo yēnga urwârwá
  9. Uwushônje ntíyūmvá
  10. Uwutábōnyé agasóhoka ntáboná akĭnjira
  11. Uwutábusyá abwīta ubumera
  12. Uwutáharí asa n'úwapfûye
  13. Uwutânga nêzá atānga kabiri
  14. Uwutárābóna ntávugá
  15. Uwutárahéra aba arahékenya
  16. Uwutári bukuvúne yōkuva inyuma
  17. Uwutáyāzé na sé ntámenyá umugáni wa sěkuru
  18. Uwutâzí akarâye arāza ifu
  19. Uwutâzí imĭsi arāta urugó
  20. Uwutâzí inzira yazanánye ahanwa n'ámayirábiri
  21. Uwutâzí Uburŭndi aburūndwámwo
  22. Uwutâzí ubwênge ashīma ubwîwé
  23. Uwutâzí umukŭngu yīma umwâna
  24. Uwutâzí umwânsi asīga umubiri
  25. Uwutéma urwîwé umutīza umuhoro
  26. Uwutîgába ntíyīgáburira
  27. Uwutsînzwe ntíbatsīndáho
  28. Uyāgira urupfú uwutărubōnye ukaba uménye ibānga
  29. Wānka bāngwé ntíwānká zana ndābé
  30. Wānka gutâmbana imví ukazívūmbana
  31. Wānka kugaburira umushitsi ukaba ugôtse
  32. Wānka kurimana imví ukazisēgana
  33. Wānka kurimira kure ukahasumira
  34. Wīrukana umugóre ngo aguguna igúfa ukāzana uwurímira miyônzwá
  35. Wītaba kare ugatumwa kure
  1. Uwurivuze mu gushengera ntaba agiye
  2. Uwuruciye musi (urugo) ntamenya ikirurimwo
  3. Uwusaba agasakanyika aranukirwa akihorera
  4. Uwusaba Imana ntasaragara
  5. Uwushaka akeza aragahebera
  6. Uwushaka umubira abira akuya
  7. Uwushaka umuce acika ijoro
  8. Uwushaka urwamo yenga urwarwa
  9. Uwushonje ntiyumva
  10. Uwutabonye agasohoka ntabona akinjira
  11. Uwutabusya abwita ubumera
  12. Uwutahari asa n'uwapfuye
  13. Uwutanga neza atanga kabiri
  14. Uwutarabona ntavuga
  15. Uwutarahera aba arahekenya
  16. Uwutari bukuvune yokuva inyuma
  17. Uwutayaze na se ntamenya umugani wa sekuru
  18. Uwutazi akaraye araza ifu
  19. Uwutazi imisi arata urugo
  20. Uwutazi inzira yazananye ahanwa n'amayirabiri
  21. Uwutazi Uburundi aburundwamwo
  22. Uwutazi ubwenge ashima ubwiwe
  23. Uwutazi umukungu yima umwana
  24. Uwutazi umwansi asiga umubiri
  25. Uwutema urwiwe umutiza umuhoro
  26. Uwutigaba ntiyigaburira
  27. Uwutsinzwe ntibatsindaho
  28. Uyagira urupfu uwutarubonye ukaba umenye ibanga
  29. Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe
  30. Wanka gutambana imvi ukazivumbana
  31. Wanka kugaburira umushitsi ukaba ugotse
  32. Wanka kurimana imvi ukazisegana
  33. Wanka kurimira kure ukahasumira
  34. Wirukana umugore ngo aguguna igufa ukazana uwurimira miyonzwa
  35. Witaba kare ugatumwa kure
  1. Abagabo bahūrira mu cêro ntíbahūríra mu cîbo
  2. Abagabo barāra kubiri bakarōta kumwé
  3. Abagabo bararyá imbwá zikīshura
  4. Abăkurikiye Inámujândi băjānye na wé
  5. Abămi basāngira ingovyi ntíbasāngíra ingoma
  6. Abāntu ní magiríranire
  7. Abarŭndi basība kurima ntíbasībá kuvúga
  8. Abasângira basīgana imvyíro
  9. Abasângira umusa basāngira abânsi
  10. Abatâmvyi bā nêzá barakúrikirana
  11. Abatângánya amatáko ntíbīsîgira hamwé
  12. Abatúkanye bararwāna
  13. Agacîwe karûma
  14. Agahîmbo kībagiza kwūgara
  15. Agahúgu karímwo abagóre ntíkaburá amazímwe
  16. Agakuku karimīsha mu rwĭri
  17. Agakûnze babiri karabânkanīsha
  18. Agapfûye kabazwa ivú
  19. Agashâje gashira isóni
  20. Agashítsi kā kêra kavūmbika umuriro
  21. Agasózi k'întáhanûrwa kăhīye abagabo bábona
  22. Agasózi kamanútse inká kadūga iyĭndi
  23. Agaswi katazôkúra ukērekwa n'úrwŭbi
  24. Agáti gaterétswe n'Îmâna ntígahenúrwa n'úmuyaga
  25. Agatu gatēkéye amáhwa karîmena
  26. Ahakíze hītwa inkóvu
  27. Ahănse ubwâna hamera ubwănwa
  28. Aharí abagabo ntíhagwá ibára
  29. Aharí abântu hāma urūnturūntu
  30. Aharí amahóro umuhoro uramwa
  31. Aharí umwěnge haca umuyaga
  32. Ahasháshe ingwe akayâbú karutsīnda impaga
  33. Ahó umugabo ahāndíwe ní ho yīhândūrira
  34. Ahó umukěcuru atōyé uruhĭndu ahīta mu rugănda
  35. Ahó watâye iminwe uhata agatemére
  36. Ak'í muhana kāza imvúra ihíse
  37. Akā mūntu kamara iyágwe
  38. Akabāndo k'úbusâza gacībwa kare kakabīkwa kure
  39. Akabígira kábīzi karya imbóga kâritse
  40. Akabúra ntikáboneke ní nyina w'úmūntu
  41. Akagôye kōkerezwa akagôri
  42. Akagúmye bagumáko
  43. Akăhabāye ntíkahavá
  44. Akăhūgāniye igicâniro gasibānganya indôto
  45. Akajá kwĭha inkŭmbi karusha imbázi kumóga
  46. Akăje kárusha imbwá kwōta kaba gáshāka gushá
  47. Akămanitswe n'úmusâza gatamya umuyabaga
  48. Akamása kazôcá inká kazivūkámwo
  49. Akamenyēro kăyirāje mu mutégo
  50. Akaméze ku murīzo w'îmbwá gashirwa káwucīye
  51. Akămi kā mūntu ní umutíma wîwé
  52. Akâna karí ubwênge gasīnzīra imbonamwūko
  53. Akanániye umugabo kananira n'úyŭndi
  54. Akănse urahéba
  55. Akanyoni katagurútse ntíkamenyá iyó bwēzé
  56. Akarago karyāná kamenya nyené ko
  57. Akarâye kaba káboze
  58. Akarênganyo sí ak'ŭbu
  59. Akarēnge kajá iyó kavūká ntígahāndwá
  60. Akarēnge mu gusēzera kānka gukānda isí
  61. Akarí kure karya nyené amaguru
  62. Akarí kure ntíkabá indâro
  63. Akarí mū nda y'íngoma kamenywa n'úwayíkanye
  64. Akarí mū nda y'úmugabo gaserurwa n'ákarí mū nda y'úmubĭndi
  65. Akarí mū nzu ntíkabá iséma
  66. Akarími kakurésha sí ko kakurŏngora
  67. Akaryâna ntíkaryāmánwa
  68. Akaryôshe kăhejeje imbeba mw'ībuye
  69. Akaryôshe ntígahorá mw'ītáma
  70. Akaryôshe ntíkaryá umwé
  71. Akatáretsé kaba gásema
  72. Akatári nk'ákăndi aba arí ishano
  73. Akatávugá ntígahēndá akavúga
  74. Akazi k’í bwămi kīca uwĭcaye
  75. Akazîkīrá k'úmugabo kazīkwa n'îsí
  76. Akazímiye ntáho katarōndérerwa
  77. Akêzá karîgura
  78. Akĭhūriye n'îngásīro gatēra inda urwěze
  79. Akŏsha umusyi kava mū ngásīro
  80. Amabānga abiri ntábāngíkanwa
  81. Amabárankúru yashíkanye inyěnzi i Buha
  82. Amabóko aguhá n'áyakúrīka ntárēhá
  83. Amabóko ashikîriye ubuhîye yībagira umushike
  84. Amabóko matīndi y'úmukŏbwa asegura uwĭshe sé
  85. Amaborōgo y'ûmwâgazi ntátērá impuhwe ingwe
  86. Amacúmu arwānyá inzara ní amasúka
  87. Amacúmu atērwa abagabo
  88. Amagára aramirwa ntámerwá
  89. Amagára aruta amagana
  90. Amagŏrwa ntásigá ayăndi
  91. Amagŏrwa sí ay'ŭmwe
  92. Amaguru yītāngira ku buriri agatāhira mu mirâmbizo
  93. Amaherá ntíyīrírwa ahó yarāyé
  94. Amahérezo y'ínzira ní mū nzu
  95. Amahóro atāngurira mu mutíma
  96. Amahóro ava mū nda
  97. Amakúru atarímwo umukúru yāma arí amazímwe
  98. Amanyáma arasara ntásabá
  99. Amanyáma y'úruró ashirira mū ngásīro
  100. Amarára ntágurá inyama
  101. Amaráso ava mu ruguma
  102. Amarira ní umuheto w'úruhînja
  103. Amasabo aguma nk'ámabuye
  104. Amasabo akwănkiye arāba imirázi
  105. Amasabo arakíza
  106. Amasabo arîca
  107. Amasé ya kêra ntáhomá urutaro
  108. Amasîndé y'înkúmi ntárārá
  109. Amâso y'íbikére ntábuzá abavôma
  110. Amâso ya bábiri arāba kubiri
  111. Amasūnzu sí amasáka
  112. Amáta y'înkúba anyōbwa n'ínkŭmbu
  113. Amatégeko aremēra nk'ámabuye
  114. Amatwí yūmva icó umutíma ushasháye
  115. Amaví y'úmushūmba ntáhāngâra izîko
  116. Amayira abiri yanániye imfyísi
  117. Amayira y'íshāmba amenywa n'îmêndé
  118. Amâzi arashûha ntíyībágira i bŭmbehó
  119. Amâzi asūmira ku mabuye
  120. Amâzi masabano ntámará imvyíro
  121. Amênyo aragutwēnga arí ayâwé
  122. Amênyo aratwēnga asíze intîmba mū nda
  123. Amênyo atwēngera ku majigo
  124. Amênyo ntíyībúka gushīmira ingásīro
  125. Amēru y'úmukwé amara indŏngoranywa
  126. Amôsozi y'úmugabo atēmba ája mū nda
  127. Amôsozi y'úmukûnzi ava mu rihúmye
  128. Amûnguranká ní yo mazíkēsha
  129. Babiri bĭshe imbwá y'úmwămi
  130. Babiri ntíbacībwá inká
  131. Bareke bāzé ní kwo kunēshwa
  132. Barimwótubíri ní isí ikugabúrira ikakuzīka
  133. Batānga inká ntíbatāngá Imâna
  134. Běne Imâna baruta běne imâri
  135. Běne vyó ni bó běne inămbu
  136. Bicīka báraguza
  137. Bukêbuké bukomeza igihonyi
  138. Bukêbuké bushikana umusíba ku mugezi
  139. Bukêbuké ni rwó rugēndo
  140. Gira só ntárutá gira icó uryá
  141. Gira só yītūrwa iyĭndi
  142. Gucá bugúfi bica inzira ntíbicá umugôngo
  143. Gusâza ní ugusahurwa
  144. Guseka umusóre sí ko kumuhanūra
  145. Gutāha gutūnga umugabo
  146. Hā gupfá wōzānzama
  147. Hā kubá imbwá wōba imvá
  148. Hā kubêsha wōbêsherwa
  149. Hā kugira amasáka wōgira amasabo
  150. Hā kugōka wōgōrwa
  151. Hā kuremēkwa akabōnge wōremēkwa amabuye
  152. Hā kuvûmba umukŭngu wōvūmba umukûnzi
  153. Hāga umutíma ntíhāgá uburyâmo
  154. Hapfa uwavûtse
  155. Hĭrya y'ûbwôba haba ubugabo
  156. Hitámwo bihema indyārya
  157. I bukûnzi ntíbwīrá
  158. Ibānga ní agacănwa katarahúrwa
  159. Ibānga ntírimirwá intáma
  160. Ibānga ribāngirwa ingáta
  161. Ibānga rirahéberwa
  162. Ibānga ry'íntāngo ribazwa umubûmvyi
  163. Ibigôra bigōra abagabo
  164. Ibihěngeri bitēra imfyísi urwěze
  165. Ibijá gucîka bica amarěnga
  166. Ibīntu bija ahó ibĭndi birí
  167. Ibīntu ní abāntu
  168. Ibísa birasabiranira
  169. Ibitárihó birîkaza
  170. Ibitěbu birarésha ntívyūbáka
  171. Ibitěbu vy'úmukêbá bikwēga agaheza
  172. Ibitúnye biruta ibitóbotse
  173. Ibuye riba ritó ntiríba ritŏto
  174. Ibuye riserútse ntíryīcá isúka
  175. Icâha cāha inká
  176. Icăyāye kivugira ibicúba ku macúniro
  177. Icĭrore kiguhisha inkavyi yăritse kw'īzosi
  178. Icĭvyāra ní ingwe
  179. Icĭzēre c'úmushēzi ntígihezwá na Vuguvûyaho
  180. Ico iguhá n'îcó ikuvyărira birāngana
  181. Icó Imâna igutútse ní co kikwĭca
  182. Icó uhāwé n'úgutôra ucākwa n'úgutâkara
  183. Icó umūntu akorá ní co kimukóra
  184. Icó umutíma ukūnzé isógo zisūmba inyama
  185. Icúmu rizôgucûngura ntúmenyá iyó ryăcuriwe
  186. Ifí ntímenyá ikirâza ishîngá urusěnga
  187. Ifí yāma mu mâzi ikāmana inyôta
  188. Ifúku itāzí agaheza ishōra agatwé ku mushíbuká
  189. Igera ntíritegá imvubú
  190. Igihēko gihēkera uwuhêkewe n'Îmâna
  191. Igihere giheza umugabo mū nzu
  192. Igikéburwa nticûmve ní imbwá kw'īgúfa
  193. Igikére gikera kítarâkererwa
  194. Igípfa câbúriwe ní impōngo
  195. Igisânīrá gica umwāno ishíga ryîkoreye
  196. Igisúma ní igifáshwe
  197. Igisúru kivūvūdikirwa mu gahubo
  198. Igíti căgukoze mu jîsho cāma gíhiritse
  199. Igíti cīkwîje amáhwa gitēra inkēnde amakēnga
  200. Igíti cīswé ingoma ntikibāzwá
  201. Igíti cīswé umwâna ntígicānwá
  202. Igíti cūmyé cēgamira kibísi
  203. Igíti kigorōrwa kíkiri gitó
  204. Igíti kimwé ntíkibá ishāmba
  205. Igíti kirakúrira mu babāji
  206. Igíti ntíkigukóra mu jîsho kabiri
  207. Igíti utarí bwūríre ntúkirângamira
  208. Igitíka mu mapfá cīyita Bāndyabângaya
  209. Igitó gita uwagíkōye ntígitá uwakívyāye
  210. Igitó gitābwa iwăbo
  211. Igitúgu kirakúra ntígisūmbá izosi
  212. Ijāmbo rigukŭnze rikuguma mū nda
  213. Ijana ntíryānká mu rĭndi
  214. Ijîsho Nyawĭkwēgera riha abakwé ibinóko
  215. Ijîsho rigēnzwá n'ákăndi rigushīma akêmo
  216. Ijîsho riguséma n'írigúhēzagira ntákanurá kumwé
  217. Ijîsho rigutúka inkúba n'írigútuka inkúmi ntúriyobérwa
  218. Ijîsho ry'úwŭndi ntírigushĭmira umugeni
  219. Ijoro ntírigirá umutwăre
  220. Ikigoyi kīza bárima
  221. Ikigútwāye umutíma ní co kigutwăra agatwé
  222. Ikimúga gisūmba imvá
  223. Ikinyóma cā nyené urugó bagiha intébe kikīcaráko
  224. Ikinyóma cīca nyené co
  225. Ikinyóma cûmvīse ukúri kimena urūgi
  226. Ikinyóma kimara umŭsi ntíkimará umwâka
  227. Ikinyóma kiraryôha ntíkiryá umutsíma
  228. Ikinyoni kigurútse kítavuzé bacīta icâna
  229. Ikirémēra umutwé sí co kiremêra umutíma
  230. Ikirîrahábiri ntígiteramira ahó bavyiná amahása
  231. Ikirúta ikĭndi ní ijāmbo ry'úmusâza
  232. Ikirwa c'úmwămi ugiherūka ukícūbaka
  233. Ikitâzí cāmbarira urunega mu bakínegura
  234. Ikitâzí cīgānzira agahîye
  235. Ikitâzí cītiranya imāmba n'úmusíba
  236. Ikivūmbiko ntígitēshá ikivûmbuzi akarí ku mashíga
  237. Ikiyāgo gisūmba ikivi
  238. Ikīza ntíkīzíra umwé
  239. Imâna ifasha uwĭfashije
  240. Imâna igarurira ku makōmbokōmbo
  241. Imâna igira ahó imāníye
  242. Imâna igira amabóko marēmare
  243. Imâna iguhá irutwa n'íyăkīra
  244. Imâna iguhăye ní yo ikwăka
  245. Imâna ikurăbira umwânsi muba múri kumwé
  246. Imâna ikuvyărira sí yo ikureréra
  247. Imâna iragúha ntímugurá
  248. Imâna irarema ntítōránya
  249. Imâna itegéka ibīntu ní yo nkúru
  250. Imâna ntîhá uwĭcaye
  251. Imâna ntîhá uwĭsīze
  252. Imâna ntísīnzîra
  253. Imâna ya mwêne só si yó ya mwêne nyoko
  254. Imānga ntímaríra Imâna
  255. Imbeba irāríye umwôro iguguna urūgi
  256. Imbeba ntísāzíra mu kigega
  257. Imbeba zīyóbewe zitōnganira mu bigega
  258. Imbîtsi ya cāne ibīkira mukēbá
  259. Imbóga mbí ntízivá mū nkóno
  260. Imbógo ihotora ihîgwa
  261. Imbúrabâna yūgūmbira irekwe
  262. Imbúrabúgiríre ihūnga ijāmbo
  263. Imbúramaboko ibagara umushatsi
  264. Imbúto itēwé ní yo imerá
  265. Imbwá ibura sé ntíburá shêbuja
  266. Imbwá ifise amaguru ané igaca mū nzira imwé
  267. Imbwá ikugá ntíryāná
  268. Imbwá itūbáha indăva ikeburwa n'înyágutwí
  269. Imbwá itwāwé ku rutúgu ntíhīgá
  270. Imbwá ntígutwěngera iba ishâka kukúrya
  271. Imbwá ntísumá n'îyó isumyé ntíshikána
  272. Imbwá y'úmukwé ní yo mukwé
  273. Imbwá y'úmusega ihīgira mu bíti vy'úrugó
  274. Imbwá y'ûmwôro yība irwâye
  275. Imbwá yīnwa na nyéne yó
  276. Imbwá yīséma irya shêbuja
  277. Imfúra igwa mū mfúruká
  278. Imfúra na sé barāngana
  279. Imfyísi itōra mu rwāngara
  280. Imfyísi y'íwănyu ikurya ikúrūndarūnda
  281. Imigére ibiri ntítēréka
  282. Imirázi isūmba guhuma
  283. Imisega ibiri ntínanírwa igúfa
  284. Imĭsi irasa ntingána
  285. Imisibo ntírerá
  286. Imisózi iyó ikūmbúranye abató barahagwa
  287. Imiswi itāzí agaheza yūgamika agáca
  288. Imitămbire y'ímpōngo ní yo migĭrīre
  289. Imíti ikora ikóranye
  290. Impêmbo y'ûmwâna ipfa mu magodoka
  291. Impéne irīsha ahó izirítse
  292. Impfîzi ahó ishitsé irîvuga
  293. Impfîzi ivyāra ukó ivyāgíye
  294. Impfîzi y'índwānyi iterekērwa mwěne sé
  295. Impfîzi y'íntāma itēndera nka sé
  296. Impfûvyi iragōka
  297. Impfûvyi irīra kw'īshano
  298. Impfûvyi iseka rimwé
  299. Impĭnga imarwa n'úkuyāga
  300. Impōngo isubira ku rwûbuko
  301. Imvugirakuyamara y'úmugabo ikūndwa na báke
  302. Imvúzi ya mênshi ivuga urwĭshe nyina
  303. Imyěnge y'ínzu imenywa na nyéne yó
  304. Inánkūndakuryá yarîye ubûki bw'îfûnděri
  305. Inanyi ikamwa měnshi
  306. Inánzōbirya mvyîkoreye yapfûye atîkóra inyuma
  307. Inda iremēra irí gusa
  308. Inda ndēnde ihūmira indyá
  309. Inda ndēnde irōngwa icúmu
  310. Inda ní akamenēsha bānga
  311. Inda ní amahănga
  312. Inda ní Bahomora
  313. Inda ní Barîtōraguza
  314. Inda ní sēha uzána
  315. Inda ní umwânsi
  316. Inda ntîbá impāmba
  317. Inda uyibarira icó wayirărije ntúyibaríra icó wayihăye
  318. Inda y'ûmwôro ibonekēsha agasámo
  319. Indahiro mbí ntigwāzá mū nda
  320. Indûrú ntígānzá ingoma
  321. Indyá y'úmugayo irya umugabo
  322. Inēra ibegerwa ku bwăyo igakūra ubwătsi
  323. Inēra ikunēra ku mukŏbwa igacīka umukwé
  324. Ingayi ya cāne uyitega Uburŭndi
  325. Ingēndo y'úwŭndi iravúna
  326. Ingēnzi ntígirá ihěmbe
  327. Ingēnzi ntígirá ihěmbe
  328. Ingēnzi y'ímihana ní yo nzanyi y'ámazímwe
  329. Ingeso irarába ntíhwērá
  330. Ingeso ntíryāmírwa
  331. Ingeso y'úrugó ntíyūbáka urŭndi
  332. Ingīngo sí ibigīngo
  333. Ingīngo y'íjāmbo iva mw'ījigo
  334. Ingo tubāné ní we ingo twānkáne
  335. Ingoma igānzwa n'ámashí
  336. Ingoma iruta iróbe
  337. Ingoma yagúkānze irahuhuma ugahūnga
  338. Ingōna iva mu rûzi ikarigata urume
  339. Ingūmba irīra kū mvyêyi
  340. Ingūmba itāzí ikíbi irigata ishênyo
  341. Ingwe igutwāra igitŭngwa ikagutānga kuráka
  342. Inkezi ikera urwó birēhá
  343. Inkíre ntíkirá kabiri
  344. Inkóko irāra mw'īshāmba igacīka inkwăre
  345. Inkóko yērá itāha kare
  346. Inkokókazi irapfá amagí akabora
  347. Inkoni nzīzá imerera ahăga
  348. Inkoni nzīzá imerera ahăga
  349. Inkóno isha ukó ishāká
  350. Inkúmi ikura iyĭndi igîye
  351. Inkūnda nkúbōnye irutwa n'ínkūnda nkúzirikanye
  352. Inkúru y'ûmwâna isubira inyuma
  353. Inkwăre irāmvyé itōra mw'ītōngo ry'úwayíhīga
  354. Inkwăre itōra mw'ītōngo agatíma kári mw'īshāmba
  355. Inkwăre ivunítse ihūra n'ûmwâna
  356. Inkwăre yīcwa n'índeretsi
  357. Inkwăre zisēzerana mu masesa
  358. Inshiramazīnda ntírerá impfûvyi
  359. Intábazá irya imiziro
  360. Intábiríma ntíyabírīye
  361. Intábisíga ni yó ntábisânga
  362. Intárābóna isēra iháha
  363. Intébe irutwa n'íntemére
  364. Intîbágira ntíbāná
  365. Intîbágira ntírerá impfûvyi
  366. Intŏre mwōhūrira kū nzira ntíwōyirārira
  367. Intŏre ntírāmbá
  368. Inyákamwe inyaga imwé
  369. Inyama y'ámarêré yatânze umuziha gusohoka
  370. Inyama y'úmugóre isha yîhina
  371. Inyána iranúra ntíshirá irēnda
  372. Inyănge ntíharánira kwěra
  373. Inyo y'înkóko uyērekwa n'úmuyaga
  374. Inyoni iguruka yîsūnga igíti
  375. Inyósha mbí ingana umurozi
  376. Inyūndo isigáranye abâna ihōnda imisé
  377. Inzara irahéra aríko igihému kibí ntígiherá
  378. Inzara itēranya abaséka
  379. Inzara ntíyīcá batānu yīca abatânye
  380. Inzérerezi ntíhāmbá sé
  381. Inzigo izigira mu gahĭnga
  382. Inzigo ntízigáma irêmbo
  383. Inzira ntíbará inkúru
  384. Inzira y'íshāmba igēndwa n'ábayîzi
  385. Inzira ya hâfi yamáze abatwá
  386. Inzóka ntíyīgórōra iba igîye
  387. Inzu ya Musavyi ntíyahîye
  388. Irakeregeza ikaba inkěcuru
  389. Iríba riba kare
  390. Iryěze kare ntírigerá ku murara
  391. Isári ntírēngá intŏre
  392. Isáse riva ku cûma
  393. Isāzi irí ubuté ntîryá ku gisebe
  394. Iséma isema básemerera
  395. Iséma y'úmukěcuru yīsīga umusoma
  396. Ishāmba ryăbāye indahiro ntíribá indagiro
  397. Ishávu ry'úmuvyêyi rirîrirwa ntírirārá
  398. Ishíga rimwé ntíryāríka
  399. Ishirásoní sí iyiróga ní iyírya abăndi bábona
  400. Ishûrwé rirêra kăndi rírura
  401. Isóni zirīsha ishano
  402. Isúka yāmá iríma ntîgwá ingése
  403. Itáma ridatamíye ntíritamúra
  404. Itêká urihābwa n'úmugóre
  405. Ivy'ábăndi bishīnga amâso ntíbishīngá amênyo
  406. Ivy'ábapfú birya abapfúmu
  407. Ivy'ějo bibonwa n'Îmâna
  408. Ivyā gusa bitēra ubwênge buké
  409. Iyā nyuma ihāga inkoni
  410. Iyakáremye ní yo ikaména
  411. Iyakúrīye ntúyigéra inkoni
  412. Iyănka kuzímira irâbira
  413. Iyarâye ubúsa ntívugá
  414. Iyibíze nâbí uyīma ifu
  415. Iyĭgānje yīma izĭndi zíbona
  416. Iyigéze kure ntâ yitáyigéra ihěmbe
  417. Iyihôngotse arí imwé ntíbuzá izĭndi kurîsha
  418. Iyijá kurîsha ihēra kū nâma
  419. Iyikîtse ntâ wutáyikóra mū nda
  420. Iyikúbūriye ntíkuryá
  421. Iyirí ubwôba irahwêza
  422. Iyítăkōye nyoko uyihonyora mu mayêzi
  423. Iyivyâriye ku macúniro ntîbá ikíbāzwe
  424. Iyivyâye amashūri iyīcūnguza amarāgo
  425. Iyivyâye ikibóze irakírigata
  426. Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá
  427. Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá
  428. Iyó utēyé ibuye mū mbwá nyĭnshi iyimótse ní yo ubá ugémye
  429. Iyó uvá ntíhakuvá inyuma
  430. Izā nyabutīndi zămazwe n'úmugére w'ísāzi
  431. Izijá guhóna zihēra mu ruhŏngore
  432. Izikénye ziruta izinyázwe
  433. Izo zābíra zări imitavu
  434. Izo zibiká zări amági
  435. Kabiri karazirwa
  436. Kananira abagabo ntíyĭmye
  437. Karimanzigo ntíyīmbúra
  438. Kibúrabwênge c'úmugabo yakwîkiye ishênyo mu gisomasoma
  439. Kubá murēmure sí ko kumanura imvúra
  440. Kubáho ní ukubâna
  441. Kugōrwa sí ko kugōka
  442. Kuraguza kurutwa nó kugēndereza
  443. Kure ní mū nda
  444. Kuryá ní kare
  445. Maguru ya Nyárwări yasíze imvúra n'úmuguha
  446. Mpa nūmvé yĭshwe n'úmuráhu
  447. Mpūngé urw'ăha yakímajije amaguru
  448. Mū nda haba umutíma ntíhabá umutsíma
  449. Mū nda harāra inzara hakavyūka inzigo
  450. Mukâsó sí nyoko
  451. Mukúru w'íjāmbo ní irĭndi
  452. N'ubúsa burazirwa
  453. Na Bucangênda yapfûye atágīyé
  454. Nári ntíhābwá intébe
  455. Ndabirīnze yagûye mu mirīnzi
  456. Ndacâri mutó ní bwo butīndi
  457. Ndaryĭmare ní we ndaryĭtēre
  458. Ndi umugabo ní ko gupfá
  459. Ndimé nshīmwé yagûye mw'īsemo
  460. Ndīndé yarápfūye Mpūngé arakíra
  461. Ngira ukó nakúgize ní we agōrá
  462. Ntā buja bukizá
  463. Ntā bwênge bw'ŭmwe
  464. Ntā kěra kā gusa
  465. Ntā mpōngano y'ûmwânsi
  466. Ntā mugabo umwé
  467. Ntā mukúru aburá mukúruwé
  468. Ntā muzīndutsi wa kare ku mutíma w'úwŭndi
  469. Ntā mwîzá w'ínzara
  470. Ntā nda iburá intŭntu
  471. Ntā ngoma itavugá
  472. Ntā nkokókazi ibíka isăke irího
  473. Ntā ntāmbara iburá inkomére
  474. Ntā rirênga rícāka
  475. Ntā rubănza ruburá ijāmbo
  476. Ntā rutôha rútūhíwe
  477. Ntā wakóreye Imâna yĭkoreye amabóko
  478. Ntā wăma ahîriwe
  479. Ntā wămbara yárahénye
  480. Ntā wĭcīra rubí
  481. Ntā wĭcīra urubănza
  482. Ntā wĭkūra kurí nyina ngo yaráshāje
  483. Ntā wubândwa abângikanije
  484. Ntā wubûrana n'úwumúgaba
  485. Ntā wubûrana n'úwumúhāmba
  486. Ntā wúca urubănza atūmvīse
  487. Ntā wúgwa mu bânsi ngo agēndé amahóro
  488. Ntā wuhêka uwutîsîmbiza
  489. Ntā wuhérekeza uwĭcaye
  490. Ntā wurímira amasáka ahó atagirá amasabo
  491. Ntā wurîra ibigôri ahó yagôrewe
  492. Ntā wurônderera ubwîzá mw'īkazānga
  493. Ntā wúrya inzóka ngo ananírwe n'úmurīzo
  494. Ntā wusába amáta ahó akōmbwá
  495. Ntā wusíga inká mw'īgabiro
  496. Ntā wusîmba agasîndé
  497. Ntā wutânga Imâna kwĭhebūra
  498. Ntā wutêra icúmu mw'īcúmi
  499. Ntā wutîza urūgi imfyísi zâtêye
  500. Ntā wutôngana ahó atabá
  501. Ntā wutûra ngo atūrwé hāsí
  502. Ntā yígwa mu zîko ikūráyo inkóba zöse
  503. Ntā yĭruka itábūndá
  504. Ntā zibâna zítagerána amahěmbe
  505. Ntarátaze aruta mbūndâre
  506. Ntihāgá ibihúgu hāga imitíma
  507. Nyamwānka iyó bivá yatútse umwămi w'înká
  508. Nyamwīgēndáko ntárimíra impěshi
  509. Nyené amaguru yĭrukiye nyené umugisha
  510. Nyené amâso yērekwa biké ibĭndi akîrābira
  511. Nyené ibīntu ní we nyené ubúsa
  512. Nyené imbúgitá ní uwuyífashe ikirĭndi
  513. Nyené umupfú ní we amujá ahanûka
  514. Nyina w'úmukŭngu ntávyiná nâbí
  515. Nyina w'úmūntu ní gasâto gahishá amahere
  516. Nyokórome akuruma akúbona
  517. Nzōbirya ngárutse yagûye inyuma y'íkibira
  518. Sakírimi kibí yatânze umurozi gupfá
  519. Sinabíkoze yakóze umugabo mw'īrúgu
  520. Sīndyá aka aba yárīye akăndi
  521. Sīndyá aka ahinyuzwa n'úmusáse
  522. Só akwănka akuraga ivyămunaniye
  523. Sōkwé Sōkwé irutwa na só araroga
  524. Tubiri tuvūrana ubúpfu
  525. Uba ahabóna ukahábonera
  526. Ubāna na Súnēbá ugasunēba nka wé
  527. Ubēshera uwapfûye ugapfa nka wé
  528. Ubîka inzigo ntúzigáma irêmbo
  529. Ubugâbá bw'úmugabo ní bwo búryo bwîwé
  530. Ubugabo burîhābwa
  531. Ubugabo sí urucúmu
  532. Ubugúfi sí indwâra
  533. Ubukêye bucāna ayăndi
  534. Ubukúru sí bwo bwênge
  535. Ubúmwe buramōta
  536. Ubunyegeri buyāgira kw'īgúfa
  537. Ubunyegeri bwĭnshi ntíbwīmbá
  538. Uburîye umugabo ntíbubēshérwa umwâna
  539. Ubúro bwĭnshi ntíbuvá umusurúru
  540. Uburŭndi bugona búri mâso
  541. Ubúsa busūmba akamăramāza
  542. Ubusâza bunyaga ubugabo
  543. Ubusĭmbi busāngíye amajānja ntíbuhishánya amajāmbo
  544. Ubusúma ntáwe bwěreye
  545. Ubusumano buhāza umutwé
  546. Ubúsya uwŭndi burôroha
  547. Ubuté buta mu zîko
  548. Ubwâto bwītângiye bukira umuyaga
  549. Ubwătsi burashá bukabisa ubŭndi
  550. Ubwênge bukwănse būza mū nyuma
  551. Ubwênge burarahurwa
  552. Ubwênge buva i muhana
  553. Ubwênge bw'ŭmwe ní isáho itobótse
  554. Ubwĭra bugacá ntíbugutĕranya n'încúti
  555. Ubwīriza uwuryá ngo urānsaba
  556. Ubwîzá bugukŭnze buja ku mutíma
  557. Ubwîzá bukwănse buja ahó batabubóna
  558. Ubwîzá bw'înká ní kubá imwé
  559. Ubwîzá ntíburībwá
  560. Ubwôro bucīsha ubwênge
  561. Uca bugúfi ugaca igitōke
  562. Uca mw'īshāmba utāzí ugaca inkoni utāzí
  563. Ucāna ubúsa ukēnyegeza intoke
  564. Ufōra cāne ukavuna umuheto
  565. Ugaya ahó ubá rikarēnga arího urí
  566. Ugaya ubw'îfûni ukarâra umwâka
  567. Ugēnda utábazá ugasāza utámenyé
  568. Ugēndera mu makānda y'ínzovu ugakira urume
  569. Ugona mw'īrima ikivi kikaba kírāye
  570. Uguhūnga ní uguhumāna
  571. Ugutâmbuka ní ko kugēnda
  572. Ugutânga ní ugutânguza
  573. Ugutsîtāra ní kwo kwīgirwa imbere
  574. Uhēra umurozi akaguhēkūra
  575. Uheza guhemuka ibigôri bikêra
  576. Uhisha ubwări nyoko ntíwāráma
  577. Uhishīra umurozi akakumarira abâna
  578. Ukira umukêbá ntúkirá icó avyāyé
  579. Ukó imvúra ikuvyé sí ko itwārá
  580. Ukó so aguhăye umwâka ní ko uwuryá
  581. Ukó yēzé ní ko atemwá
  582. Ukó yēzé sí ko atemwá
  583. Ukó zivugíjwe ní ko zitāmbwá
  584. Ukora icîzá ukagisānga imbere
  585. Ukubóko kumwé kurîyaga ntíkwīmára ubúryi
  586. Ukúri guca mu zîko ntígushá
  587. Ukúri gushirira mu kuyāga
  588. Ukúri kurazirwa
  589. Ukúri ntíkubuzá ukuvûmba
  590. Ukúri ntíkuvugá uwukúze kuvuga uwukûzi
  591. Ukurima ntíkubuzá ukurimārima
  592. Ukurimira mū ndâré ní ukuzīnduka
  593. Ukuvúga ntígukūrá akănka
  594. Ukwĭbarira ní kwo kubêsha
  595. Ukwĭga ntíkubuzá ukwĭganyira
  596. Ukwîruka sí ko gushika amahóro
  597. Umena ibānga rikakumena inda
  598. Umubânyi ní we muryāngo
  599. Umubĭndi ushira uvyîmvye
  600. Umubiri ubira akábi
  601. Umubiri uvyāra udáhatsé
  602. Umucúzi w'ímitíma ntíyayírīnganije
  603. Umúfa w'ímbwěbwe unyōbwa ugíshūshe
  604. Umugabo ahāga amâzi ayîvōmeye
  605. Umugabo aheza kwŭbaka bámwūbakiyéko
  606. Umugabo akira iryó atēwé ntákirá iryó agēndána
  607. Umugabo amira intóre ntámirá ijāmbo
  608. Umugabo ananira abagabo ntánaníra akōbo
  609. Umugabo anyāgirwa umubiri ntányāgírwa umutíma
  610. Umugabo apfāna imigămbi
  611. Umugabo aravúga umugóre yavugá rukaba rúcītse itōngo
  612. Umugabo arīnda akăje
  613. Umugabo asiga imbwá ntásigá umugayo
  614. Umugabo asīmba akaziba ntásīmbá akaziri
  615. Umugabo atabwīrwá yĭkebeye inyama itarībwá
  616. Umugabo atarí so akwībuka ahéjeje kuryá
  617. Umugabo atēmba kw'īcúmu ntátēmbá kw'ījāmbo
  618. Umugabo atīnya ingwe ntátīnyá iyamwînjiranye
  619. Umugabo atūnga uwŭndi apfûye
  620. Umugabo mubí ní ubwâgiro
  621. Umugabo ní umwâna w'úwŭndi
  622. Umugabo ní umwūgariro
  623. Umugabo ntáhorá ararwāna aba akûmbuye gutêka
  624. Umugabo ntápfīrá izûba rimwé
  625. Umugabo ntávūmbá inzóga avūmba ijāmbo
  626. Umugabo ntíyīcwá n'ínzara yīcwa n'ínzigo
  627. Umugabo umwé agerwa kurí nyina ntágerwá ku mwămi
  628. Umugáni ntûvá ku gíti uva ku mūntu
  629. Umugáni ugana akarího
  630. Umugáni ungana ingoma
  631. Umugēnzi arakurutira incúti
  632. Umugēnzi ararírēnza
  633. Umugére uva kū nyo
  634. Umugére w'úmugóre uhīnda uhéra
  635. Umugóre arakáma intáre
  636. Umugóre asa n'ûmwâna
  637. Umugóre atānwa abâna ntátānwá ibigega
  638. Umugóre ní inkĭngi y'úrugó
  639. Umugóre ní ndyāna n'úwějeje
  640. Umugóre ntárirîmba aba aríko aracúra intîmba
  641. Umugóre ntásīmbá urugó aba agômba kurugwa inyuma
  642. Umugóre ntátwārá icúmu
  643. Umugóre sí akazûru
  644. Umugóre w'întárimá yōnsa isúka
  645. Umuhĭgi arí kure ntávuná imbwá
  646. Umuhíni mushăsha utēra amabávu
  647. Umuhúshatûnga w'úmugabo ahusha umugóre
  648. Umukěngesha w'ímpōngo ayihīgīsha iróbe
  649. Umūntu ahūnga urwîmo ntáhūngá urupfú
  650. Umūntu akira icó abēshéwe ntákirá icó yībêsheye
  651. Umūntu arasōnza akībuka n'ûbwó yahâye imbwá
  652. Umupfú ntáburá uwumúpfunya
  653. Umuryāngo ntúbuzá umuryângo w'ínzu kuva
  654. Umuryāngo uba ku muryângo
  655. Umuryāngo ujá guhóna ubāndwa wöse
  656. Umuryāngo umwé ntíwūríza umwămi umugwa
  657. Umuryāngo utaziríriza urazíma
  658. Umuryí wa cāne ahasha umusyi
  659. Umusavyi w'ûrwânko agabana n'íngoga
  660. Umusazi arasara akagwa kw'ījāmbo
  661. Umuségo utagoná nyoko ntíwīshîmirwa
  662. Umushēzi yānka uwŭndi
  663. Umusóre umuhana aváyo ntúmuhána ajáyo
  664. Umusóre yōkurásira ntíyōgusabira
  665. Umúswa urya umuhíni usótera isúka
  666. Umutâga wīmukira ijoro
  667. Umutámiro w'ífūndi uhāza umuryāngo
  668. Umutavu wó mu kanwa uracá ntíbagarúra
  669. Umúti w'îmbwá wāhwa ku rugó
  670. Umutíma ntûbá mwôro
  671. Umutíma ntúgirá igúfa
  672. Umutíma usobétse amagánya ntúsobânura ijāmbo
  673. Umutīndi atīnda ku mwônga abăndi bávōma
  674. Umutīndi w'înká atuka uwayímutīje
  675. Umutsíma w'Îmâna urya abarâmbije abarâmbiwe bátāshe
  676. Umutwé umwé ntíwīgîra inâma
  677. Umuvyêyi ahakurira ku rutaro akarīra ku rutoke
  678. Umuvyêyi atarí nyoko agushīmira inda yā mbere
  679. Umuzímu urīra ku muzima
  680. Umwâka w'ákănka ubúro burabûngwa
  681. Umwămi acumura yîcaye
  682. Umwămi ntíyīcá hīca Uburŭndi
  683. Umwâna ahora atînya ikára arítōye
  684. Umwâna ananira sé ntánaníra sêntáre
  685. Umwâna arahôngoka nyina akâsama
  686. Umwâna arakunanira arí uwâwé
  687. Umwâna arya inkóko nyina akayiruka amŏya
  688. Umwâna murizi ntátōrwá urutózi
  689. Umwâna sí uw'ŭmwe
  690. Umwâna umurya imvānda akazōkurya imví
  691. Umwâna umwé ntâ mwâna
  692. Umwâna w'íngwe ní yo ngwe
  693. Umwâna w'ínkēnde apfa yûrira igíti
  694. Umwâna w'îséma arirana umutsíma mū ntoke
  695. Umwâna w'îséma avuma ibêre ryămwōnkeje
  696. Umwâna w'îsúre avūkana isūnzu
  697. Umwâna w'úwŭndi akurya múyāga
  698. Umwâna w'úwŭndi ugira ngo ingo turwāné ntúgirá ngo ingo ndagukubíte
  699. Umwâna w'úwŭndi yīmba agúhisha ivú
  700. Umwâna yānāna kurí nyina
  701. Umwānda uhera iyó wagîye ntúherá iyó wavûye
  702. Umwânsi agucīra icōbo Imâna ikagucīra icānzo
  703. Umwânsi ntâbá kure
  704. Umwânsi ntâbá umwâna
  705. Umwânsi ntánūká
  706. Umwônga umwé wōnza inyoni
  707. Umwŭngere w'índa ntácūrá amahóro imĭsi yöse
  708. Urahora útyo ntâbá mu rugó rw'úwŭndi
  709. Urāmba cāne ukarīnda uruvyíno rw'îmbwá
  710. Ureka kugarura impéne ikíri hăfi yamará kurênga imirămbi ukābira nká yo
  711. Ureka kurimira umwâna w'ínyoni uwâwé agasōnza
  712. Urera nâbí ugatukwa n'ábakwé
  713. Urima biké ukīmburira mu gipfŭnsi
  714. Urima itíro ukīmbura ingonera
  715. Urímye ikibára hakamera inzúzi ntízibá arí izâwé
  716. Urubănza rumwé rumara zibiri
  717. Urubúze inkwăre ruvūmbukana igihuna
  718. Urugó rubuzé umugabo rubura umuhoro
  719. Urugó rugira babiri
  720. Urugó rugira babiri
  721. Urugó rurímwo umugabo runywa amáta
  722. Uruhănga rw'úmugabo rurarârīra rúsīnziriye
  723. Urukûndo rutarímwo umukûnzi ntírurāmbá
  724. Urukûndo rwītūzwa urŭndi
  725. Urukwâvu rurakúra rukōnka umwâna
  726. Urupfú rw'îmbwá ní inyama
  727. Ururími ntírwōnzá umukŏbwa
  728. Uruvúze umugóre ruvuga umuhoro
  729. Urw'ûmwôro rumara zöse
  730. Urwânko rutēsha urwârwá
  731. Urwĭba rwība umugabo
  732. Usaba Imâna y'úwŭndi ikaguha amahere
  733. Usaba umwîzá mugasa
  734. Usāngira ibānga n'îmbwá ikarikwīza ibisáka
  735. Uta akarānga ukaba utâye ibānga
  736. Uta umwūga ukaba utâye umwâna
  737. Utāmbira umwămi atagushăka akakwīta umusazi
  738. Utamira umugēnzi arí kū nâma ukaba utámira umutānga
  739. Utēka ubúsa ukamira ubŭndi
  740. Uturuka buká ugatāha bunyama
  741. Utwâwé ní utwó urāyé urîye
  742. Uwabírimye sí we yabírīye
  743. Uwămbuwe n'ûwâzí ntâtá ingáta
  744. Uwămye akúruta akurusha n'îmvá
  745. Uwănka amazímwe abāndwa hábona
  746. Uwănka kugâmbararirwa atuma uwukúze
  747. Uwănse kwŭmva ntíyănse kubóna
  748. Uwarâye nêzá aseka uwarâye nâbí
  749. Uwatînye gupfá ntíyavûtse
  750. Uwĭgize igikútso bamuyōza amasé
  751. Uwĭherēreye amwa inákuru
  752. Uwĭkīngirije umwămi arasa uwó ashāká
  753. Uwĭshwe n'ûwîwé ntárirírwa
  754. Uwĭtara kubá igihuna ahunikira búkēye
  755. Uwĭtēra umwôro amwēreka mu kigega
  756. Uwĭtōnze akama ishâshi
  757. Uwĭtōnze amira ibinóze
  758. Uwĭyimye asa n'úwĭyahuye
  759. Uwó bukubíye akubira umukúbi
  760. Uwó bwăhamye ahamiriza arí umwé
  761. Uwó utabōnyé ku rupfú rwā só ntúmubóna ibigôri vyêze
  762. Uwó wakíjije ní we akwĭca
  763. Uwubândwa ní we abāndá urūgi
  764. Uwubûndabūnda abonwa n'úwuhágaze
  765. Uwubwîra uwŭmva ntávuníka
  766. Uwúca umugáni ntátarámura umwâna
  767. Uwudásavyé ntákirá
  768. Uwudáshōnjé ntáshērá
  769. Uwudásizé umwâna asiga umugáni
  770. Uwufíse imbwá ntâtá igúfa
  771. Uwugômba isīmbo asīmba urugó
  772. Uwugômba kugabana arazīnduka
  773. Uwugôwe aragōka
  774. Uwugúhanūra kurēndegera aba agúteze umushíbuká
  775. Uwugúsavye umwūhīro aba agútaze umusêsekará
  776. Uwugútānze gukáraba agutānga kubega
  777. Uwuhágarikiwe n'íngwe aravōma
  778. Uwuhána inzara arayirimira
  779. Uwuhána umurozi amubītsa umwâna
  780. Uwuhânzwe n'îsînzí ntásīnzîra
  781. Uwuhênzwe n'ágahêngwé acāna inkīnzo
  782. Uwuhêtswe n'úmukêbá atēra agahînda insīmbizo
  783. Uwujá gukíra icí aracûmbagira
  784. Uwujá gukíra indwâra arayirāta
  785. Uwujá gutûnga arima abagēnzi
  786. Uwujá kubá mu Burŭndi agira amâso ntágirá amatwí
  787. Uwujá kugaya ijāmbo arāba umunwa urivúze
  788. Uwujá kwŭmva arûmviriza
  789. Uwukêngurutse aba yôngeje
  790. Uwukíze isěmu yībagira icămwīrukana
  791. Uwukíze ubusóre arabuganira
  792. Uwukóma amashí ntákubítwa kū ntoke
  793. Uwukúbita inkēnde ntárābíra iyiháka
  794. Uwukúrāvye cāne agutēra kwāmbara
  795. Uwukúrusha umugóre akurusha urugó
  796. Uwunyázwe n'ámagára ntákomôrerwa n'ábagabo
  797. Uwupfûye aba arúhūtse
  798. Uwurí hăfi y'úmuvyêyi ní we agabíra
  799. Uwurí mū ntăhe arêzwa ntíyīyéza
  800. Uwurí mūsí y'íjuru ntátīnyá imitúragaro
  801. Uwurívuze mu gushēngera ntâbá agîye
  802. Uwurúcīye mūsí (urugó) ntámenyá ikirúrimwó
  803. Uwusába agasákanyíka aranūkirwa akîhorera
  804. Uwusába Imâna ntásarágara
  805. Uwushâka akêzá aragáhebera
  806. Uwushâka umubíra abira akŭya
  807. Uwushâka umucé acīka ijoro
  808. Uwushâka urwâmo yēnga urwârwá
  809. Uwushônje ntíyūmvá
  810. Uwutábōnyé agasóhoka ntáboná akĭnjira
  811. Uwutábusyá abwīta ubumera
  812. Uwutáharí asa n'úwapfûye
  813. Uwutânga nêzá atānga kabiri
  814. Uwutárābóna ntávugá
  815. Uwutárahéra aba arahékenya
  816. Uwutári bukuvúne yōkuva inyuma
  817. Uwutáyāzé na sé ntámenyá umugáni wa sěkuru
  818. Uwutâzí akarâye arāza ifu
  819. Uwutâzí imĭsi arāta urugó
  820. Uwutâzí inzira yazanánye ahanwa n'ámayirábiri
  821. Uwutâzí Uburŭndi aburūndwámwo
  822. Uwutâzí ubwênge ashīma ubwîwé
  823. Uwutâzí umukŭngu yīma umwâna
  824. Uwutâzí umwânsi asīga umubiri
  825. Uwutéma urwîwé umutīza umuhoro
  826. Uwutîgába ntíyīgáburira
  827. Uwutsînzwe ntíbatsīndáho
  828. Uyāgira urupfú uwutărubōnye ukaba uménye ibānga
  829. Wānka bāngwé ntíwānká zana ndābé
  830. Wānka gutâmbana imví ukazívūmbana
  831. Wānka kugaburira umushitsi ukaba ugôtse
  832. Wānka kurimana imví ukazisēgana
  833. Wānka kurimira kure ukahasumira
  834. Wīrukana umugóre ngo aguguna igúfa ukāzana uwurímira miyônzwá
  835. Wītaba kare ugatumwa kure
  1. Abagabo bahurira mu cero ntibahurira mu cibo
  2. Abagabo barara kubiri bakarota kumwe
  3. Abagabo bararya imbwa zikishura
  4. Abakurikiye Inamujandi bajanye na we
  5. Abami basangira ingovyi ntibasangira ingoma
  6. Abantu ni magiriranire
  7. Abarundi basiba kurima ntibasiba kuvuga
  8. Abasangira basigana imvyiro
  9. Abasangira umusa basangira abansi
  10. Abatamvyi ba neza barakurikirana
  11. Abatanganya amatako ntibisigira hamwe
  12. Abatukanye bararwana
  13. Agaciwe karuma
  14. Agahimbo kibagiza kwugara
  15. Agahugu karimwo abagore ntikabura amazimwe
  16. Agakuku karimisha mu rwiri
  17. Agakunze babiri karabankanisha
  18. Agapfuye kabazwa ivu
  19. Agashaje gashira isoni
  20. Agashitsi ka kera kavumbika umuriro
  21. Agasozi k'intahanurwa kahiye abagabo babona
  22. Agasozi kamanutse inka kaduga iyindi
  23. Agaswi katazokura ukerekwa n'urwubi
  24. Agati gateretswe n'imana ntigahenurwa n'umuyaga
  25. Agatu gatekeye amahwa karimena
  26. Ahakize hitwa inkovu
  27. Ahanse ubwana hamera ubwanwa
  28. Ahari abagabo ntihagwa ibara
  29. Ahari abantu hama urunturuntu
  30. Ahari amahoro umuhoro uramwa
  31. Ahari umwenge haca umuyaga
  32. Ahashashe ingwe akayabu karutsinda impaga
  33. Aho umugabo ahandiwe ni ho yihandurira
  34. Aho umukecuru atoye uruhindu ahita mu ruganda
  35. Aho wataye iminwe uhata agatemere
  36. Ak'i muhana kaza imvura ihise
  37. Aka muntu kamara iyagwe
  38. Akabando k'ubusaza gacibwa kare kakabikwa kure
  39. Akabigira kabizi karya imboga karitse
  40. Akabura ntikaboneke ni nyina w'umuntu
  41. Akagoye kokerezwa akagori
  42. Akagumye bagumako
  43. Akahabaye ntikahava
  44. Akahuganiye igicaniro gasibanganya indoto
  45. Akaja kwiha inkumbi karusha imbazi kumoga
  46. Akaje karusha imbwa kwota kaba gashaka gusha
  47. Akamanitswe n'umusaza gatamya umuyabaga
  48. Akamasa kazoca inka kazivukamwo
  49. Akamenyero kayiraje mu mutego
  50. Akameze ku murizo w'imbwa gashirwa kawuciye
  51. Akami ka muntu ni umutima wiwe
  52. Akana kari ubwenge gasinzira imbonamwuko
  53. Akananiye umugabo kananira n'uyundi
  54. Akanse uraheba
  55. Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze
  56. Akarago karyana kamenya nyene ko
  57. Akaraye kaba kaboze
  58. Akarenganyo si ak'ubu
  59. Akarenge kaja iyo kavuka ntigahandwa
  60. Akarenge mu gusezera kanka gukanda isi
  61. Akari kure karya nyene amaguru
  62. Akari kure ntikaba indaro
  63. Akari mu nda y'ingoma kamenywa n'uwayikanye
  64. Akari mu nda y'umugabo gaserurwa n'akari mu nda y'umubindi
  65. Akari mu nzu ntikaba isema
  66. Akarimi kakuresha si ko kakurongora
  67. Akaryana ntikaryamanwa
  68. Akaryoshe kahejeje imbeba mw'ibuye
  69. Akaryoshe ntigahora mw'itama
  70. Akaryoshe ntikarya umwe
  71. Akataretse kaba gasema
  72. Akatari nk'akandi aba ari ishano
  73. Akatavuga ntigahenda akavuga
  74. Akazi k'i bwami kica uwicaye
  75. Akazikira k'umugabo kazikwa n'isi
  76. Akazimiye ntaho katarondererwa
  77. Akeza karigura
  78. Akihuriye n'ingasiro gatera inda urweze
  79. Akosha umusyi kava mu ngasiro
  80. Amabanga abiri ntabangikanwa
  81. Amabarankuru yashikanye inyenzi i Buha
  82. Amaboko aguha n'ayakurika ntareha
  83. Amaboko ashikiriye ubuhiye yibagira umushike
  84. Amaboko matindi y'umukobwa asegura uwishe se
  85. Amaborogo y'umwagazi ntatera impuhwe ingwe
  86. Amacumu arwanya inzara ni amasuka
  87. Amacumu aterwa abagabo
  88. Amagara aramirwa ntamerwa
  89. Amagara aruta amagana
  90. Amagorwa ntasiga ayandi
  91. Amagorwa si ay'umwe
  92. Amaguru yitangira ku buriri agatahira mu mirambizo
  93. Amahera ntiyirirwa aho yaraye
  94. Amaherezo y'inzira ni mu nzu
  95. Amahoro atangurira mu mutima
  96. Amahoro ava mu nda
  97. Amakuru atarimwo umukuru yama ari amazimwe
  98. Amanyama arasara ntasaba
  99. Amanyama y'ururo ashirira mu ngasiro
  100. Amarara ntagura inyama
  101. Amaraso ava mu ruguma
  102. Amarira ni umuheto w'uruhinja
  103. Amasabo aguma nk'amabuye
  104. Amasabo akwankiye araba imirazi
  105. Amasabo arakiza
  106. Amasabo arica
  107. Amase ya kera ntahoma urutaro
  108. Amasinde y'inkumi ntarara
  109. Amaso y'ibikere ntabuza abavoma
  110. Amaso ya babiri araba kubiri
  111. Amasunzu si amasaka
  112. Amata y'inkuba anyobwa n'inkumbu
  113. Amategeko aremera nk'amabuye
  114. Amatwi yumva ico umutima ushashaye
  115. Amavi y'umushumba ntahangara iziko
  116. Amayira abiri yananiye imfyisi
  117. Amayira y'ishamba amenywa n'imende
  118. Amazi arashuha ntiyibagira i bumbeho
  119. Amazi asumira ku mabuye
  120. Amazi masabano ntamara imvyiro
  121. Amenyo aragutwenga ari ayawe
  122. Amenyo aratwenga asize intimba mu nda
  123. Amenyo atwengera ku majigo
  124. Amenyo ntiyibuka gushimira ingasiro
  125. Ameru y'umukwe amara indongoranywa
  126. Amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
  127. Amosozi y'umukunzi ava mu rihumye
  128. Amunguranka ni yo mazikesha
  129. Babiri bishe imbwa y'umwami
  130. Babiri ntibacibwa inka
  131. Bareke baze ni kwo kuneshwa
  132. Barimwotubiri ni isi ikugaburira ikakuzika
  133. Batanga inka ntibatanga Imana
  134. Bene Imana baruta bene imari
  135. Bene vyo ni bo bene inambu
  136. Bicika baraguza
  137. Bukebuke bukomeza igihonyi
  138. Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi
  139. Bukebuke ni rwo rugendo
  140. Gira so ntaruta gira ico urya
  141. Gira so yiturwa iyindi
  142. Guca bugufi bica inzira ntibica umugongo
  143. Gusaza ni ugusahurwa
  144. Guseka umusore si ko kumuhanura
  145. Gutaha gutunga umugabo
  146. Ha gupfa wozanzama
  147. Ha kuba imbwa woba imva
  148. Ha kubesha wobesherwa
  149. Ha kugira amasaka wogira amasabo
  150. Ha kugoka wogorwa
  151. Ha kuremekwa akabonge woremekwa amabuye
  152. Ha kuvumba umukungu wovumba umukunzi
  153. Haga umutima ntihaga uburyamo
  154. Hapfa uwavutse
  155. Hirya y'ubwoba haba ubugabo
  156. Hitamwo bihema indyarya
  157. I bukunzi ntibwira
  158. Ibanga ni agacanwa katarahurwa
  159. Ibanga ntirimirwa intama
  160. Ibanga ribangirwa ingata
  161. Ibanga riraheberwa
  162. Ibanga ry'intango ribazwa umubumvyi
  163. Ibigora bigora abagabo
  164. Ibihengeri bitera imfyisi urweze
  165. Ibija gucika bica amarenga
  166. Ibintu bija aho ibindi biri
  167. Ibintu ni abantu
  168. Ibisa birasabiranira
  169. Ibitariho birikaza
  170. Ibitebu biraresha ntivyubaka
  171. Ibitebu vy'umukeba bikwega agaheza
  172. Ibitunye biruta ibitobotse
  173. Ibuye riba rito ntiriba ritoto
  174. Ibuye riserutse ntiryica isuka
  175. Icaha caha inka
  176. Icayaye kivugira ibicuba ku macuniro
  177. Icirore kiguhisha inkavyi yaritse kw'izosi
  178. Icivyara ni ingwe
  179. Icizere c'umushezi ntigihezwa na Vuguvuyaho
  180. Ico iguha n'ico ikuvyarira birangana
  181. Ico Imana igututse ni co kikwica
  182. Ico uhawe n'ugutora ucakwa n'ugutakara
  183. Ico umuntu akora ni co kimukora
  184. Ico umutima ukunze isogo zisumba inyama
  185. Icumu rizogucungura ntumenya iyo ryacuriwe
  186. Ifi ntimenya ikiraza ishinga urusenga
  187. Ifi yama mu mazi ikamana inyota
  188. Ifuku itazi agaheza ishora agatwe ku mushibuka
  189. Igera ntiritega imvubu
  190. Igiheko gihekera uwuhekewe n'imana
  191. Igihere giheza umugabo mu nzu
  192. Igikeburwa nticumve ni imbwa kw'igufa
  193. Igikere gikera kitarakererwa
  194. Igipfa caburiwe ni impongo
  195. Igisanira gica umwano ishiga ryikoreye
  196. Igisuma ni igifashwe
  197. Igisuru kivuvudikirwa mu gahubo
  198. Igiti cagukoze mu jisho cama gihiritse
  199. Igiti cikwije amahwa gitera inkende amakenga
  200. Igiti ciswe ingoma ntikibazwa
  201. Igiti ciswe umwana ntigicanwa
  202. Igiti cumye cegamira kibisi
  203. Igiti kigororwa kikiri gito
  204. Igiti kimwe ntikiba ishamba
  205. Igiti kirakurira mu babaji
  206. Igiti ntikigukora mu jisho kabiri
  207. Igiti utari bwurire ntukirangamira
  208. Igitika mu mapfa ciyita Bandyabangaya
  209. Igito gita uwagikoye ntigita uwakivyaye
  210. Igito gitabwa iwabo
  211. Igitugu kirakura ntigisumba izosi
  212. Ijambo rigukunze rikuguma mu nda
  213. Ijana ntiryanka mu rindi
  214. Ijisho Nyawikwegera riha abakwe ibinoko
  215. Ijisho rigenzwa n'akandi rigushima akemo
  216. Ijisho rigusema n'iriguhezagira ntakanura kumwe
  217. Ijisho rigutuka inkuba n'irigutuka inkumi nturiyoberwa
  218. Ijisho ry'uwundi ntirigushimira umugeni
  219. Ijoro ntirigira umutware
  220. Ikigoyi kiza barima
  221. Ikigutwaye umutima ni co kigutwara agatwe
  222. Ikimuga gisumba imva
  223. Ikinyoma ca nyene urugo bagiha intebe kikicarako
  224. Ikinyoma cica nyene co
  225. Ikinyoma cumvise ukuri kimena urugi
  226. Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka
  227. Ikinyoma kiraryoha ntikirya umutsima
  228. Ikinyoni kigurutse kitavuze bacita icana
  229. Ikiremera umutwe si co kiremera umutima
  230. Ikirirahabiri ntigiteramira aho bavyina amahasa
  231. Ikiruta ikindi ni ijambo ry'umusaza
  232. Ikirwa c'umwami ugiheruka ukicubaka
  233. Ikitazi cambarira urunega mu bakinegura
  234. Ikitazi ciganzira agahiye
  235. Ikitazi citiranya imamba n'umusiba
  236. Ikivumbiko ntigitesha ikivumbuzi akari ku mashiga
  237. Ikiyago gisumba ikivi
  238. Ikiza ntikizira umwe
  239. Imana ifasha uwifashije
  240. Imana igarurira ku makombokombo
  241. Imana igira aho imaniye
  242. Imana igira amaboko maremare
  243. Imana iguha irutwa n'iyakira
  244. Imana iguhaye ni yo ikwaka
  245. Imana ikurabira umwansi muba muri kumwe
  246. Imana ikuvyarira si yo ikurerera
  247. Imana iraguha ntimugura
  248. Imana irarema ntitoranya
  249. Imana itegeka ibintu ni yo nkuru
  250. Imana ntiha uwicaye
  251. Imana ntiha uwisize
  252. Imana ntisinzira
  253. Imana ya mwene so si yo ya mwene nyoko
  254. Imanga ntimarira Imana
  255. Imbeba irariye umworo iguguna urugi
  256. Imbeba ntisazira mu kigega
  257. Imbeba ziyobewe zitonganira mu bigega
  258. Imbitsi ya cane ibikira mukeba
  259. Imboga mbi ntiziva mu nkono
  260. Imbogo ihotora ihigwa
  261. Imburabana yugumbira irekwe
  262. Imburabugirire ihunga ijambo
  263. Imburamaboko ibagara umushatsi
  264. Imbuto itewe ni yo imera
  265. Imbwa ibura se ntibura shebuja
  266. Imbwa ifise amaguru ane igaca mu nzira imwe
  267. Imbwa ikuga ntiryana
  268. Imbwa itubaha indava ikeburwa n'inyagutwi
  269. Imbwa itwawe ku rutugu ntihiga
  270. Imbwa ntigutwengera iba ishaka kukurya
  271. Imbwa ntisuma n'iyo isumye ntishikana
  272. Imbwa y'umukwe ni yo mukwe
  273. Imbwa y'umusega ihigira mu biti vy'urugo
  274. Imbwa y'umworo yiba irwaye
  275. Imbwa yinwa na nyene yo
  276. Imbwa yisema irya shebuja
  277. Imfura igwa mu mfuruka
  278. Imfura na se barangana
  279. Imfyisi itora mu rwangara
  280. Imfyisi y'iwanyu ikurya ikurundarunda
  281. Imigere ibiri ntitereka
  282. Imirazi isumba guhuma
  283. Imisega ibiri ntinanirwa igufa
  284. Imisi irasa ntingana
  285. Imisibo ntirera
  286. Imisozi iyo ikumburanye abato barahagwa
  287. Imiswi itazi agaheza yugamika agaca
  288. Imitambire y'impongo ni yo migirire
  289. Imiti ikora ikoranye
  290. Impembo y'umwana ipfa mu magodoka
  291. Impene irisha aho iziritse
  292. Impfizi aho ishitse irivuga
  293. Impfizi ivyara uko ivyagiye
  294. Impfizi y'indwanyi iterekerwa mwene se
  295. Impfizi y'intama itendera nka se
  296. Impfuvyi iragoka
  297. Impfuvyi irira kw'ishano
  298. Impfuvyi iseka rimwe
  299. Impinga imarwa n'ukuyaga
  300. Impongo isubira ku rwubuko
  301. Imvugirakuyamara y'umugabo ikundwa na bake
  302. Imvuzi ya menshi ivuga urwishe nyina
  303. Imyenge y'inzu imenywa na nyene yo
  304. Inankundakurya yariye ubuki bw'ifunderi
  305. Inanyi ikamwa menshi
  306. Inanzobirya mvyikoreye yapfuye atikora inyuma
  307. Inda iremera iri gusa
  308. Inda ndende ihumira indya
  309. Inda ndende irongwa icumu
  310. Inda ni akamenesha banga
  311. Inda ni amahanga
  312. Inda ni Bahomora
  313. Inda ni Baritoraguza
  314. Inda ni seha uzana
  315. Inda ni umwansi
  316. Inda ntiba impamba
  317. Inda uyibarira ico wayirarije ntuyibarira ico wayihaye
  318. Inda y'umworo ibonekesha agasamo
  319. Indahiro mbi ntigwaza mu nda
  320. Induru ntiganza ingoma
  321. Indya y'umugayo irya umugabo
  322. Inera ibegerwa ku bwayo igakura ubwatsi
  323. Inera ikunera ku mukobwa igacika umukwe
  324. Ingayi ya cane uyitega Uburundi
  325. Ingendo y'uwundi iravuna
  326. Ingenzi ntigira ihembe
  327. Ingenzi ntigira ihembe
  328. Ingenzi y'imihana ni yo nzanyi y'amazimwe
  329. Ingeso iraraba ntihwera
  330. Ingeso ntiryamirwa
  331. Ingeso y'urugo ntiyubaka urundi
  332. Ingingo si ibigingo
  333. Ingingo y'ijambo iva mw'ijigo
  334. Ingo tubane ni we ingo twankane
  335. Ingoma iganzwa n'amashi
  336. Ingoma iruta irobe
  337. Ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga
  338. Ingona iva mu ruzi ikarigata urume
  339. Ingumba irira ku mvyeyi
  340. Ingumba itazi ikibi irigata ishenyo
  341. Ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kuraka
  342. Inkezi ikera urwo bireha
  343. Inkire ntikira kabiri
  344. Inkoko irara mw'ishamba igacika inkware
  345. Inkoko yera itaha kare
  346. Inkokokazi irapfa amagi akabora
  347. Inkoni nziza imerera ahaga
  348. Inkoni nziza imerera ahaga
  349. Inkono isha uko ishaka
  350. Inkumi ikura iyindi igiye
  351. Inkunda nkubonye irutwa n'inkunda nkuzirikanye
  352. Inkuru y'umwana isubira inyuma
  353. Inkware iramvye itora mw'itongo ry'uwayihiga
  354. Inkware itora mw'itongo agatima kari mw'ishamba
  355. Inkware ivunitse ihura n'umwana
  356. Inkware yicwa n'inderetsi
  357. Inkware zisezerana mu masesa
  358. Inshiramazinda ntirera impfuvyi
  359. Intabaza irya imiziro
  360. Intabirima ntiyabiriye
  361. Intabisiga ni yo ntabisanga
  362. Intarabona isera ihaha
  363. Intebe irutwa n'intemere
  364. Intibagira ntibana
  365. Intibagira ntirera impfuvyi
  366. Intore mwohurira ku nzira ntiwoyirarira
  367. Intore ntiramba
  368. Inyakamwe inyaga imwe
  369. Inyama y'amarere yatanze umuziha gusohoka
  370. Inyama y'umugore isha yihina
  371. Inyana iranura ntishira irenda
  372. Inyange ntiharanira kwera
  373. Inyo y'inkoko uyerekwa n'umuyaga
  374. Inyoni iguruka yisunga igiti
  375. Inyosha mbi ingana umurozi
  376. Inyundo isigaranye abana ihonda imise
  377. Inzara irahera ariko igihemu kibi ntigihera
  378. Inzara iteranya abaseka
  379. Inzara ntiyica batanu yica abatanye
  380. Inzererezi ntihamba se
  381. Inzigo izigira mu gahinga
  382. Inzigo ntizigama irembo
  383. Inzira ntibara inkuru
  384. Inzira y'ishamba igendwa n'abayizi
  385. Inzira ya hafi yamaze abatwa
  386. Inzoka ntiyigorora iba igiye
  387. Inzu ya Musavyi ntiyahiye
  388. Irakeregeza ikaba inkecuru
  389. Iriba riba kare
  390. Iryeze kare ntirigera ku murara
  391. Isari ntirenga intore
  392. Isase riva ku cuma
  393. Isazi iri ubute ntirya ku gisebe
  394. Isema isema basemerera
  395. Isema y'umukecuru yisiga umusoma
  396. Ishamba ryabaye indahiro ntiriba indagiro
  397. Ishavu ry'umuvyeyi riririrwa ntirirara
  398. Ishiga rimwe ntiryarika
  399. Ishirasoni si iyiroga ni iyirya abandi babona
  400. Ishurwe rirera kandi rirura
  401. Isoni zirisha ishano
  402. Isuka yama irima ntigwa ingese
  403. Itama ridatamiye ntiritamura
  404. Iteka urihabwa n'umugore
  405. Ivy'abandi bishinga amaso ntibishinga amenyo
  406. Ivy'abapfu birya abapfumu
  407. Ivy'ejo bibonwa n'Imana
  408. Ivya gusa bitera ubwenge buke
  409. Iya nyuma ihaga inkoni
  410. Iyakaremye ni yo ikamena
  411. Iyakuriye ntuyigera inkoni
  412. Iyanka kuzimira irabira
  413. Iyaraye ubusa ntivuga
  414. Iyibize nabi uyima ifu
  415. Iyiganje yima izindi zibona
  416. Iyigeze kure nta yitayigera ihembe
  417. Iyihongotse ari imwe ntibuza izindi kurisha
  418. Iyija kurisha ihera ku nama
  419. Iyikitse nta wutayikora mu nda
  420. Iyikuburiye ntikurya
  421. Iyiri ubwoba irahweza
  422. Iyitakoye nyoko uyihonyora mu mayezi
  423. Iyivyariye ku macuniro ntiba ikibazwe
  424. Iyivyaye amashuri iyicunguza amarago
  425. Iyivyaye ikiboze irakirigata
  426. Iyo induru ivuze umushumba atanga shebuja gupfa
  427. Iyo induru ivuze umushumba atanga shebuja gupfa
  428. Iyo uteye ibuye mu mbwa nyinshi iyimotse ni yo uba ugemye
  429. Iyo uva ntihakuva inyuma
  430. Iza nyabutindi zamazwe n'umugere w'isazi
  431. Izija guhona zihera mu ruhongore
  432. Izikenye ziruta izinyazwe
  433. Izo zabira zari imitavu
  434. Izo zibika zari amagi
  435. Kabiri karazirwa
  436. Kananira abagabo ntiyimye
  437. Karimanzigo ntiyimbura
  438. Kiburabwenge c'umugabo yakwikiye ishenyo mu gisomasoma
  439. Kuba muremure si ko kumanura imvura
  440. Kubaho ni ukubana
  441. Kugorwa si ko kugoka
  442. Kuraguza kurutwa no kugendereza
  443. Kure ni mu nda
  444. Kurya ni kare
  445. Maguru ya Nyarwari yasize imvura n'umuguha
  446. Mpa numve yishwe n'umurahu
  447. Mpunge urw'aha yakimajije amaguru
  448. Mu nda haba umutima ntihaba umutsima
  449. Mu nda harara inzara hakavyuka inzigo
  450. Mukaso si nyoko
  451. Mukuru w'ijambo ni irindi
  452. N'ubusa burazirwa
  453. Na Bucangenda yapfuye atagiye
  454. Nari ntihabwa intebe
  455. Ndabirinze yaguye mu mirinzi
  456. Ndacari muto ni bwo butindi
  457. Ndaryimare ni we ndaryitere
  458. Ndi umugabo ni ko gupfa
  459. Ndime nshimwe yaguye mw'isemo
  460. Ndinde yarapfuye Mpunge arakira
  461. Ngira uko nakugize ni we agora
  462. Nta buja bukiza
  463. Nta bwenge bw'umwe
  464. Nta kera ka gusa
  465. Nta mpongano y'umwansi
  466. Nta mugabo umwe
  467. Nta mukuru abura mukuruwe
  468. Nta muzindutsi wa kare ku mutima w'uwundi
  469. Nta mwiza w'inzara
  470. Nta nda ibura intuntu
  471. Nta ngoma itavuga
  472. Nta nkokokazi ibika isake iriho
  473. Nta ntambara ibura inkomere
  474. Nta rirenga ricaka
  475. Nta rubanza rubura ijambo
  476. Nta rutoha rutuhiwe
  477. Nta wakoreye Imana yikoreye amaboko
  478. Nta wama ahiriwe
  479. Nta wambara yarahenye
  480. Nta wicira rubi
  481. Nta wicira urubanza
  482. Nta wikura kuri nyina ngo yarashaje
  483. Nta wubandwa abangikanije
  484. Nta wuburana n'uwumugaba
  485. Nta wuburana n'uwumuhamba
  486. Nta wuca urubanza atumvise
  487. Nta wugwa mu bansi ngo agende amahoro
  488. Nta wuheka uwutisimbiza
  489. Nta wuherekeza uwicaye
  490. Nta wurimira amasaka aho atagira amasabo
  491. Nta wurira ibigori aho yagorewe
  492. Nta wuronderera ubwiza mw'ikazanga
  493. Nta wurya inzoka ngo ananirwe n'umurizo
  494. Nta wusaba amata aho akombwa
  495. Nta wusiga inka mw'igabiro
  496. Nta wusimba agasinde
  497. Nta wutanga Imana kwihebura
  498. Nta wutera icumu mw'icumi
  499. Nta wutiza urugi imfyisi zateye
  500. Nta wutongana aho ataba
  501. Nta wutura ngo aturwe hasi
  502. Nta yigwa mu ziko ikurayo inkoba zose
  503. Nta yiruka itabunda
  504. Nta zibana zitagerana amahembe
  505. Ntarataze aruta mbundare
  506. Ntihaga ibihugu haga imitima
  507. Nyamwanka iyo biva yatutse umwami w'inka
  508. Nyamwigendako ntarimira impeshi
  509. Nyene amaguru yirukiye nyene umugisha
  510. Nyene amaso yerekwa bike ibindi akirabira
  511. Nyene ibintu ni we nyene ubusa
  512. Nyene imbugita ni uwuyifashe ikirindi
  513. Nyene umupfu ni we amuja ahanuka
  514. Nyina w'umukungu ntavyina nabi
  515. Nyina w'umuntu ni gasato gahisha amahere
  516. Nyokorome akuruma akubona
  517. Nzobirya ngarutse yaguye inyuma y'ikibira
  518. Sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa
  519. Sinabikoze yakoze umugabo mw'irugu
  520. Sindya aka aba yariye akandi
  521. Sindya aka ahinyuzwa n'umusase
  522. So akwanka akuraga ivyamunaniye
  523. Sokwe Sokwe irutwa na so araroga
  524. Tubiri tuvurana ubupfu
  525. Uba ahabona ukahabonera
  526. Ubana na Suneba ugasuneba nka we
  527. Ubeshera uwapfuye ugapfa nka we
  528. Ubika inzigo ntuzigama irembo
  529. Ubugaba bw'umugabo ni bwo buryo bwiwe
  530. Ubugabo burihabwa
  531. Ubugabo si urucumu
  532. Ubugufi si indwara
  533. Ubukeye bucana ayandi
  534. Ubukuru si bwo bwenge
  535. Ubumwe buramota
  536. Ubunyegeri buyagira kw'igufa
  537. Ubunyegeri bwinshi ntibwimba
  538. Uburiye umugabo ntibubesherwa umwana
  539. Uburo bwinshi ntibuva umusururu
  540. Uburundi bugona buri maso
  541. Ubusa busumba akamaramaza
  542. Ubusaza bunyaga ubugabo
  543. Ubusimbi busangiye amajanja ntibuhishanya amajambo
  544. Ubusuma ntawe bwereye
  545. Ubusumano buhaza umutwe
  546. Ubusya uwundi buroroha
  547. Ubute buta mu ziko
  548. Ubwato bwitangiye bukira umuyaga
  549. Ubwatsi burasha bukabisa ubundi
  550. Ubwenge bukwanse buza mu nyuma
  551. Ubwenge burarahurwa
  552. Ubwenge buva i muhana
  553. Ubwenge bw'umwe ni isaho itobotse
  554. Ubwira bugaca ntibuguteranya n'incuti
  555. Ubwiriza uwurya ngo uransaba
  556. Ubwiza bugukunze buja ku mutima
  557. Ubwiza bukwanse buja aho batabubona
  558. Ubwiza bw'inka ni kuba imwe
  559. Ubwiza ntiburibwa
  560. Ubworo bucisha ubwenge
  561. Uca bugufi ugaca igitoke
  562. Uca mw'ishamba utazi ugaca inkoni utazi
  563. Ucana ubusa ukenyegeza intoke
  564. Ufora cane ukavuna umuheto
  565. Ugaya aho uba rikarenga ariho uri
  566. Ugaya ubw'ifuni ukarara umwaka
  567. Ugenda utabaza ugasaza utamenye
  568. Ugendera mu makanda y'inzovu ugakira urume
  569. Ugona mw'irima ikivi kikaba kiraye
  570. Uguhunga ni uguhumana
  571. Ugutambuka ni ko kugenda
  572. Ugutanga ni ugutanguza
  573. Ugutsitara ni kwo kwigirwa imbere
  574. Uhera umurozi akaguhekura
  575. Uheza guhemuka ibigori bikera
  576. Uhisha ubwari nyoko ntiwarama
  577. Uhishira umurozi akakumarira abana
  578. Ukira umukeba ntukira ico avyaye
  579. Uko imvura ikuvye si ko itwara
  580. Uko so aguhaye umwaka ni ko uwurya
  581. Uko yeze ni ko atemwa
  582. Uko yeze si ko atemwa
  583. Uko zivugijwe ni ko zitambwa
  584. Ukora iciza ukagisanga imbere
  585. Ukuboko kumwe kuriyaga ntikwimara uburyi
  586. Ukuri guca mu ziko ntigusha
  587. Ukuri gushirira mu kuyaga
  588. Ukuri kurazirwa
  589. Ukuri ntikubuza ukuvumba
  590. Ukuri ntikuvuga uwukuze kuvuga uwukuzi
  591. Ukurima ntikubuza ukurimarima
  592. Ukurimira mu ndare ni ukuzinduka
  593. Ukuvuga ntigukura akanka
  594. Ukwibarira ni kwo kubesha
  595. Ukwiga ntikubuza ukwiganyira
  596. Ukwiruka si ko gushika amahoro
  597. Umena ibanga rikakumena inda
  598. Umubanyi ni we muryango
  599. Umubindi ushira uvyimvye
  600. Umubiri ubira akabi
  601. Umubiri uvyara udahatse
  602. Umucuzi w'imitima ntiyayiringanije
  603. Umufa w'imbwebwe unyobwa ugishushe
  604. Umugabo ahaga amazi ayivomeye
  605. Umugabo aheza kwubaka bamwubakiyeko
  606. Umugabo akira iryo atewe ntakira iryo agendana
  607. Umugabo amira intore ntamira ijambo
  608. Umugabo ananira abagabo ntananira akobo
  609. Umugabo anyagirwa umubiri ntanyagirwa umutima
  610. Umugabo apfana imigambi
  611. Umugabo aravuga umugore yavuga rukaba rucitse itongo
  612. Umugabo arinda akaje
  613. Umugabo asiga imbwa ntasiga umugayo
  614. Umugabo asimba akaziba ntasimba akaziri
  615. Umugabo atabwirwa yikebeye inyama itaribwa
  616. Umugabo atari so akwibuka ahejeje kurya
  617. Umugabo atemba kw'icumu ntatemba kw'ijambo
  618. Umugabo atinya ingwe ntatinya iyamwinjiranye
  619. Umugabo atunga uwundi apfuye
  620. Umugabo mubi ni ubwagiro
  621. Umugabo ni umwana w'uwundi
  622. Umugabo ni umwugariro
  623. Umugabo ntahora ararwana aba akumbuye guteka
  624. Umugabo ntapfira izuba rimwe
  625. Umugabo ntavumba inzoga avumba ijambo
  626. Umugabo ntiyicwa n'inzara yicwa n'inzigo
  627. Umugabo umwe agerwa kuri nyina ntagerwa ku mwami
  628. Umugani ntuva ku giti uva ku muntu
  629. Umugani ugana akariho
  630. Umugani ungana ingoma
  631. Umugenzi arakurutira incuti
  632. Umugenzi ararirenza
  633. Umugere uva ku nyo
  634. Umugere w'umugore uhinda uhera
  635. Umugore arakama intare
  636. Umugore asa n'umwana
  637. Umugore atanwa abana ntatanwa ibigega
  638. Umugore ni inkingi y'urugo
  639. Umugore ni ndyana n'uwejeje
  640. Umugore ntaririmba aba ariko aracura intimba
  641. Umugore ntasimba urugo aba agomba kurugwa inyuma
  642. Umugore ntatwara icumu
  643. Umugore si akazuru
  644. Umugore w'intarima yonsa isuka
  645. Umuhigi ari kure ntavuna imbwa
  646. Umuhini mushasha utera amabavu
  647. Umuhushatunga w'umugabo ahusha umugore
  648. Umukengesha w'impongo ayihigisha irobe
  649. Umuntu ahunga urwimo ntahunga urupfu
  650. Umuntu akira ico abeshewe ntakira ico yibesheye
  651. Umuntu arasonza akibuka n'ubwo yahaye imbwa
  652. Umupfu ntabura uwumupfunya
  653. Umuryango ntubuza umuryango w'inzu kuva
  654. Umuryango uba ku muryango
  655. Umuryango uja guhona ubandwa wose
  656. Umuryango umwe ntiwuriza umwami umugwa
  657. Umuryango utaziririza urazima
  658. Umuryi wa cane ahasha umusyi
  659. Umusavyi w'urwanko agabana n'ingoga
  660. Umusazi arasara akagwa kw'ijambo
  661. Umusego utagona nyoko ntiwishimirwa
  662. Umushezi yanka uwundi
  663. Umusore umuhana avayo ntumuhana ajayo
  664. Umusore yokurasira ntiyogusabira
  665. Umuswa urya umuhini usotera isuka
  666. Umutaga wimukira ijoro
  667. Umutamiro w'ifundi uhaza umuryango
  668. Umutavu wo mu kanwa uraca ntibagarura
  669. Umuti w'imbwa wahwa ku rugo
  670. Umutima ntuba mworo
  671. Umutima ntugira igufa
  672. Umutima usobetse amaganya ntusobanura ijambo
  673. Umutindi atinda ku mwonga abandi bavoma
  674. Umutindi w'inka atuka uwayimutije
  675. Umutsima w'imana urya abarambije abarambiwe batashe
  676. Umutwe umwe ntiwigira inama
  677. Umuvyeyi ahakurira ku rutaro akarira ku rutoke
  678. Umuvyeyi atari nyoko agushimira inda ya mbere
  679. Umuzimu urira ku muzima
  680. Umwaka w'akanka uburo burabungwa
  681. Umwami acumura yicaye
  682. Umwami ntiyica hica Uburundi
  683. Umwana ahora atinya ikara aritoye
  684. Umwana ananira se ntananira sentare
  685. Umwana arahongoka nyina akasama
  686. Umwana arakunanira ari uwawe
  687. Umwana arya inkoko nyina akayiruka amoya
  688. Umwana murizi ntatorwa urutozi
  689. Umwana si uw'umwe
  690. Umwana umurya imvanda akazokurya imvi
  691. Umwana umwe nta mwana
  692. Umwana w'ingwe ni yo ngwe
  693. Umwana w'inkende apfa yurira igiti
  694. Umwana w'isema arirana umutsima mu ntoke
  695. Umwana w'isema avuma ibere ryamwonkeje
  696. Umwana w'isure avukana isunzu
  697. Umwana w'uwundi akurya muyaga
  698. Umwana w'uwundi ugira ngo ingo turwane ntugira ngo ingo ndagukubite
  699. Umwana w'uwundi yimba aguhisha ivu
  700. Umwana yanana kuri nyina
  701. Umwanda uhera iyo wagiye ntuhera iyo wavuye
  702. Umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo
  703. Umwansi ntaba kure
  704. Umwansi ntaba umwana
  705. Umwansi ntanuka
  706. Umwonga umwe wonza inyoni
  707. Umwungere w'inda ntacura amahoro imisi yose
  708. Urahora utyo ntaba mu rugo rw'uwundi
  709. Uramba cane ukarinda uruvyino rw'imbwa
  710. Ureka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nka yo
  711. Ureka kurimira umwana w'inyoni uwawe agasonza
  712. Urera nabi ugatukwa n'abakwe
  713. Urima bike ukimburira mu gipfunsi
  714. Urima itiro ukimbura ingonera
  715. Urimye ikibara hakamera inzuzi ntiziba ari izawe
  716. Urubanza rumwe rumara zibiri
  717. Urubuze inkware ruvumbukana igihuna
  718. Urugo rubuze umugabo rubura umuhoro
  719. Urugo rugira babiri
  720. Urugo rugira babiri
  721. Urugo rurimwo umugabo runywa amata
  722. Uruhanga rw'umugabo rurararira rusinziriye
  723. Urukundo rutarimwo umukunzi ntiruramba
  724. Urukundo rwituzwa urundi
  725. Urukwavu rurakura rukonka umwana
  726. Urupfu rw'imbwa ni inyama
  727. Ururimi ntirwonza umukobwa
  728. Uruvuze umugore ruvuga umuhoro
  729. Urw'umworo rumara zose
  730. Urwanko rutesha urwarwa
  731. Urwiba rwiba umugabo
  732. Usaba Imana y'uwundi ikaguha amahere
  733. Usaba umwiza mugasa
  734. Usangira ibanga n'imbwa ikarikwiza ibisaka
  735. Uta akaranga ukaba utaye ibanga
  736. Uta umwuga ukaba utaye umwana
  737. Utambira umwami atagushaka akakwita umusazi
  738. Utamira umugenzi ari ku nama ukaba utamira umutanga
  739. Uteka ubusa ukamira ubundi
  740. Uturuka buka ugataha bunyama
  741. Utwawe ni utwo uraye uriye
  742. Uwabirimye si we yabiriye
  743. Uwambuwe n'uwazi ntata ingata
  744. Uwamye akuruta akurusha n'imva
  745. Uwanka amazimwe abandwa habona
  746. Uwanka kugambararirwa atuma uwukuze
  747. Uwanse kwumva ntiyanse kubona
  748. Uwaraye neza aseka uwaraye nabi
  749. Uwatinye gupfa ntiyavutse
  750. Uwigize igikutso bamuyoza amase
  751. Uwiherereye amwa inakuru
  752. Uwikingirije umwami arasa uwo ashaka
  753. Uwishwe n'uwiwe ntaririrwa
  754. Uwitara kuba igihuna ahunikira bukeye
  755. Uwitera umworo amwereka mu kigega
  756. Uwitonze akama ishashi
  757. Uwitonze amira ibinoze
  758. Uwiyimye asa n'uwiyahuye
  759. Uwo bukubiye akubira umukubi
  760. Uwo bwahamye ahamiriza ari umwe
  761. Uwo utabonye ku rupfu rwa so ntumubona ibigori vyeze
  762. Uwo wakijije ni we akwica
  763. Uwubandwa ni we abanda urugi
  764. Uwubundabunda abonwa n'uwuhagaze
  765. Uwubwira uwumva ntavunika
  766. Uwuca umugani ntataramura umwana
  767. Uwudasavye ntakira
  768. Uwudashonje ntashera
  769. Uwudasize umwana asiga umugani
  770. Uwufise imbwa ntata igufa
  771. Uwugomba isimbo asimba urugo
  772. Uwugomba kugabana arazinduka
  773. Uwugowe aragoka
  774. Uwuguhanura kurendegera aba aguteze umushibuka
  775. Uwugusavye umwuhiro aba agutaze umusesekara
  776. Uwugutanze gukaraba agutanga kubega
  777. Uwuhagarikiwe n'ingwe aravoma
  778. Uwuhana inzara arayirimira
  779. Uwuhana umurozi amubitsa umwana
  780. Uwuhanzwe n'isinzi ntasinzira
  781. Uwuhenzwe n'agahengwe acana inkinzo
  782. Uwuhetswe n'umukeba atera agahinda insimbizo
  783. Uwuja gukira ici aracumbagira
  784. Uwuja gukira indwara arayirata
  785. Uwuja gutunga arima abagenzi
  786. Uwuja kuba mu Burundi agira amaso ntagira amatwi
  787. Uwuja kugaya ijambo araba umunwa urivuze
  788. Uwuja kwumva arumviriza
  789. Uwukengurutse aba yongeje
  790. Uwukize isemu yibagira icamwirukana
  791. Uwukize ubusore arabuganira
  792. Uwukoma amashi ntakubitwa ku ntoke
  793. Uwukubita inkende ntarabira iyihaka
  794. Uwukuravye cane agutera kwambara
  795. Uwukurusha umugore akurusha urugo
  796. Uwunyazwe n'amagara ntakomorerwa n'abagabo
  797. Uwupfuye aba aruhutse
  798. Uwuri hafi y'umuvyeyi ni we agabira
  799. Uwuri mu ntahe arezwa ntiyiyeza
  800. Uwuri musi y'ijuru ntatinya imituragaro
  801. Uwurivuze mu gushengera ntaba agiye
  802. Uwuruciye musi (urugo) ntamenya ikirurimwo
  803. Uwusaba agasakanyika aranukirwa akihorera
  804. Uwusaba Imana ntasaragara
  805. Uwushaka akeza aragahebera
  806. Uwushaka umubira abira akuya
  807. Uwushaka umuce acika ijoro
  808. Uwushaka urwamo yenga urwarwa
  809. Uwushonje ntiyumva
  810. Uwutabonye agasohoka ntabona akinjira
  811. Uwutabusya abwita ubumera
  812. Uwutahari asa n'uwapfuye
  813. Uwutanga neza atanga kabiri
  814. Uwutarabona ntavuga
  815. Uwutarahera aba arahekenya
  816. Uwutari bukuvune yokuva inyuma
  817. Uwutayaze na se ntamenya umugani wa sekuru
  818. Uwutazi akaraye araza ifu
  819. Uwutazi imisi arata urugo
  820. Uwutazi inzira yazananye ahanwa n'amayirabiri
  821. Uwutazi Uburundi aburundwamwo
  822. Uwutazi ubwenge ashima ubwiwe
  823. Uwutazi umukungu yima umwana
  824. Uwutazi umwansi asiga umubiri
  825. Uwutema urwiwe umutiza umuhoro
  826. Uwutigaba ntiyigaburira
  827. Uwutsinzwe ntibatsindaho
  828. Uyagira urupfu uwutarubonye ukaba umenye ibanga
  829. Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe
  830. Wanka gutambana imvi ukazivumbana
  831. Wanka kugaburira umushitsi ukaba ugotse
  832. Wanka kurimana imvi ukazisegana
  833. Wanka kurimira kure ukahasumira
  834. Wirukana umugore ngo aguguna igufa ukazana uwurimira miyonzwa
  835. Witaba kare ugatumwa kure

Abagabo bahurira mu cero ntibahurira mu cibo Abagabo barara kubiri bakarota kumwe Abagabo bararya imbwa zikishura Abakurikiye Inamujandi bajanye na we Abami basangira ingovyi ntibasangira ingoma Abantu ni magiriranire Abarundi basiba kurima ntibasiba kuvuga Abasangira basigana imvyiro Abasangira umusa basangira abansi Abatamvyi ba neza barakurikirana Abatanganya amatako ntibisigira hamwe Abatukanye bararwana Agaciwe karuma Agahimbo kibagiza kwugara Agahugu karimwo abagore ntikabura amazimwe Agakuku karimisha mu rwiri Agakunze babiri karabankanisha Agapfuye kabazwa ivu Agashaje gashira isoni Agashitsi ka kera kavumbika umuriro Agasozi k'intahanurwa kahiye abagabo babona Agasozi kamanutse inka kaduga iyindi Agaswi katazokura ukerekwa n'urwubi Agati gateretswe n'imana ntigahenurwa n'umuyaga Agatu gatekeye amahwa karimena Ahakize hitwa inkovu Ahanse ubwana hamera ubwanwa Ahari abagabo ntihagwa ibara Ahari abantu hama urunturuntu Ahari amahoro umuhoro uramwa Ahari umwenge haca umuyaga Ahashashe ingwe akayabu karutsinda impaga Aho umugabo ahandiwe ni ho yihandurira Aho umukecuru atoye uruhindu ahita mu ruganda Aho wataye iminwe uhata agatemere Ak'i muhana kaza imvura ihise Aka muntu kamara iyagwe Akabando k'ubusaza gacibwa kare kakabikwa kure Akabigira kabizi karya imboga karitse Akabura ntikaboneke ni nyina w'umuntu Akagoye kokerezwa akagori Akagumye bagumako Akahabaye ntikahava Akahuganiye igicaniro gasibanganya indoto Akaja kwiha inkumbi karusha imbazi kumoga Akaje karusha imbwa kwota kaba gashaka gusha Akamanitswe n'umusaza gatamya umuyabaga Akamasa kazoca inka kazivukamwo Akamenyero kayiraje mu mutego Akameze ku murizo w'imbwa gashirwa kawuciye Akami ka muntu ni umutima wiwe Akana kari ubwenge gasinzira imbonamwuko Akananiye umugabo kananira n'uyundi Akanse uraheba Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze Akarago karyana kamenya nyene ko Akaraye kaba kaboze Akarenganyo si ak'ubu Akarenge kaja iyo kavuka ntigahandwa Akarenge mu gusezera kanka gukanda isi Akari kure karya nyene amaguru Akari kure ntikaba indaro Akari mu nda y'ingoma kamenywa n'uwayikanye Akari mu nda y'umugabo gaserurwa n'akari mu nda y'umubindi Akari mu nzu ntikaba isema Akarimi kakuresha si ko kakurongora Akaryana ntikaryamanwa Akaryoshe kahejeje imbeba mw'ibuye Akaryoshe ntigahora mw'itama Akaryoshe ntikarya umwe Akataretse kaba gasema Akatari nk'akandi aba ari ishano Akatavuga ntigahenda akavuga Akazi k'i bwami kica uwicaye Akazikira k'umugabo kazikwa n'isi Akazimiye ntaho katarondererwa Akeza karigura Akihuriye n'ingasiro gatera inda urweze Akosha umusyi kava mu ngasiro Amabanga abiri ntabangikanwa Amabarankuru yashikanye inyenzi i Buha Amaboko aguha n'ayakurika ntareha Amaboko ashikiriye ubuhiye yibagira umushike Amaboko matindi y'umukobwa asegura uwishe se Amaborogo y'umwagazi ntatera impuhwe ingwe Amacumu arwanya inzara ni amasuka Amacumu aterwa abagabo Amagara aramirwa ntamerwa Amagara aruta amagana Amagorwa ntasiga ayandi Amagorwa si ay'umwe Amaguru yitangira ku buriri agatahira mu mirambizo Amahera ntiyirirwa aho yaraye Amaherezo y'inzira ni mu nzu Amahoro atangurira mu mutima Amahoro ava mu nda Amakuru atarimwo umukuru yama ari amazimwe Amanyama arasara ntasaba Amanyama y'ururo ashirira mu ngasiro Amarara ntagura inyama Amaraso ava mu ruguma Amarira ni umuheto w'uruhinja Amasabo aguma nk'amabuye Amasabo akwankiye araba imirazi Amasabo arakiza Amasabo arica Amase ya kera ntahoma urutaro Amasinde y'inkumi ntarara Amaso y'ibikere ntabuza abavoma Amaso ya babiri araba kubiri Amasunzu si amasaka Amata y'inkuba anyobwa n'inkumbu Amategeko aremera nk'amabuye Amatwi yumva ico umutima ushashaye Amavi y'umushumba ntahangara iziko Amayira abiri yananiye imfyisi Amayira y'ishamba amenywa n'imende Amazi arashuha ntiyibagira i bumbeho Amazi asumira ku mabuye Amazi masabano ntamara imvyiro Amenyo aragutwenga ari ayawe Amenyo aratwenga asize intimba mu nda Amenyo atwengera ku majigo Amenyo ntiyibuka gushimira ingasiro Ameru y'umukwe amara indongoranywa Amosozi y'umugabo atemba aja mu nda Amosozi y'umukunzi ava mu rihumye Amunguranka ni yo mazikesha Babiri bishe imbwa y'umwami Babiri ntibacibwa inka Bareke baze ni kwo kuneshwa Barimwotubiri ni isi ikugaburira ikakuzika Batanga inka ntibatanga Imana Bene Imana baruta bene imari Bene vyo ni bo bene inambu Bicika baraguza Bukebuke bukomeza igihonyi Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi Bukebuke ni rwo rugendo Gira so ntaruta gira ico urya Gira so yiturwa iyindi Guca bugufi bica inzira ntibica umugongo Gusaza ni ugusahurwa Guseka umusore si ko kumuhanura Gutaha gutunga umugabo Ha gupfa wozanzama Ha kuba imbwa woba imva Ha kubesha wobesherwa Ha kugira amasaka wogira amasabo Ha kugoka wogorwa Ha kuremekwa akabonge woremekwa amabuye Ha kuvumba umukungu wovumba umukunzi Haga umutima ntihaga uburyamo Hapfa uwavutse Hirya y'ubwoba haba ubugabo Hitamwo bihema indyarya I bukunzi ntibwira Ibanga ni agacanwa katarahurwa Ibanga ntirimirwa intama Ibanga ribangirwa ingata Ibanga riraheberwa Ibanga ry'intango ribazwa umubumvyi Ibigora bigora abagabo Ibihengeri bitera imfyisi urweze Ibija gucika bica amarenga Ibintu bija aho ibindi biri Ibintu ni abantu Ibisa birasabiranira Ibitariho birikaza Ibitebu biraresha ntivyubaka Ibitebu vy'umukeba bikwega agaheza Ibitunye biruta ibitobotse Ibuye riba rito ntiriba ritoto Ibuye riserutse ntiryica isuka Icaha caha inka Icayaye kivugira ibicuba ku macuniro Icirore kiguhisha inkavyi yaritse kw'izosi Icivyara ni ingwe Icizere c'umushezi ntigihezwa na Vuguvuyaho Ico iguha n'ico ikuvyarira birangana Ico Imana igututse ni co kikwica Ico uhawe n'ugutora ucakwa n'ugutakara Ico umuntu akora ni co kimukora Ico umutima ukunze isogo zisumba inyama Icumu rizogucungura ntumenya iyo ryacuriwe Ifi ntimenya ikiraza ishinga urusenga Ifi yama mu mazi ikamana inyota Ifuku itazi agaheza ishora agatwe ku mushibuka Igera ntiritega imvubu Igiheko gihekera uwuhekewe n'imana Igihere giheza umugabo mu nzu Igikeburwa nticumve ni imbwa kw'igufa Igikere gikera kitarakererwa Igipfa caburiwe ni impongo Igisanira gica umwano ishiga ryikoreye Igisuma ni igifashwe Igisuru kivuvudikirwa mu gahubo Igiti cagukoze mu jisho cama gihiritse Igiti cikwije amahwa gitera inkende amakenga Igiti ciswe ingoma ntikibazwa Igiti ciswe umwana ntigicanwa Igiti cumye cegamira kibisi Igiti kigororwa kikiri gito Igiti kimwe ntikiba ishamba Igiti kirakurira mu babaji Igiti ntikigukora mu jisho kabiri Igiti utari bwurire ntukirangamira Igitika mu mapfa ciyita Bandyabangaya Igito gita uwagikoye ntigita uwakivyaye Igito gitabwa iwabo Igitugu kirakura ntigisumba izosi Ijambo rigukunze rikuguma mu nda Ijana ntiryanka mu rindi Ijisho Nyawikwegera riha abakwe ibinoko Ijisho rigenzwa n'akandi rigushima akemo Ijisho rigusema n'iriguhezagira ntakanura kumwe Ijisho rigutuka inkuba n'irigutuka inkumi nturiyoberwa Ijisho ry'uwundi ntirigushimira umugeni Ijoro ntirigira umutware Ikigoyi kiza barima Ikigutwaye umutima ni co kigutwara agatwe Ikimuga gisumba imva Ikinyoma ca nyene urugo bagiha intebe kikicarako Ikinyoma cica nyene co Ikinyoma cumvise ukuri kimena urugi Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka Ikinyoma kiraryoha ntikirya umutsima Ikinyoni kigurutse kitavuze bacita icana Ikiremera umutwe si co kiremera umutima Ikirirahabiri ntigiteramira aho bavyina amahasa Ikiruta ikindi ni ijambo ry'umusaza Ikirwa c'umwami ugiheruka ukicubaka Ikitazi cambarira urunega mu bakinegura Ikitazi ciganzira agahiye Ikitazi citiranya imamba n'umusiba Ikivumbiko ntigitesha ikivumbuzi akari ku mashiga Ikiyago gisumba ikivi Ikiza ntikizira umwe Imana ifasha uwifashije Imana igarurira ku makombokombo Imana igira aho imaniye Imana igira amaboko maremare Imana iguha irutwa n'iyakira Imana iguhaye ni yo ikwaka Imana ikurabira umwansi muba muri kumwe Imana ikuvyarira si yo ikurerera Imana iraguha ntimugura Imana irarema ntitoranya Imana itegeka ibintu ni yo nkuru Imana ntiha uwicaye Imana ntiha uwisize Imana ntisinzira Imana ya mwene so si yo ya mwene nyoko Imanga ntimarira Imana Imbeba irariye umworo iguguna urugi Imbeba ntisazira mu kigega Imbeba ziyobewe zitonganira mu bigega Imbitsi ya cane ibikira mukeba Imboga mbi ntiziva mu nkono Imbogo ihotora ihigwa Imburabana yugumbira irekwe Imburabugirire ihunga ijambo Imburamaboko ibagara umushatsi Imbuto itewe ni yo imera Imbwa ibura se ntibura shebuja Imbwa ifise amaguru ane igaca mu nzira imwe Imbwa ikuga ntiryana Imbwa itubaha indava ikeburwa n'inyagutwi Imbwa itwawe ku rutugu ntihiga Imbwa ntigutwengera iba ishaka kukurya Imbwa ntisuma n'iyo isumye ntishikana Imbwa y'umukwe ni yo mukwe Imbwa y'umusega ihigira mu biti vy'urugo Imbwa y'umworo yiba irwaye Imbwa yinwa na nyene yo Imbwa yisema irya shebuja Imfura igwa mu mfuruka Imfura na se barangana Imfyisi itora mu rwangara Imfyisi y'iwanyu ikurya ikurundarunda Imigere ibiri ntitereka Imirazi isumba guhuma Imisega ibiri ntinanirwa igufa Imisi irasa ntingana Imisibo ntirera Imisozi iyo ikumburanye abato barahagwa Imiswi itazi agaheza yugamika agaca Imitambire y'impongo ni yo migirire Imiti ikora ikoranye Impembo y'umwana ipfa mu magodoka Impene irisha aho iziritse Impfizi aho ishitse irivuga Impfizi ivyara uko ivyagiye Impfizi y'indwanyi iterekerwa mwene se Impfizi y'intama itendera nka se Impfuvyi iragoka Impfuvyi irira kw'ishano Impfuvyi iseka rimwe Impinga imarwa n'ukuyaga Impongo isubira ku rwubuko Imvugirakuyamara y'umugabo ikundwa na bake Imvuzi ya menshi ivuga urwishe nyina Imyenge y'inzu imenywa na nyene yo Inankundakurya yariye ubuki bw'ifunderi Inanyi ikamwa menshi Inanzobirya mvyikoreye yapfuye atikora inyuma Inda iremera iri gusa Inda ndende ihumira indya Inda ndende irongwa icumu Inda ni akamenesha banga Inda ni amahanga Inda ni Bahomora Inda ni Baritoraguza Inda ni seha uzana Inda ni umwansi Inda ntiba impamba Inda uyibarira ico wayirarije ntuyibarira ico wayihaye Inda y'umworo ibonekesha agasamo Indahiro mbi ntigwaza mu nda Induru ntiganza ingoma Indya y'umugayo irya umugabo Inera ibegerwa ku bwayo igakura ubwatsi Inera ikunera ku mukobwa igacika umukwe Ingayi ya cane uyitega Uburundi Ingendo y'uwundi iravuna Ingenzi ntigira ihembe Ingenzi ntigira ihembe Ingenzi y'imihana ni yo nzanyi y'amazimwe Ingeso iraraba ntihwera Ingeso ntiryamirwa Ingeso y'urugo ntiyubaka urundi Ingingo si ibigingo Ingingo y'ijambo iva mw'ijigo Ingo tubane ni we ingo twankane Ingoma iganzwa n'amashi Ingoma iruta irobe Ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga Ingona iva mu ruzi ikarigata urume Ingumba irira ku mvyeyi Ingumba itazi ikibi irigata ishenyo Ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kuraka Inkezi ikera urwo bireha Inkire ntikira kabiri Inkoko irara mw'ishamba igacika inkware Inkoko yera itaha kare Inkokokazi irapfa amagi akabora Inkoni nziza imerera ahaga Inkoni nziza imerera ahaga Inkono isha uko ishaka Inkumi ikura iyindi igiye Inkunda nkubonye irutwa n'inkunda nkuzirikanye Inkuru y'umwana isubira inyuma Inkware iramvye itora mw'itongo ry'uwayihiga Inkware itora mw'itongo agatima kari mw'ishamba Inkware ivunitse ihura n'umwana Inkware yicwa n'inderetsi Inkware zisezerana mu masesa Inshiramazinda ntirera impfuvyi Intabaza irya imiziro Intabirima ntiyabiriye Intabisiga ni yo ntabisanga Intarabona isera ihaha Intebe irutwa n'intemere Intibagira ntibana Intibagira ntirera impfuvyi Intore mwohurira ku nzira ntiwoyirarira Intore ntiramba Inyakamwe inyaga imwe Inyama y'amarere yatanze umuziha gusohoka Inyama y'umugore isha yihina Inyana iranura ntishira irenda Inyange ntiharanira kwera Inyo y'inkoko uyerekwa n'umuyaga Inyoni iguruka yisunga igiti Inyosha mbi ingana umurozi Inyundo isigaranye abana ihonda imise Inzara irahera ariko igihemu kibi ntigihera Inzara iteranya abaseka Inzara ntiyica batanu yica abatanye Inzererezi ntihamba se Inzigo izigira mu gahinga Inzigo ntizigama irembo Inzira ntibara inkuru Inzira y'ishamba igendwa n'abayizi Inzira ya hafi yamaze abatwa Inzoka ntiyigorora iba igiye Inzu ya Musavyi ntiyahiye Irakeregeza ikaba inkecuru Iriba riba kare Iryeze kare ntirigera ku murara Isari ntirenga intore Isase riva ku cuma Isazi iri ubute ntirya ku gisebe Isema isema basemerera Isema y'umukecuru yisiga umusoma Ishamba ryabaye indahiro ntiriba indagiro Ishavu ry'umuvyeyi riririrwa ntirirara Ishiga rimwe ntiryarika Ishirasoni si iyiroga ni iyirya abandi babona Ishurwe rirera kandi rirura Isoni zirisha ishano Isuka yama irima ntigwa ingese Itama ridatamiye ntiritamura Iteka urihabwa n'umugore Ivy'abandi bishinga amaso ntibishinga amenyo Ivy'abapfu birya abapfumu Ivy'ejo bibonwa n'imana Ivya gusa bitera ubwenge buke Iya nyuma ihaga inkoni Iyakaremye ni yo ikamena Iyakuriye ntuyigera inkoni Iyanka kuzimira irabira Iyaraye ubusa ntivuga Iyibize nabi uyima ifu Iyiganje yima izindi zibona Iyigeze kure nta yitayigera ihembe Iyihongotse ari imwe ntibuza izindi kurisha Iyija kurisha ihera ku nama Iyikitse nta wutayikora mu nda Iyikuburiye ntikurya Iyiri ubwoba irahweza Iyitakoye nyoko uyihonyora mu mayezi Iyivyariye ku macuniro ntiba ikibazwe Iyivyaye amashuri iyicunguza amarago Iyivyaye ikiboze irakirigata Iyo induru ivuze umushumba atanga shebuja gupfa Iyo induru ivuze umushumba atanga shebuja gupfa Iyo uteye ibuye mu mbwa nyinshi iyimotse ni yo uba ugemye Iyo uva ntihakuva inyuma Iza nyabutindi zamazwe n'umugere w'isazi Izija guhona zihera mu ruhongore Izikenye ziruta izinyazwe Izo zabira zari imitavu Izo zibika zari amagi Kabiri karazirwa Kananira abagabo ntiyimye Karimanzigo ntiyimbura Kiburabwenge c'umugabo yakwikiye ishenyo mu gisomasoma Kuba muremure si ko kumanura imvura Kubaho ni ukubana Kugorwa si ko kugoka Kuraguza kurutwa no kugendereza Kure ni mu nda Kurya ni kare Maguru ya Nyarwari yasize imvura n'umuguha Mpa numve yishwe n'umurahu Mpunge urw'aha yakimajije amaguru Mu nda haba umutima ntihaba umutsima Mu nda harara inzara hakavyuka inzigo Mukaso si nyoko Mukuru w'ijambo ni irindi N'ubusa burazirwa Na Bucangenda yapfuye atagiye Nari ntihabwa intebe Ndabirinze yaguye mu mirinzi Ndacari muto ni bwo butindi Ndaryimare ni we ndaryitere Ndi umugabo ni ko gupfa Ndime nshimwe yaguye mw'isemo Ndinde yarapfuye Mpunge arakira Ngira uko nakugize ni we agora Nta buja bukiza Nta bwenge bw'umwe Nta kera ka gusa Nta mpongano y'umwansi Nta mugabo umwe Nta mukuru abura mukuruwe Nta muzindutsi wa kare ku mutima w'uwundi Nta mwiza w'inzara Nta nda ibura intuntu Nta ngoma itavuga Nta nkokokazi ibika isake iriho Nta ntambara ibura inkomere Nta rirenga ricaka Nta rubanza rubura ijambo Nta rutoha rutuhiwe Nta wakoreye Imana yikoreye amaboko Nta wama ahiriwe Nta wambara yarahenye Nta wicira rubi Nta wicira urubanza Nta wikura kuri nyina ngo yarashaje Nta wubandwa abangikanije Nta wuburana n'uwumugaba Nta wuburana n'uwumuhamba Nta wuca urubanza atumvise Nta wugwa mu bansi ngo agende amahoro Nta wuheka uwutisimbiza Nta wuherekeza uwicaye Nta wurimira amasaka aho atagira amasabo Nta wurira ibigori aho yagorewe Nta wuronderera ubwiza mw'ikazanga Nta wurya inzoka ngo ananirwe n'umurizo Nta wusaba amata aho akombwa Nta wusiga inka mw'igabiro Nta wusimba agasinde Nta wutanga Imana kwihebura Nta wutera icumu mw'icumi Nta wutiza urugi imfyisi zateye Nta wutongana aho ataba Nta wutura ngo aturwe hasi Nta yigwa mu ziko ikurayo inkoba zose Nta yiruka itabunda Nta zibana zitagerana amahembe Ntarataze aruta mbundare Ntihaga ibihugu haga imitima Nyamwanka iyo biva yatutse umwami w'inka Nyamwigendako ntarimira impeshi Nyene amaguru yirukiye nyene umugisha Nyene amaso yerekwa bike ibindi akirabira Nyene ibintu ni we nyene ubusa Nyene imbugita ni uwuyifashe ikirindi Nyene umupfu ni we amuja ahanuka Nyina w'umukungu ntavyina nabi Nyina w'umuntu ni gasato gahisha amahere Nyokorome akuruma akubona Nzobirya ngarutse yaguye inyuma y'ikibira Sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa Sinabikoze yakoze umugabo mw'irugu Sindya aka aba yariye akandi Sindya aka ahinyuzwa n'umusase So akwanka akuraga ivyamunaniye Sokwe Sokwe irutwa na so araroga Tubiri tuvurana ubupfu Uba ahabona ukahabonera Ubana na Suneba ugasuneba nka we Ubeshera uwapfuye ugapfa nka we Ubika inzigo ntuzigama irembo Ubugaba bw'umugabo ni bwo buryo bwiwe Ubugabo burihabwa Ubugabo si urucumu Ubugufi si indwara Ubukeye bucana ayandi Ubukuru si bwo bwenge Ubumwe buramota Ubunyegeri buyagira kw'igufa Ubunyegeri bwinshi ntibwimba Uburiye umugabo ntibubesherwa umwana Uburo bwinshi ntibuva umusururu Uburundi bugona buri maso Ubusa busumba akamaramaza Ubusaza bunyaga ubugabo Ubusimbi busangiye amajanja ntibuhishanya amajambo Ubusuma ntawe bwereye Ubusumano buhaza umutwe Ubusya uwundi buroroha Ubute buta mu ziko Ubwato bwitangiye bukira umuyaga Ubwatsi burasha bukabisa ubundi Ubwenge bukwanse buza mu nyuma Ubwenge burarahurwa Ubwenge buva i muhana Ubwenge bw'umwe ni isaho itobotse Ubwira bugaca ntibuguteranya n'incuti Ubwiriza uwurya ngo uransaba Ubwiza bugukunze buja ku mutima Ubwiza bukwanse buja aho batabubona Ubwiza bw'inka ni kuba imwe Ubwiza ntiburibwa Ubworo bucisha ubwenge Uca bugufi ugaca igitoke Uca mw'ishamba utazi ugaca inkoni utazi Ucana ubusa ukenyegeza intoke Ufora cane ukavuna umuheto Ugaya aho uba rikarenga ariho uri Ugaya ubw'ifuni ukarara umwaka Ugenda utabaza ugasaza utamenye Ugendera mu makanda y'inzovu ugakira urume Ugona mw'irima ikivi kikaba kiraye Uguhunga ni uguhumana Ugutambuka ni ko kugenda Ugutanga ni ugutanguza Ugutsitara ni kwo kwigirwa imbere Uhera umurozi akaguhekura Uheza guhemuka ibigori bikera Uhisha ubwari nyoko ntiwarama Uhishira umurozi akakumarira abana Ukira umukeba ntukira ico avyaye Uko imvura ikuvye si ko itwara Uko so aguhaye umwaka ni ko uwurya Uko yeze ni ko atemwa Uko yeze si ko atemwa Uko zivugijwe ni ko zitambwa Ukora iciza ukagisanga imbere Ukuboko kumwe kuriyaga ntikwimara uburyi Ukuri guca mu ziko ntigusha Ukuri gushirira mu kuyaga Ukuri kurazirwa Ukuri ntikubuza ukuvumba Ukuri ntikuvuga uwukuze kuvuga uwukuzi Ukurima ntikubuza ukurimarima Ukurimira mu ndare ni ukuzinduka Ukuvuga ntigukura akanka Ukwibarira ni kwo kubesha Ukwiga ntikubuza ukwiganyira Ukwiruka si ko gushika amahoro Umena ibanga rikakumena inda Umubanyi ni we muryango Umubindi ushira uvyimvye Umubiri ubira akabi Umubiri uvyara udahatse Umucuzi w'imitima ntiyayiringanije Umufa w'imbwebwe unyobwa ugishushe Umugabo ahaga amazi ayivomeye Umugabo aheza kwubaka bamwubakiyeko Umugabo akira iryo atewe ntakira iryo agendana Umugabo amira intore ntamira ijambo Umugabo ananira abagabo ntananira akobo Umugabo anyagirwa umubiri ntanyagirwa umutima Umugabo apfana imigambi Umugabo aravuga umugore yavuga rukaba rucitse itongo Umugabo arinda akaje Umugabo asiga imbwa ntasiga umugayo Umugabo asimba akaziba ntasimba akaziri Umugabo atabwirwa yikebeye inyama itaribwa Umugabo atari so akwibuka ahejeje kurya Umugabo atemba kw'icumu ntatemba kw'ijambo Umugabo atinya ingwe ntatinya iyamwinjiranye Umugabo atunga uwundi apfuye Umugabo mubi ni ubwagiro Umugabo ni umwana w'uwundi Umugabo ni umwugariro Umugabo ntahora ararwana aba akumbuye guteka Umugabo ntapfira izuba rimwe Umugabo ntavumba inzoga avumba ijambo Umugabo ntiyicwa n'inzara yicwa n'inzigo Umugabo umwe agerwa kuri nyina ntagerwa ku mwami Umugani ntuva ku giti uva ku muntu Umugani ugana akariho Umugani ungana ingoma Umugenzi arakurutira incuti Umugenzi ararirenza Umugere uva ku nyo Umugere w'umugore uhinda uhera Umugore arakama intare Umugore asa n'umwana Umugore atanwa abana ntatanwa ibigega Umugore ni inkingi y'urugo Umugore ni ndyana n'uwejeje Umugore ntaririmba aba ariko aracura intimba Umugore ntasimba urugo aba agomba kurugwa inyuma Umugore ntatwara icumu Umugore si akazuru Umugore w'intarima yonsa isuka Umuhigi ari kure ntavuna imbwa Umuhini mushasha utera amabavu Umuhushatunga w'umugabo ahusha umugore Umukengesha w'impongo ayihigisha irobe Umuntu ahunga urwimo ntahunga urupfu Umuntu akira ico abeshewe ntakira ico yibesheye Umuntu arasonza akibuka n'ubwo yahaye imbwa Umupfu ntabura uwumupfunya Umuryango ntubuza umuryango w'inzu kuva Umuryango uba ku muryango Umuryango uja guhona ubandwa wose Umuryango umwe ntiwuriza umwami umugwa Umuryango utaziririza urazima Umuryi wa cane ahasha umusyi Umusavyi w'urwanko agabana n'ingoga Umusazi arasara akagwa kw'ijambo Umusego utagona nyoko ntiwishimirwa Umushezi yanka uwundi Umusore umuhana avayo ntumuhana ajayo Umusore yokurasira ntiyogusabira Umuswa urya umuhini usotera isuka Umutaga wimukira ijoro Umutamiro w'ifundi uhaza umuryango Umutavu wo mu kanwa uraca ntibagarura Umuti w'imbwa wahwa ku rugo Umutima ntuba mworo Umutima ntugira igufa Umutima usobetse amaganya ntusobanura ijambo Umutindi atinda ku mwonga abandi bavoma Umutindi w'inka atuka uwayimutije Umutsima w'imana urya abarambije abarambiwe batashe Umutwe umwe ntiwigira inama Umuvyeyi ahakurira ku rutaro akarira ku rutoke Umuvyeyi atari nyoko agushimira inda ya mbere Umuzimu urira ku muzima Umwaka w'akanka uburo burabungwa Umwami acumura yicaye Umwami ntiyica hica Uburundi Umwana ahora atinya ikara aritoye Umwana ananira se ntananira sentare Umwana arahongoka nyina akasama Umwana arakunanira ari uwawe Umwana arya inkoko nyina akayiruka amoya Umwana murizi ntatorwa urutozi Umwana si uw'umwe Umwana umurya imvanda akazokurya imvi Umwana umwe nta mwana Umwana w'ingwe ni yo ngwe Umwana w'inkende apfa yurira igiti Umwana w'isema arirana umutsima mu ntoke Umwana w'isema avuma ibere ryamwonkeje Umwana w'isure avukana isunzu Umwana w'uwundi akurya muyaga Umwana w'uwundi ugira ngo ingo turwane ntugira ngo ingo ndagukubite Umwana w'uwundi yimba aguhisha ivu Umwana yanana kuri nyina Umwanda uhera iyo wagiye ntuhera iyo wavuye Umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo Umwansi ntaba kure Umwansi ntaba umwana Umwansi ntanuka Umwonga umwe wonza inyoni Umwungere w'inda ntacura amahoro imisi yose Urahora utyo ntaba mu rugo rw'uwundi Uramba cane ukarinda uruvyino rw'imbwa Ureka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nka yo Ureka kurimira umwana w'inyoni uwawe agasonza Urera nabi ugatukwa n'abakwe Urima bike ukimburira mu gipfunsi Urima itiro ukimbura ingonera Urimye ikibara hakamera inzuzi ntiziba ari izawe Urubanza rumwe rumara zibiri Urubuze inkware ruvumbukana igihuna Urugo rubuze umugabo rubura umuhoro Urugo rugira babiri Urugo rugira babiri Urugo rurimwo umugabo runywa amata Uruhanga rw'umugabo rurararira rusinziriye Urukundo rutarimwo umukunzi ntiruramba Urukundo rwituzwa urundi Urukwavu rurakura rukonka umwana Urupfu rw'imbwa ni inyama Ururimi ntirwonza umukobwa Uruvuze umugore ruvuga umuhoro Urw'umworo rumara zose Urwanko rutesha urwarwa Urwiba rwiba umugabo Usaba Imana y'uwundi ikaguha amahere Usaba umwiza mugasa Usangira ibanga n'imbwa ikarikwiza ibisaka Uta akaranga ukaba utaye ibanga Uta umwuga ukaba utaye umwana Utambira umwami atagushaka akakwita umusazi Utamira umugenzi ari ku nama ukaba utamira umutanga Uteka ubusa ukamira ubundi Uturuka buka ugataha bunyama Utwawe ni utwo uraye uriye Uwabirimye si we yabiriye Uwambuwe n'uwazi ntata ingata Uwamye akuruta akurusha n'imva Uwanka amazimwe abandwa habona Uwanka kugambararirwa atuma uwukuze Uwanse kwumva ntiyanse kubona Uwaraye neza aseka uwaraye nabi Uwatinye gupfa ntiyavutse Uwigize igikutso bamuyoza amase Uwiherereye amwa inakuru Uwikingirije umwami arasa uwo ashaka Uwishwe n'uwiwe ntaririrwa Uwitara kuba igihuna ahunikira bukeye Uwitera umworo amwereka mu kigega Uwitonze akama ishashi Uwitonze amira ibinoze Uwiyimye asa n'uwiyahuye Uwo bukubiye akubira umukubi Uwo bwahamye ahamiriza ari umwe Uwo utabonye ku rupfu rwa so ntumubona ibigori vyeze Uwo wakijije ni we akwica Uwubandwa ni we abanda urugi Uwubundabunda abonwa n'uwuhagaze Uwubwira uwumva ntavunika Uwuca umugani ntataramura umwana Uwudasavye ntakira Uwudashonje ntashera Uwudasize umwana asiga umugani Uwufise imbwa ntata igufa Uwugomba isimbo asimba urugo Uwugomba kugabana arazinduka Uwugowe aragoka Uwuguhanura kurendegera aba aguteze umushibuka Uwugusavye umwuhiro aba agutaze umusesekara Uwugutanze gukaraba agutanga kubega Uwuhagarikiwe n'ingwe aravoma Uwuhana inzara arayirimira Uwuhana umurozi amubitsa umwana Uwuhanzwe n'isinzi ntasinzira Uwuhenzwe n'agahengwe acana inkinzo Uwuhetswe n'umukeba atera agahinda insimbizo Uwuja gukira ici aracumbagira Uwuja gukira indwara arayirata Uwuja gutunga arima abagenzi Uwuja kuba mu Burundi agira amaso ntagira amatwi Uwuja kugaya ijambo araba umunwa urivuze Uwuja kwumva arumviriza Uwukengurutse aba yongeje Uwukize isemu yibagira icamwirukana Uwukize ubusore arabuganira Uwukoma amashi ntakubitwa ku ntoke Uwukubita inkende ntarabira iyihaka Uwukuravye cane agutera kwambara Uwukurusha umugore akurusha urugo Uwunyazwe n'amagara ntakomorerwa n'abagabo Uwupfuye aba aruhutse Uwuri hafi y'umuvyeyi ni we agabira Uwuri mu ntahe arezwa ntiyiyeza Uwuri musi y'ijuru ntatinya imituragaro Uwurivuze mu gushengera ntaba agiye Uwuruciye musi (urugo) ntamenya ikirurimwo Uwusaba agasakanyika aranukirwa akihorera Uwusaba Imana ntasaragara Uwushaka akeza aragahebera Uwushaka umubira abira akuya Uwushaka umuce acika ijoro Uwushaka urwamo yenga urwarwa Uwushonje ntiyumva Uwutabonye agasohoka ntabona akinjira Uwutabusya abwita ubumera Uwutahari asa n'uwapfuye Uwutanga neza atanga kabiri Uwutarabona ntavuga Uwutarahera aba arahekenya Uwutari bukuvune yokuva inyuma Uwutayaze na se ntamenya umugani wa sekuru Uwutazi akaraye araza ifu Uwutazi imisi arata urugo Uwutazi inzira yazananye ahanwa n'amayirabiri Uwutazi Uburundi aburundwamwo Uwutazi ubwenge ashima ubwiwe Uwutazi umukungu yima umwana Uwutazi umwansi asiga umubiri Uwutema urwiwe umutiza umuhoro Uwutigaba ntiyigaburira Uwutsinzwe ntibatsindaho Uyagira urupfu uwutarubonye ukaba umenye ibanga Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe Wanka gutambana imvi ukazivumbana Wanka kugaburira umushitsi ukaba ugotse Wanka kurimana imvi ukazisegana Wanka kurimira kure ukahasumira Wirukana umugore ngo aguguna igufa ukazana uwurimira miyonzwa Witaba kare ugatumwa kure ---------------- Abagabo bahūrira mu cêro ntíbahūríra mu cîbo Abagabo barāra kubiri bakarōta kumwé Abagabo bararyá imbwá zikīshura Abăkurikiye Inámujândi băjānye na wé Abămi basāngira ingovyi ntíbasāngíra ingoma Abāntu ní magiríranire Abarŭndi basība kurima ntíbasībá kuvúga Abasângira basīgana imvyíro Abasângira umusa basāngira abânsi Abatâmvyi bā nêzá barakúrikirana Abatângánya amatáko ntíbīsîgira hamwé Abatúkanye bararwāna Agacîwe karûma Agahîmbo kībagiza kwūgara Agahúgu karímwo abagóre ntíkaburá amazímwe Agakuku karimīsha mu rwĭri Agakûnze babiri karabânkanīsha Agapfûye kabazwa ivú Agashâje gashira isóni Agashítsi kā kêra kavūmbika umuriro Agasózi k-întáhanûrwa kăhīye abagabo bábona Agasózi kamanútse inká kadūga iyĭndi Agaswi katazôkúra ukērekwa n-úrwŭbi Agáti gaterétswe n-Îmâna ntígahenúrwa n-úmuyaga Agatu gatēkéye amáhwa karîmena Ahakíze hītwa inkóvu Ahănse ubwâna hamera ubwănwa Aharí abagabo ntíhagwá ibára Aharí abântu hāma urūnturūntu Aharí amahóro umuhoro uramwa Aharí umwěnge haca umuyaga Ahasháshe ingwe akayâbú karutsīnda impaga Ahó umugabo ahāndíwe ní ho yīhândūrira Ahó umukěcuru atōyé uruhĭndu ahīta mu rugănda Ahó watâye iminwe uhata agatemére Ak-í muhana kāza imvúra ihíse Akā mūntu kamara iyágwe Akabāndo k-úbusâza gacībwa kare kakabīkwa kure Akabígira kábīzi karya imbóga kâritse Akabúra ntikáboneke ní nyina w-úmūntu Akagôye kōkerezwa akagôri Akagúmye bagumáko Akăhabāye ntíkahavá Akăhūgāniye igicâniro gasibānganya indôto Akajá kwĭha inkŭmbi karusha imbázi kumóga Akăje kárusha imbwá kwōta kaba gáshāka gushá Akămanitswe n-úmusâza gatamya umuyabaga Akamása kazôcá inká kazivūkámwo Akamenyēro kăyirāje mu mutégo Akaméze ku murīzo w-îmbwá gashirwa káwucīye Akămi kā mūntu ní umutíma wîwé Akâna karí ubwênge gasīnzīra imbonamwūko Akanániye umugabo kananira n-úyŭndi Akănse urahéba Akanyoni katagurútse ntíkamenyá iyó bwēzé Akarago karyāná kamenya nyené ko Akarâye kaba káboze Akarênganyo sí ak-ŭbu Akarēnge kajá iyó kavūká ntígahāndwá Akarēnge mu gusēzera kānka gukānda isí Akarí kure karya nyené amaguru Akarí kure ntíkabá indâro Akarí mū nda y-íngoma kamenywa n-úwayíkanye Akarí mū nda y-úmugabo gaserurwa n-ákarí mū nda y-úmubĭndi Akarí mū nzu ntíkabá iséma Akarími kakurésha sí ko kakurŏngora Akaryâna ntíkaryāmánwa Akaryôshe kăhejeje imbeba mw-ībuye Akaryôshe ntígahorá mw-ītáma Akaryôshe ntíkaryá umwé Akatáretsé kaba gásema Akatári nk-ákăndi aba arí ishano Akatávugá ntígahēndá akavúga Akazi k’í bwămi kīca uwĭcaye Akazîkīrá k-úmugabo kazīkwa n-îsí Akazímiye ntáho katarōndérerwa Akêzá karîgura Akĭhūriye n-îngásīro gatēra inda urwěze Akŏsha umusyi kava mū ngásīro Amabānga abiri ntábāngíkanwa Amabárankúru yashíkanye inyěnzi i Buha Amabóko aguhá n-áyakúrīka ntárēhá Amabóko ashikîriye ubuhîye yībagira umushike Amabóko matīndi y-úmukŏbwa asegura uwĭshe sé Amaborōgo y-ûmwâgazi ntátērá impuhwe ingwe Amacúmu arwānyá inzara ní amasúka Amacúmu atērwa abagabo Amagára aramirwa ntámerwá Amagára aruta amagana Amagŏrwa ntásigá ayăndi Amagŏrwa sí ay-ŭmwe Amaguru yītāngira ku buriri agatāhira mu mirâmbizo Amaherá ntíyīrírwa ahó yarāyé Amahérezo y-ínzira ní mū nzu Amahóro atāngurira mu mutíma Amahóro ava mū nda Amakúru atarímwo umukúru yāma arí amazímwe Amanyáma arasara ntásabá Amanyáma y-úruró ashirira mū ngásīro Amarára ntágurá inyama Amaráso ava mu ruguma Amarira ní umuheto w-úruhînja Amasabo aguma nk-ámabuye Amasabo akwănkiye arāba imirázi Amasabo arakíza Amasabo arîca Amasé ya kêra ntáhomá urutaro Amasîndé y-înkúmi ntárārá Amâso y-íbikére ntábuzá abavôma Amâso ya bábiri arāba kubiri Amasūnzu sí amasáka Amáta y-înkúba anyōbwa n-ínkŭmbu Amatégeko aremēra nk-ámabuye Amatwí yūmva icó umutíma ushasháye Amaví y-úmushūmba ntáhāngâra izîko Amayira abiri yanániye imfyísi Amayira y-íshāmba amenywa n-îmêndé Amâzi arashûha ntíyībágira i bŭmbehó Amâzi asūmira ku mabuye Amâzi masabano ntámará imvyíro Amênyo aragutwēnga arí ayâwé Amênyo aratwēnga asíze intîmba mū nda Amênyo atwēngera ku majigo Amênyo ntíyībúka gushīmira ingásīro Amēru y-úmukwé amara indŏngoranywa Amôsozi y-úmugabo atēmba ája mū nda Amôsozi y-úmukûnzi ava mu rihúmye Amûnguranká ní yo mazíkēsha Babiri bĭshe imbwá y-úmwămi Babiri ntíbacībwá inká Bareke bāzé ní kwo kunēshwa Barimwótubíri ní isí ikugabúrira ikakuzīka Batānga inká ntíbatāngá Imâna Běne Imâna baruta běne imâri Běne vyó ni bó běne inămbu Bicīka báraguza Bukêbuké bukomeza igihonyi Bukêbuké bushikana umusíba ku mugezi Bukêbuké ni rwó rugēndo Gira só ntárutá gira icó uryá Gira só yītūrwa iyĭndi Gucá bugúfi bica inzira ntíbicá umugôngo Gusâza ní ugusahurwa Guseka umusóre sí ko kumuhanūra Gutāha gutūnga umugabo Hā gupfá wōzānzama Hā kubá imbwá wōba imvá Hā kubêsha wōbêsherwa Hā kugira amasáka wōgira amasabo Hā kugōka wōgōrwa Hā kuremēkwa akabōnge wōremēkwa amabuye Hā kuvûmba umukŭngu wōvūmba umukûnzi Hāga umutíma ntíhāgá uburyâmo Hapfa uwavûtse Hĭrya y-ûbwôba haba ubugabo Hitámwo bihema indyārya I bukûnzi ntíbwīrá Ibānga ní agacănwa katarahúrwa Ibānga ntírimirwá intáma Ibānga ribāngirwa ingáta Ibānga rirahéberwa Ibānga ry-íntāngo ribazwa umubûmvyi Ibigôra bigōra abagabo Ibihěngeri bitēra imfyísi urwěze Ibijá gucîka bica amarěnga Ibīntu bija ahó ibĭndi birí Ibīntu ní abāntu Ibísa birasabiranira Ibitárihó birîkaza Ibitěbu birarésha ntívyūbáka Ibitěbu vy-úmukêbá bikwēga agaheza Ibitúnye biruta ibitóbotse Ibuye riba ritó ntiríba ritŏto Ibuye riserútse ntíryīcá isúka Icâha cāha inká Icăyāye kivugira ibicúba ku macúniro Icĭrore kiguhisha inkavyi yăritse kw-īzosi Icĭvyāra ní ingwe Icĭzēre c-úmushēzi ntígihezwá na Vuguvûyaho Ico iguhá n-îcó ikuvyărira birāngana Icó Imâna igutútse ní co kikwĭca Icó uhāwé n-úgutôra ucākwa n-úgutâkara Icó umūntu akorá ní co kimukóra Icó umutíma ukūnzé isógo zisūmba inyama Icúmu rizôgucûngura ntúmenyá iyó ryăcuriwe Ifí ntímenyá ikirâza ishîngá urusěnga Ifí yāma mu mâzi ikāmana inyôta Ifúku itāzí agaheza ishōra agatwé ku mushíbuká Igera ntíritegá imvubú Igihēko gihēkera uwuhêkewe n-Îmâna Igihere giheza umugabo mū nzu Igikéburwa nticûmve ní imbwá kw-īgúfa Igikére gikera kítarâkererwa Igípfa câbúriwe ní impōngo Igisânīrá gica umwāno ishíga ryîkoreye Igisúma ní igifáshwe Igisúru kivūvūdikirwa mu gahubo Igíti căgukoze mu jîsho cāma gíhiritse Igíti cīkwîje amáhwa gitēra inkēnde amakēnga Igíti cīswé ingoma ntikibāzwá Igíti cīswé umwâna ntígicānwá Igíti cūmyé cēgamira kibísi Igíti kigorōrwa kíkiri gitó Igíti kimwé ntíkibá ishāmba Igíti kirakúrira mu babāji Igíti ntíkigukóra mu jîsho kabiri Igíti utarí bwūríre ntúkirângamira Igitíka mu mapfá cīyita Bāndyabângaya Igitó gita uwagíkōye ntígitá uwakívyāye Igitó gitābwa iwăbo Igitúgu kirakúra ntígisūmbá izosi Ijāmbo rigukŭnze rikuguma mū nda Ijana ntíryānká mu rĭndi Ijîsho Nyawĭkwēgera riha abakwé ibinóko Ijîsho rigēnzwá n-ákăndi rigushīma akêmo Ijîsho riguséma n-írigúhēzagira ntákanurá kumwé Ijîsho rigutúka inkúba n-írigútuka inkúmi ntúriyobérwa Ijîsho ry-úwŭndi ntírigushĭmira umugeni Ijoro ntírigirá umutwăre Ikigoyi kīza bárima Ikigútwāye umutíma ní co kigutwăra agatwé Ikimúga gisūmba imvá Ikinyóma cā nyené urugó bagiha intébe kikīcaráko Ikinyóma cīca nyené co Ikinyóma cûmvīse ukúri kimena urūgi Ikinyóma kimara umŭsi ntíkimará umwâka Ikinyóma kiraryôha ntíkiryá umutsíma Ikinyoni kigurútse kítavuzé bacīta icâna Ikirémēra umutwé sí co kiremêra umutíma Ikirîrahábiri ntígiteramira ahó bavyiná amahása Ikirúta ikĭndi ní ijāmbo ry-úmusâza Ikirwa c-úmwămi ugiherūka ukícūbaka Ikitâzí cāmbarira urunega mu bakínegura Ikitâzí cīgānzira agahîye Ikitâzí cītiranya imāmba n-úmusíba Ikivūmbiko ntígitēshá ikivûmbuzi akarí ku mashíga Ikiyāgo gisūmba ikivi Ikīza ntíkīzíra umwé Imâna ifasha uwĭfashije Imâna igarurira ku makōmbokōmbo Imâna igira ahó imāníye Imâna igira amabóko marēmare Imâna iguhá irutwa n-íyăkīra Imâna iguhăye ní yo ikwăka Imâna ikurăbira umwânsi muba múri kumwé Imâna ikuvyărira sí yo ikureréra Imâna iragúha ntímugurá Imâna irarema ntítōránya Imâna itegéka ibīntu ní yo nkúru Imâna ntîhá uwĭcaye Imâna ntîhá uwĭsīze Imâna ntísīnzîra Imâna ya mwêne só si yó ya mwêne nyoko Imānga ntímaríra Imâna Imbeba irāríye umwôro iguguna urūgi Imbeba ntísāzíra mu kigega Imbeba zīyóbewe zitōnganira mu bigega Imbîtsi ya cāne ibīkira mukēbá Imbóga mbí ntízivá mū nkóno Imbógo ihotora ihîgwa Imbúrabâna yūgūmbira irekwe Imbúrabúgiríre ihūnga ijāmbo Imbúramaboko ibagara umushatsi Imbúto itēwé ní yo imerá Imbwá ibura sé ntíburá shêbuja Imbwá ifise amaguru ané igaca mū nzira imwé Imbwá ikugá ntíryāná Imbwá itūbáha indăva ikeburwa n-înyágutwí Imbwá itwāwé ku rutúgu ntíhīgá Imbwá ntígutwěngera iba ishâka kukúrya Imbwá ntísumá n-îyó isumyé ntíshikána Imbwá y-úmukwé ní yo mukwé Imbwá y-úmusega ihīgira mu bíti vy-úrugó Imbwá y-ûmwôro yība irwâye Imbwá yīnwa na nyéne yó Imbwá yīséma irya shêbuja Imfúra igwa mū mfúruká Imfúra na sé barāngana Imfyísi itōra mu rwāngara Imfyísi y-íwănyu ikurya ikúrūndarūnda Imigére ibiri ntítēréka Imirázi isūmba guhuma Imisega ibiri ntínanírwa igúfa Imĭsi irasa ntingána Imisibo ntírerá Imisózi iyó ikūmbúranye abató barahagwa Imiswi itāzí agaheza yūgamika agáca Imitămbire y-ímpōngo ní yo migĭrīre Imíti ikora ikóranye Impêmbo y-ûmwâna ipfa mu magodoka Impéne irīsha ahó izirítse Impfîzi ahó ishitsé irîvuga Impfîzi ivyāra ukó ivyāgíye Impfîzi y-índwānyi iterekērwa mwěne sé Impfîzi y-íntāma itēndera nka sé Impfûvyi iragōka Impfûvyi irīra kw-īshano Impfûvyi iseka rimwé Impĭnga imarwa n-úkuyāga Impōngo isubira ku rwûbuko Imvugirakuyamara y-úmugabo ikūndwa na báke Imvúzi ya mênshi ivuga urwĭshe nyina Imyěnge y-ínzu imenywa na nyéne yó Inánkūndakuryá yarîye ubûki bw-îfûnděri Inanyi ikamwa měnshi Inánzōbirya mvyîkoreye yapfûye atîkóra inyuma Inda iremēra irí gusa Inda ndēnde ihūmira indyá Inda ndēnde irōngwa icúmu Inda ní akamenēsha bānga Inda ní amahănga Inda ní Bahomora Inda ní Barîtōraguza Inda ní sēha uzána Inda ní umwânsi Inda ntîbá impāmba Inda uyibarira icó wayirărije ntúyibaríra icó wayihăye Inda y-ûmwôro ibonekēsha agasámo Indahiro mbí ntigwāzá mū nda Indûrú ntígānzá ingoma Indyá y-úmugayo irya umugabo Inēra ibegerwa ku bwăyo igakūra ubwătsi Inēra ikunēra ku mukŏbwa igacīka umukwé Ingayi ya cāne uyitega Uburŭndi Ingēndo y-úwŭndi iravúna Ingēnzi ntígirá ihěmbe Ingēnzi ntígirá ihěmbe Ingēnzi y-ímihana ní yo nzanyi y-ámazímwe Ingeso irarába ntíhwērá Ingeso ntíryāmírwa Ingeso y-úrugó ntíyūbáka urŭndi Ingīngo sí ibigīngo Ingīngo y-íjāmbo iva mw-ījigo Ingo tubāné ní we ingo twānkáne Ingoma igānzwa n-ámashí Ingoma iruta iróbe Ingoma yagúkānze irahuhuma ugahūnga Ingōna iva mu rûzi ikarigata urume Ingūmba irīra kū mvyêyi Ingūmba itāzí ikíbi irigata ishênyo Ingwe igutwāra igitŭngwa ikagutānga kuráka Inkezi ikera urwó birēhá Inkíre ntíkirá kabiri Inkóko irāra mw-īshāmba igacīka inkwăre Inkóko yērá itāha kare Inkokókazi irapfá amagí akabora Inkoni nzīzá imerera ahăga Inkoni nzīzá imerera ahăga Inkóno isha ukó ishāká Inkúmi ikura iyĭndi igîye Inkūnda nkúbōnye irutwa n-ínkūnda nkúzirikanye Inkúru y-ûmwâna isubira inyuma Inkwăre irāmvyé itōra mw-ītōngo ry-úwayíhīga Inkwăre itōra mw-ītōngo agatíma kári mw-īshāmba Inkwăre ivunítse ihūra n-ûmwâna Inkwăre yīcwa n-índeretsi Inkwăre zisēzerana mu masesa Inshiramazīnda ntírerá impfûvyi Intábazá irya imiziro Intábiríma ntíyabírīye Intábisíga ni yó ntábisânga Intárābóna isēra iháha Intébe irutwa n-íntemére Intîbágira ntíbāná Intîbágira ntírerá impfûvyi Intŏre mwōhūrira kū nzira ntíwōyirārira Intŏre ntírāmbá Inyákamwe inyaga imwé Inyama y-ámarêré yatânze umuziha gusohoka Inyama y-úmugóre isha yîhina Inyána iranúra ntíshirá irēnda Inyănge ntíharánira kwěra Inyo y-înkóko uyērekwa n-úmuyaga Inyoni iguruka yîsūnga igíti Inyósha mbí ingana umurozi Inyūndo isigáranye abâna ihōnda imisé Inzara irahéra aríko igihému kibí ntígiherá Inzara itēranya abaséka Inzara ntíyīcá batānu yīca abatânye Inzérerezi ntíhāmbá sé Inzigo izigira mu gahĭnga Inzigo ntízigáma irêmbo Inzira ntíbará inkúru Inzira y-íshāmba igēndwa n-ábayîzi Inzira ya hâfi yamáze abatwá Inzóka ntíyīgórōra iba igîye Inzu ya Musavyi ntíyahîye Irakeregeza ikaba inkěcuru Iríba riba kare Iryěze kare ntírigerá ku murara Isári ntírēngá intŏre Isáse riva ku cûma Isāzi irí ubuté ntîryá ku gisebe Iséma isema básemerera Iséma y-úmukěcuru yīsīga umusoma Ishāmba ryăbāye indahiro ntíribá indagiro Ishávu ry-úmuvyêyi rirîrirwa ntírirārá Ishíga rimwé ntíryāríka Ishirásoní sí iyiróga ní iyírya abăndi bábona Ishûrwé rirêra kăndi rírura Isóni zirīsha ishano Isúka yāmá iríma ntîgwá ingése Itáma ridatamíye ntíritamúra Itêká urihābwa n-úmugóre Ivy-ábăndi bishīnga amâso ntíbishīngá amênyo Ivy-ábapfú birya abapfúmu Ivy-ějo bibonwa n-Îmâna Ivyā gusa bitēra ubwênge buké Iyā nyuma ihāga inkoni Iyakáremye ní yo ikaména Iyakúrīye ntúyigéra inkoni Iyănka kuzímira irâbira Iyarâye ubúsa ntívugá Iyibíze nâbí uyīma ifu Iyĭgānje yīma izĭndi zíbona Iyigéze kure ntâ yitáyigéra ihěmbe Iyihôngotse arí imwé ntíbuzá izĭndi kurîsha Iyijá kurîsha ihēra kū nâma Iyikîtse ntâ wutáyikóra mū nda Iyikúbūriye ntíkuryá Iyirí ubwôba irahwêza Iyítăkōye nyoko uyihonyora mu mayêzi Iyivyâriye ku macúniro ntîbá ikíbāzwe Iyivyâye amashūri iyīcūnguza amarāgo Iyivyâye ikibóze irakírigata Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá Iyó utēyé ibuye mū mbwá nyĭnshi iyimótse ní yo ubá ugémye Iyó uvá ntíhakuvá inyuma Izā nyabutīndi zămazwe n-úmugére w-ísāzi Izijá guhóna zihēra mu ruhŏngore Izikénye ziruta izinyázwe Izo zābíra zări imitavu Izo zibiká zări amági Kabiri karazirwa Kananira abagabo ntíyĭmye Karimanzigo ntíyīmbúra Kibúrabwênge c-úmugabo yakwîkiye ishênyo mu gisomasoma Kubá murēmure sí ko kumanura imvúra Kubáho ní ukubâna Kugōrwa sí ko kugōka Kuraguza kurutwa nó kugēndereza Kure ní mū nda Kuryá ní kare Maguru ya Nyárwări yasíze imvúra n-úmuguha Mpa nūmvé yĭshwe n-úmuráhu Mpūngé urw-ăha yakímajije amaguru Mū nda haba umutíma ntíhabá umutsíma Mū nda harāra inzara hakavyūka inzigo Mukâsó sí nyoko Mukúru w-íjāmbo ní irĭndi N-ubúsa burazirwa Na Bucangênda yapfûye atágīyé Nári ntíhābwá intébe Ndabirīnze yagûye mu mirīnzi Ndacâri mutó ní bwo butīndi Ndaryĭmare ní we ndaryĭtēre Ndi umugabo ní ko gupfá Ndimé nshīmwé yagûye mw-īsemo Ndīndé yarápfūye Mpūngé arakíra Ngira ukó nakúgize ní we agōrá Ntā buja bukizá Ntā bwênge bw-ŭmwe Ntā kěra kā gusa Ntā mpōngano y-ûmwânsi Ntā mugabo umwé Ntā mukúru aburá mukúruwé Ntā muzīndutsi wa kare ku mutíma w-úwŭndi Ntā mwîzá w-ínzara Ntā nda iburá intŭntu Ntā ngoma itavugá Ntā nkokókazi ibíka isăke irího Ntā ntāmbara iburá inkomére Ntā rirênga rícāka Ntā rubănza ruburá ijāmbo Ntā rutôha rútūhíwe Ntā wakóreye Imâna yĭkoreye amabóko Ntā wăma ahîriwe Ntā wămbara yárahénye Ntā wĭcīra rubí Ntā wĭcīra urubănza Ntā wĭkūra kurí nyina ngo yaráshāje Ntā wubândwa abângikanije Ntā wubûrana n-úwumúgaba Ntā wubûrana n-úwumúhāmba Ntā wúca urubănza atūmvīse Ntā wúgwa mu bânsi ngo agēndé amahóro Ntā wuhêka uwutîsîmbiza Ntā wuhérekeza uwĭcaye Ntā wurímira amasáka ahó atagirá amasabo Ntā wurîra ibigôri ahó yagôrewe Ntā wurônderera ubwîzá mw-īkazānga Ntā wúrya inzóka ngo ananírwe n-úmurīzo Ntā wusába amáta ahó akōmbwá Ntā wusíga inká mw-īgabiro Ntā wusîmba agasîndé Ntā wutânga Imâna kwĭhebūra Ntā wutêra icúmu mw-īcúmi Ntā wutîza urūgi imfyísi zâtêye Ntā wutôngana ahó atabá Ntā wutûra ngo atūrwé hāsí Ntā yígwa mu zîko ikūráyo inkóba zöse Ntā yĭruka itábūndá Ntā zibâna zítagerána amahěmbe Ntarátaze aruta mbūndâre Ntihāgá ibihúgu hāga imitíma Nyamwānka iyó bivá yatútse umwămi w-înká Nyamwīgēndáko ntárimíra impěshi Nyené amaguru yĭrukiye nyené umugisha Nyené amâso yērekwa biké ibĭndi akîrābira Nyené ibīntu ní we nyené ubúsa Nyené imbúgitá ní uwuyífashe ikirĭndi Nyené umupfú ní we amujá ahanûka Nyina w-úmukŭngu ntávyiná nâbí Nyina w-úmūntu ní gasâto gahishá amahere Nyokórome akuruma akúbona Nzōbirya ngárutse yagûye inyuma y-íkibira Sakírimi kibí yatânze umurozi gupfá Sinabíkoze yakóze umugabo mw-īrúgu Sīndyá aka aba yárīye akăndi Sīndyá aka ahinyuzwa n-úmusáse Só akwănka akuraga ivyămunaniye Sōkwé Sōkwé irutwa na só araroga Tubiri tuvūrana ubúpfu Uba ahabóna ukahábonera Ubāna na Súnēbá ugasunēba nka wé Ubēshera uwapfûye ugapfa nka wé Ubîka inzigo ntúzigáma irêmbo Ubugâbá bw-úmugabo ní bwo búryo bwîwé Ubugabo burîhābwa Ubugabo sí urucúmu Ubugúfi sí indwâra Ubukêye bucāna ayăndi Ubukúru sí bwo bwênge Ubúmwe buramōta Ubunyegeri buyāgira kw-īgúfa Ubunyegeri bwĭnshi ntíbwīmbá Uburîye umugabo ntíbubēshérwa umwâna Ubúro bwĭnshi ntíbuvá umusurúru Uburŭndi bugona búri mâso Ubúsa busūmba akamăramāza Ubusâza bunyaga ubugabo Ubusĭmbi busāngíye amajānja ntíbuhishánya amajāmbo Ubusúma ntáwe bwěreye Ubusumano buhāza umutwé Ubúsya uwŭndi burôroha Ubuté buta mu zîko Ubwâto bwītângiye bukira umuyaga Ubwătsi burashá bukabisa ubŭndi Ubwênge bukwănse būza mū nyuma Ubwênge burarahurwa Ubwênge buva i muhana Ubwênge bw-ŭmwe ní isáho itobótse Ubwĭra bugacá ntíbugutĕranya n-încúti Ubwīriza uwuryá ngo urānsaba Ubwîzá bugukŭnze buja ku mutíma Ubwîzá bukwănse buja ahó batabubóna Ubwîzá bw-înká ní kubá imwé Ubwîzá ntíburībwá Ubwôro bucīsha ubwênge Uca bugúfi ugaca igitōke Uca mw-īshāmba utāzí ugaca inkoni utāzí Ucāna ubúsa ukēnyegeza intoke Ufōra cāne ukavuna umuheto Ugaya ahó ubá rikarēnga arího urí Ugaya ubw-îfûni ukarâra umwâka Ugēnda utábazá ugasāza utámenyé Ugēndera mu makānda y-ínzovu ugakira urume Ugona mw-īrima ikivi kikaba kírāye Uguhūnga ní uguhumāna Ugutâmbuka ní ko kugēnda Ugutânga ní ugutânguza Ugutsîtāra ní kwo kwīgirwa imbere Uhēra umurozi akaguhēkūra Uheza guhemuka ibigôri bikêra Uhisha ubwări nyoko ntíwāráma Uhishīra umurozi akakumarira abâna Ukira umukêbá ntúkirá icó avyāyé Ukó imvúra ikuvyé sí ko itwārá Ukó so aguhăye umwâka ní ko uwuryá Ukó yēzé ní ko atemwá Ukó yēzé sí ko atemwá Ukó zivugíjwe ní ko zitāmbwá Ukora icîzá ukagisānga imbere Ukubóko kumwé kurîyaga ntíkwīmára ubúryi Ukúri guca mu zîko ntígushá Ukúri gushirira mu kuyāga Ukúri kurazirwa Ukúri ntíkubuzá ukuvûmba Ukúri ntíkuvugá uwukúze kuvuga uwukûzi Ukurima ntíkubuzá ukurimārima Ukurimira mū ndâré ní ukuzīnduka Ukuvúga ntígukūrá akănka Ukwĭbarira ní kwo kubêsha Ukwĭga ntíkubuzá ukwĭganyira Ukwîruka sí ko gushika amahóro Umena ibānga rikakumena inda Umubânyi ní we muryāngo Umubĭndi ushira uvyîmvye Umubiri ubira akábi Umubiri uvyāra udáhatsé Umucúzi w-ímitíma ntíyayírīnganije Umúfa w-ímbwěbwe unyōbwa ugíshūshe Umugabo ahāga amâzi ayîvōmeye Umugabo aheza kwŭbaka bámwūbakiyéko Umugabo akira iryó atēwé ntákirá iryó agēndána Umugabo amira intóre ntámirá ijāmbo Umugabo ananira abagabo ntánaníra akōbo Umugabo anyāgirwa umubiri ntányāgírwa umutíma Umugabo apfāna imigămbi Umugabo aravúga umugóre yavugá rukaba rúcītse itōngo Umugabo arīnda akăje Umugabo asiga imbwá ntásigá umugayo Umugabo asīmba akaziba ntásīmbá akaziri Umugabo atabwīrwá yĭkebeye inyama itarībwá Umugabo atarí so akwībuka ahéjeje kuryá Umugabo atēmba kw-īcúmu ntátēmbá kw-ījāmbo Umugabo atīnya ingwe ntátīnyá iyamwînjiranye Umugabo atūnga uwŭndi apfûye Umugabo mubí ní ubwâgiro Umugabo ní umwâna w-úwŭndi Umugabo ní umwūgariro Umugabo ntáhorá ararwāna aba akûmbuye gutêka Umugabo ntápfīrá izûba rimwé Umugabo ntávūmbá inzóga avūmba ijāmbo Umugabo ntíyīcwá n-ínzara yīcwa n-ínzigo Umugabo umwé agerwa kurí nyina ntágerwá ku mwămi Umugáni ntûvá ku gíti uva ku mūntu Umugáni ugana akarího Umugáni ungana ingoma Umugēnzi arakurutira incúti Umugēnzi ararírēnza Umugére uva kū nyo Umugére w-úmugóre uhīnda uhéra Umugóre arakáma intáre Umugóre asa n-ûmwâna Umugóre atānwa abâna ntátānwá ibigega Umugóre ní inkĭngi y-úrugó Umugóre ní ndyāna n-úwějeje Umugóre ntárirîmba aba aríko aracúra intîmba Umugóre ntásīmbá urugó aba agômba kurugwa inyuma Umugóre ntátwārá icúmu Umugóre sí akazûru Umugóre w-întárimá yōnsa isúka Umuhĭgi arí kure ntávuná imbwá Umuhíni mushăsha utēra amabávu Umuhúshatûnga w-úmugabo ahusha umugóre Umukěngesha w-ímpōngo ayihīgīsha iróbe Umūntu ahūnga urwîmo ntáhūngá urupfú Umūntu akira icó abēshéwe ntákirá icó yībêsheye Umūntu arasōnza akībuka n-ûbwó yahâye imbwá Umupfú ntáburá uwumúpfunya Umuryāngo ntúbuzá umuryângo w-ínzu kuva Umuryāngo uba ku muryângo Umuryāngo ujá guhóna ubāndwa wöse Umuryāngo umwé ntíwūríza umwămi umugwa Umuryāngo utaziríriza urazíma Umuryí wa cāne ahasha umusyi Umusavyi w-ûrwânko agabana n-íngoga Umusazi arasara akagwa kw-ījāmbo Umuségo utagoná nyoko ntíwīshîmirwa Umushēzi yānka uwŭndi Umusóre umuhana aváyo ntúmuhána ajáyo Umusóre yōkurásira ntíyōgusabira Umúswa urya umuhíni usótera isúka Umutâga wīmukira ijoro Umutámiro w-ífūndi uhāza umuryāngo Umutavu wó mu kanwa uracá ntíbagarúra Umúti w-îmbwá wāhwa ku rugó Umutíma ntûbá mwôro Umutíma ntúgirá igúfa Umutíma usobétse amagánya ntúsobânura ijāmbo Umutīndi atīnda ku mwônga abăndi bávōma Umutīndi w-înká atuka uwayímutīje Umutsíma w-Îmâna urya abarâmbije abarâmbiwe bátāshe Umutwé umwé ntíwīgîra inâma Umuvyêyi ahakurira ku rutaro akarīra ku rutoke Umuvyêyi atarí nyoko agushīmira inda yā mbere Umuzímu urīra ku muzima Umwâka w-ákănka ubúro burabûngwa Umwămi acumura yîcaye Umwămi ntíyīcá hīca Uburŭndi Umwâna ahora atînya ikára arítōye Umwâna ananira sé ntánaníra sêntáre Umwâna arahôngoka nyina akâsama Umwâna arakunanira arí uwâwé Umwâna arya inkóko nyina akayiruka amŏya Umwâna murizi ntátōrwá urutózi Umwâna sí uw-ŭmwe Umwâna umurya imvānda akazōkurya imví Umwâna umwé ntâ mwâna Umwâna w-íngwe ní yo ngwe Umwâna w-ínkēnde apfa yûrira igíti Umwâna w-îséma arirana umutsíma mū ntoke Umwâna w-îséma avuma ibêre ryămwōnkeje Umwâna w-îsúre avūkana isūnzu Umwâna w-úwŭndi akurya múyāga Umwâna w-úwŭndi ugira ngo ingo turwāné ntúgirá ngo ingo ndagukubíte Umwâna w-úwŭndi yīmba agúhisha ivú Umwâna yānāna kurí nyina Umwānda uhera iyó wagîye ntúherá iyó wavûye Umwânsi agucīra icōbo Imâna ikagucīra icānzo Umwânsi ntâbá kure Umwânsi ntâbá umwâna Umwânsi ntánūká Umwônga umwé wōnza inyoni Umwŭngere w-índa ntácūrá amahóro imĭsi yöse Urahora útyo ntâbá mu rugó rw-úwŭndi Urāmba cāne ukarīnda uruvyíno rw-îmbwá Ureka kugarura impéne ikíri hăfi yamará kurênga imirămbi ukābira nká yo Ureka kurimira umwâna w-ínyoni uwâwé agasōnza Urera nâbí ugatukwa n-ábakwé Urima biké ukīmburira mu gipfŭnsi Urima itíro ukīmbura ingonera Urímye ikibára hakamera inzúzi ntízibá arí izâwé Urubănza rumwé rumara zibiri Urubúze inkwăre ruvūmbukana igihuna Urugó rubuzé umugabo rubura umuhoro Urugó rugira babiri Urugó rugira babiri Urugó rurímwo umugabo runywa amáta Uruhănga rw-úmugabo rurarârīra rúsīnziriye Urukûndo rutarímwo umukûnzi ntírurāmbá Urukûndo rwītūzwa urŭndi Urukwâvu rurakúra rukōnka umwâna Urupfú rw-îmbwá ní inyama Ururími ntírwōnzá umukŏbwa Uruvúze umugóre ruvuga umuhoro Urw-ûmwôro rumara zöse Urwânko rutēsha urwârwá Urwĭba rwība umugabo Usaba Imâna y-úwŭndi ikaguha amahere Usaba umwîzá mugasa Usāngira ibānga n-îmbwá ikarikwīza ibisáka Uta akarānga ukaba utâye ibānga Uta umwūga ukaba utâye umwâna Utāmbira umwămi atagushăka akakwīta umusazi Utamira umugēnzi arí kū nâma ukaba utámira umutānga Utēka ubúsa ukamira ubŭndi Uturuka buká ugatāha bunyama Utwâwé ní utwó urāyé urîye Uwabírimye sí we yabírīye Uwămbuwe n-ûwâzí ntâtá ingáta Uwămye akúruta akurusha n-îmvá Uwănka amazímwe abāndwa hábona Uwănka kugâmbararirwa atuma uwukúze Uwănse kwŭmva ntíyănse kubóna Uwarâye nêzá aseka uwarâye nâbí Uwatînye gupfá ntíyavûtse Uwĭgize igikútso bamuyōza amasé Uwĭherēreye amwa inákuru Uwĭkīngirije umwămi arasa uwó ashāká Uwĭshwe n-ûwîwé ntárirírwa Uwĭtara kubá igihuna ahunikira búkēye Uwĭtēra umwôro amwēreka mu kigega Uwĭtōnze akama ishâshi Uwĭtōnze amira ibinóze Uwĭyimye asa n-úwĭyahuye Uwó bukubíye akubira umukúbi Uwó bwăhamye ahamiriza arí umwé Uwó utabōnyé ku rupfú rwā só ntúmubóna ibigôri vyêze Uwó wakíjije ní we akwĭca Uwubândwa ní we abāndá urūgi Uwubûndabūnda abonwa n-úwuhágaze Uwubwîra uwŭmva ntávuníka Uwúca umugáni ntátarámura umwâna Uwudásavyé ntákirá Uwudáshōnjé ntáshērá Uwudásizé umwâna asiga umugáni Uwufíse imbwá ntâtá igúfa Uwugômba isīmbo asīmba urugó Uwugômba kugabana arazīnduka Uwugôwe aragōka Uwugúhanūra kurēndegera aba agúteze umushíbuká Uwugúsavye umwūhīro aba agútaze umusêsekará Uwugútānze gukáraba agutānga kubega Uwuhágarikiwe n-íngwe aravōma Uwuhána inzara arayirimira Uwuhána umurozi amubītsa umwâna Uwuhânzwe n-îsînzí ntásīnzîra Uwuhênzwe n-ágahêngwé acāna inkīnzo Uwuhêtswe n-úmukêbá atēra agahînda insīmbizo Uwujá gukíra icí aracûmbagira Uwujá gukíra indwâra arayirāta Uwujá gutûnga arima abagēnzi Uwujá kubá mu Burŭndi agira amâso ntágirá amatwí Uwujá kugaya ijāmbo arāba umunwa urivúze Uwujá kwŭmva arûmviriza Uwukêngurutse aba yôngeje Uwukíze isěmu yībagira icămwīrukana Uwukíze ubusóre arabuganira Uwukóma amashí ntákubítwa kū ntoke Uwukúbita inkēnde ntárābíra iyiháka Uwukúrāvye cāne agutēra kwāmbara Uwukúrusha umugóre akurusha urugó Uwunyázwe n-ámagára ntákomôrerwa n-ábagabo Uwupfûye aba arúhūtse Uwurí hăfi y-úmuvyêyi ní we agabíra Uwurí mū ntăhe arêzwa ntíyīyéza Uwurí mūsí y-íjuru ntátīnyá imitúragaro Uwurívuze mu gushēngera ntâbá agîye Uwurúcīye mūsí (urugó) ntámenyá ikirúrimwó Uwusába agasákanyíka aranūkirwa akîhorera Uwusába Imâna ntásarágara Uwushâka akêzá aragáhebera Uwushâka umubíra abira akŭya Uwushâka umucé acīka ijoro Uwushâka urwâmo yēnga urwârwá Uwushônje ntíyūmvá Uwutábōnyé agasóhoka ntáboná akĭnjira Uwutábusyá abwīta ubumera Uwutáharí asa n-úwapfûye Uwutânga nêzá atānga kabiri Uwutárābóna ntávugá Uwutárahéra aba arahékenya Uwutári bukuvúne yōkuva inyuma Uwutáyāzé na sé ntámenyá umugáni wa sěkuru Uwutâzí akarâye arāza ifu Uwutâzí imĭsi arāta urugó Uwutâzí inzira yazanánye ahanwa n-ámayirábiri Uwutâzí Uburŭndi aburūndwámwo Uwutâzí ubwênge ashīma ubwîwé Uwutâzí umukŭngu yīma umwâna Uwutâzí umwânsi asīga umubiri Uwutéma urwîwé umutīza umuhoro Uwutîgába ntíyīgáburira Uwutsînzwe ntíbatsīndáho Uyāgira urupfú uwutărubōnye ukaba uménye ibānga Wānka bāngwé ntíwānká zana ndābé Wānka gutâmbana imví ukazívūmbana Wānka kugaburira umushitsi ukaba ugôtse Wānka kurimana imví ukazisēgana Wānka kurimira kure ukahasumira Wīrukana umugóre ngo aguguna igúfa ukāzana uwurímira miyônzwá Wītaba kare ugatumwa kure
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 172 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Bujumbura
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2021 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...